Amezi icenda mu kirere, bigira ingaruka nyabaki ku mubiri w'umuntu

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, James Gallagher
- Igikorwa, Health and science correspondent, BBC News
Kumara igihe mu kirere wihweza umubumbe w'Isi ku rugero ntagereranywa ni ikintu benshi muri twebwe twipfuza.
Ariko rero, umubiri w'umuntu waremwe kugira ngo ukore wishimikije inguvu z'isi zo gukwegakwega (gravité/gravity).
Rero ingaruka zo kumara igihe mu kirere umubiri ata nguvu z'uburemere ugira bishobora gufata imyaka kugira ngo umuntu asubirane neza.
Abahinga mu ngendo zo mu kirere (Astronauts) Suni Williams na Butch Wilmore baragarutse kw'isi inyuma y'uko urugendo rwabo rw'imisi umunani bari ku kigo mpuzamakungu c'ikirere (International Space Station, ISS) ruhindutse rukavamwo urw'amezi icenda. Ubu, bariko bagerageza gusubirana.
Prof Damian Bailey, akora ubushakashatsi kuri kamere y'umubiri w'umuntu, kuri kaminuza ya South Wales, avuga ati: "Ikirere ni co kintu ca mbere kigoye kuruta ibindi bibanza vyose abantu bashobora guhura na vyo, kandi ntitwaremwe ku buryo dushobora guhangana n'ibintu bikomeye cane".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kwinjira mu kirere birahindura umubiri w'umuntu – kandi mu ntango ibi birateye ubwoba.
Umu-astonaut Tim Peake, yagiye ku kigo ISS mu 2015, agira ati: "Ni nk'akaruhuko.
"Umutima wawe uraremuruka.
"Imitsi n'amagufa vyawe biraremurukwa.
"Uba uriko ureremba uzunguruka muri iki kigo ahantu heza cane, umubiri ata buremere ufise[zero gravity]".
Ibaze kumara amayinga uri mu gitanda utigera uvyuka – iki mu vy'ukuri ni bumwe mu buryo abahinga bakoresha mu gutohoza ku ngaruka z'umubiri uba uri ahantu udakwegakwegwa n'inguvu z'isi(apesanteur/zero gravity) – uca wumva ukungene ibintu biba bimeze.
Inguvu z'umubiri
Ariko iyo bishitse ku nguvu z'umubiri (muscles strength), haba ikibazo co kuzikoresha canke kuzitakaza.
Burya no guhagarara gusa hakora inguvu z'umubiri kugira ngo ushobore kuguma uhagaze.
Iyo rero uri kuri ISS hatagira inguvu z'isi zishobora kugukwegakwega, ivyo nta bibaho.
Inguvu z'umubiri rero ziba ikindi kintu gitandukanye iyo ibintu vyose vyatakaje uburemere.
'Ugusaza ningoga'
Umutima n'imitsi itwara amaraso navyo nyene biraremurukwa kuko bitaba bigikeneye inguvu z'isi zo gukwegakwega buri kintu mu gusunika amaraso – na vyo nyene rero bica bitangura kugoyagoya.
Amagufa nayo nyene aragoyagoya kandi ashobora kumeneka vyoroshe.
Mu bisanzwe hakwiye kuba uburinganire hagati y'uturemangingo tumena igufa rishaje n'uduhingura rishasha.
Ariko rero ubu buringanire burahungabana ku buryo ntasubirizwa kubera za nguvu z'isi zikwegakwega buri kintu ziba zitahari.
Prof Bailey avuga ati: "Buri kwezi, hafi 1% vy'amagufa yabo n'imitsi yabo birazimangana – ibi bituma umuntu asaza ningoga".
Ibi rero biza kugaragara iyo umuntu agarutse kw'Isi.
Iyi videwo (nubwo iri mu congereza) iri musi yerekana aba ba-astronauts bakenera gufashwa kugira ngo bashobore kuva muri ico kigendajuru kandi bagaca bashirwa ku nderuzo.
Ibi vyose ni vyo bituma kugira ngo umuntu aje mu kirere ategerezwa kugira amagara meza cane.
Hanyuma, buri musi bategerezwa gufata amasaha abiri y'imyimenyerezo – bakoresheje ivyuma birimwo ivy'imyimenyerezo yo kwiruka, kunyonga ikinga, no guterura ivyuma biremereye - kugira ngo imitsi n'amagufa bigume bikomeye uko bishoboka kwose.
Ubu naho, Suni na Butch bazotegerezwa gushirwa ku myimenyerezo y'urutavanako kugira ngo umubiri usubirane ivyo watakaje.
Dr Helen Sharman, Umwongereza wa mbere yagiye mu kirere, agira ati: "Birashobora kubatwara amezi kugira ngo umubiri ugarukane inguvu".
Ku bijanye n'amagufa, bishobora gufata "imyaka itari mike" kugira ngo asubirane - ariko n'aho nyene, hari "bike bihinduka mu bwoko bw'amagufa tunagura iyo tugarutse kw'Isi, mbere rimwe na rimwe ntazokwigere anasubira kumera uko yari ameze".
Ariko ibi ni imitsi n'amagufa gusa – ikirere gihindura umubiri wose.
Mbere n'ubwoko bw'udukoko nkenerwa mu mubiri wacu – ikizwi nka microbiome – turahinduka.

Ahavuye isanamu, NASA
Amazimazi yo mu mubiri na yo nyene arahindura ukungene atembera iyo umuntu ari aho hantu hatagira inguvu z'Isi zo gukwegakwega ibintu.
Aho kumanuka atera aja mu maguru nk'uko bimeze iyo umuntu ari kw'Isi, aya mazimazi atemba aja mu gikiriza no mu maso.
Kimwe mu bintu vya mbere vyerekana izi mpinduka ni ukungene usanga umuntu avyimvye mu maso.
Ariko ibi bishobora kandi gutuma ubwonko buvyimba n'ijisho rigahinduka, harimwo n'imitsi yaryo, imbonero n'imero yaryo.
Kandi ibi "bibazo vy'amaso bivuye ku ngendo zo mu kirere" birashobora gutuma umuntu abona ibikeke canke amaso akononekara ku buryo ntasubira inyuma.
'Ibizunguzungu'
Ukuba mu kirere hatagira inguvu z'Isi birahungabanya kandi ubushobozi bwo guhagarara neza no kumenya hejuru canke hasi.
Mu kirere, nta hejuru, hasi canke ku ruhande.
Uduze mu kirere ushobora gutakara – co kimwe n'iyo ugarutse kw'Isi.
Tim Peake avuga ati: "Ico gice ca mbere co guhagarika kwumva ibizunguzungu, co gushobora guhagarara neza no kugarukana inguvu zo bushobora gutembera bisanzwe, kirafata imisi nk'ibiri canke itatu".
"Iyi misi ibiri canke itatu ya mbere umuntu agarutse kw'Isi irashobora kuba igihano gikomeye".











