Mwakoze kubana natwe!
Amakuru y’ikibiriraho ni aha tuyasoreje uyu munsi, ni ah’ejo.
Masoud Pezeshkian yaburiye ko batazorera amaboko igihe Israel ibandanya irasa "abavukanyi bacu bo muri Liban."
Chançard Abimana, Didier Bikorimana na Gisèle Berwa
Amakuru y’ikibiriraho ni aha tuyasoreje uyu munsi, ni ah’ejo.

Ahavuye isanamu, Abiy Ahmed Ali/Facebook
Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia yatangaje ko yakiranye “amaboko yompi” Prezida Evariste Ndayishimiye w’u Burundi ari murugendo muri iki gihugu, avuga ko uru rugendo “ruzorushaho gukomeza umubano” w’ibihugu vyompi.
Nta makuru akwiye yatangajwe ku rugendo rwa Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe muri Ethiopia, igihugu kirimwo icicaro c’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ubu asanzwe arongoye mu kiringo c’umwaka umwe.
Ku biraba uwo muryango, Prezida Ndayishimiye ahanzwe n’ibibazo birimwo intambara muri Sudani, mu buseruko bwa Congo, n’ibindi.
Iryo shirahamwe kandi ubu rihanzwe n’ingene Uburundi bwatanze Macky Sall nk’umukandida ku mwanya w’umunyamabanga mukuru wa ONU, ico ibihugu vyose bigize iryo shirahamwe bitavuzeko rumwe.
Mu rugendo rwiwe, vyitezwe ko Uburundi na Ethiopia bishika ku masezerano yo gufashanya mw’iterambere mu bisata bitandukanye.

Ahavuye isanamu, Abiy Ahmed Ali/Facebook

Ahavuye isanamu, Abiy Ahmed Ali/Facebook

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zasohoye itangazo rishasha risaba abanyagihugu bayo gusubira kwiyubara gufata ingendo baja muri Nigeria, bivuye ku bibazo bikomeye vy’umutekano birimwo iterabwoba, ukunyuruza abantu hamwe n'imigumuko y'abanyagihugu.
Mw'itangazo ryasohowe ku musi wa gatatu, Amerika yashize uturere 23 two muri Nigeria ku rugero rwo hejuru rwo kugabisha, aho abanyagihugu babwirizwa kwirinda kuja muri ivyo bice na gato, kubera umutekano uvugwa ko uhungabanye cane.
Amerika kandi yemeje ko abakozi bayo batari ngombwa hamwe n’imiryango yabo bo muri ambasade iri i Abuja boshobora kuva muri ico gihugu, kubera uko umutekano uriko urunyuka.
Iri tangazo rije rikurikira ukwiyongera kw’ibitero vyahitanye abantu mu bice bitandukanye vy’igihugu, harimwo Plateau na Benue, hamwe n’ibitero vy’abarwanyi bo mu buraruko bushira ubuseruko.
Abategetsi ba Amerika bavuga ko ibitero bishobora kuba mu bibanza bihuriramwo abantu benshi nko mu masoko, mu mashuri no mu bibanza vyo kwiyunguruza.
Iyo mburi yerekana impungenge z'ukwiyongera kw'imigenderanire hagati y'imigwi y'intagondwa n'imigwi y'inkozi z'ikibi.
Abategetsi ba Nigeria ntibaragira ico bavuga kuri iri tangazo gushika ubu. Muri kahise, leta yaragiye inegura amatangazo nkayo, ivuga ko adaha agaciro intambwe imaze guterwa mu bijanye n’umutekano, kandi ko ashobora kugira ingaruka mbi ku bijanye n’urudandazwa , ingendo hamwe n'utwigoro two kuduza ubutunzi.
izindi nkuru wosoma:

Ahavuye isanamu, Iran's Presidential website/WANA (West Asia News Agency)/Handout via REUTERS
Umukuru w’igihugu ca Iran avuga ko ibitero vya Israël muri Liban “vyarenze ku mugaragaro” ayo masezerano yo guhagarika intambara.
Masoud Pezeshkian yavuze mu butumwa yashize kuri X ati: “Ivyo bikorwa vyerekana ububeshi no kutubahiriza amasezerano, bigatuma ibiganiro bitakigira akamaro.”
Yavuze kandi ko amaboko ya Iran “azoguma ku mbarutso y'inkoho” kandi ko igihugu kitazokwigera “giheba abavukanyi bacu bo muri Liban.”
Ibi vyashitse umusi umwe inyuma y’uko igisirikare ca Israël kivuze ko cateye Liban ibitero vy’indege birenga 100, kivuga ko vyari bigenewe Hezbollah.
Umushikiranganji wa mbere wa Israël, Benjamin Netanyahu, yavuze ko Israël izobandanya gutera Hezbollah “aho hose bikenewe.”
Hagati aho, umukuru w’inama nshingamateka ya Iran yaburiye ko “ukurenga ku masezerano yo guhagarika intambara bifise ingaruka zikomeye kandi bituma haba inyishu zikomeye.”
Mohammad-Bagher Ghalibaf yavuze ko Liban ari “igice kidashobora gutandukanywa n’ayo masezerano,” kandi ko “ata kibanza co guhakana canke gusubira inyuma gihari.”
Yongeyeko ati: “Nimuhagarike umuriro ubu nyene.”
Izindi nkuru wosoma:

Ahavuye isanamu, Reuters
Isesengura ku makuru (data) y’ingendo zo mu nyanja arerekana ko amato icyenda ari yo amaze guca mu muhora wa Hormuz kuva mu rukerera rw’ijoro ryo ku wa kabiri ubwo hemezwaga agahenge no guhagarika imirwano mu gihe cy’ibyumweru bibiri.
Haracyari urujijo ku kumenya neza niba leta ya Iran izemerera amato guca mu muhora wa Hormuz.
BBC Verify irimo gukurikirana ingendo z’amato muri uyu uhora kandi iremeza ko zikiri nkeya cyane muri iyi nzira icamo ibitoro bigera kuri 20% bigurisha ku masoko y’isi.
Kuva iyi ntambara itangiye Iran yafunze uyu muhora kandi yarashe ku mato amwe n’amwe yagerageje kuwucamo.
Mbere y’intambara amato nibura amato 138 yacaga muri uyu muhora ku munsi, nk’uko imibare y’ikigo Lloyd’s List ibigaragaza.
Nk’ingaruka z’ifungwa ry’uyu muhora, igiciro cy’ibitoro cyakomeje kuzamuka kugeza no mu bihugu byo mu karere. Igiciro cy'ibitoro kigira ingaruka ku giciro cy'ibicuruzwa byose dukenera kuko byinshi bikenera ubwikorezi.
Mu Rwanda litiro imwe ya lisansi iherutse kongerwaho amafaranga arenga 300 naho muri Tanzania yiyongereyeho arenga 500 Tsh, mu gihe muri Kenya hejuru ya 20% bya ‘station’ z’ibitoro zivuga ko ntabyo zifite.
Amato agera 800 yaheze hakurya y’umuhora wa Hormuz kubera iyi ntambara nk’uko bivugwa n’umwanditsi mukuru w’ikigo cya Lloyd’s List.
Izindi nkuru wasoma:

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu kiganiro yagiranye na BBC, Minisitiri wungirije w’ububanyi wa Irani avuga ko Amerika “igomba guhitamo” niba ishaka intambara cyangwa amahoro.
Saeed Khatibzadeh yagize ati: “Ntibashobora kubigira icyarimwe. Ntibijyana, [ibyo] birasobanutse neza.”
Yavuze ko ibitero Israel ikomeje kugaba muri Libani ari “ihonyora rikomeye” ry’agahenge hagati y’Amerika na Irani ndetse ko ari "itsembatsemba".
Ingabo za Israel zivuga ko ibitero byazo byo mu ijoro ryacyeye byarashe ku bikorwa-remezo by'umutwe wa Hezbollah wo muri Libani ufashwa na Irani.
Minisiteri y'ubuzima ya Libani ivuga ko abantu 203 biciwe muri ibyo bitero byo ku wa gatatu – byamaganwe henshi mu mahanga – naho abandi barenga 1,000 barakomereka.
Minisitiri Khatibzadeh yavuze ko Irani isaba “buri muntu wese mu Burasirazuba bwo Hagati gukurikiza aya masezerano...kandi twiteze Abanyamerika kubigenza gutyo na bo n’inshuti zabo”.
Ubwo yari abijijwe n’umunyamakuru Nick Robinson wo mu kiganiro Today cya BBC Radio 4 niba Irani izava mu biganiro niba ibitero bya Israel bikomeje, yagize ati: “Turimo kwibanda cyane ku mibereho myiza y’Uburasirazuba bwo Hagati bwose.”
Izindi nkuru wasoma:

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida w’impuzamashyirahamwe y'umupira w’amaguru muri Afurika, Patrice Motsepe, yavuze ko yakwishimira ko hakorwa iperereza ku birego bya ruswa muri iri shyirahamwe, avuga ko nta cyo bafite bahisha. Ni nyuma y’inama yagiranye n’abategetsi ba Senegal i Dakar ku wa Gatatu.
Leta ya Senegal yasabye ko hakorwa iperereza kuri ruswa nyuma y’uko CAF itegetse ko iki gihugu cyamburwa igikombe cya 2025 kigahabwa Maroc bari bahanganye ku mukino wa nyuma.
Patrice Motsepe yagiranye inama n’abakuru b’Ishyirahamwe ry’Umupira w’Amaguru rya Senegal ndetse na Perezida wa Senegal, Bassirou Diomaye Faye, ku wa Gatatu, aho yasabye ko habaho ubumwe nyuma y’ingaruka zatewe n’ibyabaye kuri uwo mukino wa nyuma.
Kuri uyu wa Kane, arajya muri Morocco mu zindi nama nk’izo.
Yabwiye abanyamakuru ati: “Nakwishimira iperereza iryo ari ryo ryose ku birego bya ruswa muri CAF, ryakorwa na guverinoma cyangwa ikindi kigo icyo ari cyo cyose.
"Tuzatanga ubufatanye bwuzuye. Ntidushobora guha abana bacu ishusho y’uko kugira ngo umuntu atsinde mu buzima agomba kuba umunyabinyoma cyangwa umunyamanyanga.
"Hagomba kubaho kutihanganira na gato ruswa, niyo mpano nziza dushobora guha umupira w’amaguru muri Afurika ni iyo.
Motsepe yanahakanye ibitekerezo byose by’uko Morocco yaba yarafashwe neza kurusha andi makipe mu buryo bwo kujurira.
Yagize ati: “Nta na rimwe igihugu na kimwe muri Afurika kizafashwa cyangwa kigahabwa amahirwe kurusha ikindi. Ibyo ntibizigera bibaho. Kandi dufite icyizere ko tuzava muri ibi bibazo turi abanyamuryango barushijeho kugira ubumwe hagati y’ibihugu 54 byo muri Afurika.”
Izindi nkuru wasoma:

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida w’Amerika Donald Trump amaze kwandika ku rubuga nkoranyambaga Truth Social, aburira Irani ko “‘Kurasa Kuratangiye’, kunini cyane, kandi kwiza cyane, ndetse gukomeye cyane kurusha uko umuntu uwo ari we wese yigeze abona mbere” niba “AMASEZERANO NYAYO” atubahirijwe mu buryo bwuzuye.
Uburyo amasezerano y’agahenge k’ibyumweru bibiri, yagezweho hagati y’Amerika na Irani, asobanurwamo buratandukanye.
Ukutayavugaho rumwe gushingiye ahanini ku bundi buryo asobanurwamo bwa gahunda igizwe n’ingingo 10 bwagiye ahagaragara.
Trump avuga ko "hari itsinda rimwe ryonyine ry'"INGINGO" zifite icyo zivuze zemewe na Leta Zunze Ubumwe [z’Amerika]".
Yasobanuye neza icyo ashaka mu cyo yita amasezezerano nyayo: “NTA NTWARO KIZIMBUZI ZA NIKLEYERI ndetse, Umuhora wa Hormuz UZAFUNGURWA & [kandi] UTEKANE”.
Habayeho uburyo bwinshi bwo kubisobanura ku ruhande rwa Iran.
Ibitangazamakuru bya leta ya Irani byahishuye ko ingingo imwe irimo kurangiza imirwano muri Iran, Iraq, Yemen na Libani, kongera gufungura umuhora wa Hormuz, no kwiyemeza byuzuye gukuraho ibihano Amerika yafatiye Irani.
Nyuma, gahunda igizwe n’ingingo 10 y’akanama k’ikirenga k’umutekano w’igihugu ka Irani yagaragaye ndetse yongeraho itunganywa rya uranium ndetse Iran igakomeza kugenzura umuhora wa Hormuz.
Ubusabe bujyanye n’itunganywa rya uranium nyuma bwaje gukurwa mu nyandiko isemuye mu Cyongereza y’ako kanama k’umutekano.
Mu butumwa bwe, Trump ntiyakomoje ku kuba agahenge karimo Libani, icyo gihugu na cyo kiba ari indi ngingo ikomeye itavugwaho rumwe mu bigize amasezerano y’agahenge.
Izindi nkuru wasoma:

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gitondo cyo kuri uyu wa kane igiciro cy'ibitoro cyazamutse ku isoko mpuzamahanga mu gihe abashoramari bakomeje gukurikirana uko ibintu bihagaze ku gahenge hagati ya Amerika na Iran.
Aya masezerano y’agahenge y’ibyumweru bibiri yatangiye kugeragezwa nyuma y’uko Israel igabye ibitero byinshi kandi bikomeye muri Libani, bituma Tehran iburira ko hazabaho “igisubizo kizatera kwicuza” niba ibyo bitero bikomeje.
Ibiciro by’ibitoro byari byamanutse cyane ku wa Gatatu nyuma y’itangazwa ry’ayo masezerano arimo kongera gufungura inzira y’ingenzi mu bwikorezi bwo mu mazi y’umuhora wa Hormuz.
Urujya n’uruza muri iyo nzira y’ingenzi ikoreshwa mu gutwara ibicuruzwa by’amato rwarahungabanyijwe cyane nyuma y’uko Iran igabye ibitero ku mato yagerageje kunyura muri uwo muhora, yihumura ku bitero byo mu kirere byagabwe na Amerika na Israel kuri Iran.
Akagunguru k'ibitoro bitunganyije kazwi nka Brent kazamutseho 2.2% kagera ku madolari 96.7 ya Amerika.
Ibiciro by’ibitoro biracyari hejuru cyane ugereranyije n’uko byari bimeze mbere y’uko intambara itangira ku wa 28 Gashyantare.
Ingaruka z'izamuka ry'ibi biciro ryatangiye kuboneka mu bihugu byo mu karere aho muri Tanzania litiro imwe ya lisansi yazamutseho amashilingi arenga 500 y'icyo gihugu naho mu Rwanda ikazamukaho amafaranga arenga 300.
Abacuruzi bakomeje kureba niba hari impinduka ziba ku itcuruzwa ry’ibitoro, mu gihe umubano hagati ya Iran na Amerika “bigaragara neza ko udakomeye”, nk’uko byatangajwe na Danny Price wo mu kigo cy’ubujyanama cya Frontier Economics.
Yongeyeho ko kubera ko bimwe mu bikorwaremezo by'ibitoro na gaz byangiritse bizatwara igihe kugira ngo bisanwe, bishoboka ko ibiciro bizakomeza kuba hejuru nibura mu gihe cy’umwaka umwe.
Izindi nkuru wasoma:

Ahavuye isanamu, AFP via Getty images
Umunyamabanga mukuru w'Umuryango w'Abibumbye (ONU), António Guterres, “aramagana byimazeyo ibitero bikomeye Israel yagabye muri Libani ku itariki ya 8 Mata (4)” kandi arasaba “impande zose guhita zihagarika imirwano”, nkuko itangazo ry'umuvugizi we ribivuga.
Iryo tangazo rivuga ko ibyo bitero “byatumye abasivile babarirwa mu magana bicwa ndetse bagakomereka, harimo n'abana, kandi byangije ibikorwa-remezo bya gisivile”.
Guterres akomeza avuga ko “ahangayikishijwe cyane n'ingaruka zikomeje kwiyongera ku basivile” kandi ko yihanganishije leta ya Libani.
Yaburiye ko igikorwa cya gisirikare muri Libani “giteje ibyago bikomeye ku gahenge no ku muhate uganisha ku mahoro arambye kandi yuzuye muri ako karere”, yongeraho ko “nta gisubizo cya gisirikare kiri muri iyi ntambara.”
Izindi nkuru wasoma:

Ahavuye isanamu, Reuters
Donald Trump yongeye kunenga umuryango wo gutabarana w’Uburayi n’Amerika (OTAN/NATO) ko utashyigikiye Amerika mu ntambara yo muri Irani, nyuma y’inama yo mu muhezo yagiranye n’umunyamabanga mukuru wa OTAN Mark Rutte mu biro bya perezida w’Amerika, White House.
Mu butumwa yatangaje ku rubuga nkoranyambaga Truth Social nyuma y’iyo nama, Perezida w’Amerika yagize ati: “NATO NTIYARI IHARI IGIHE TWARI TUBACYENEYE, KANDI NTIBAZABA BAHARI NITWONGERA KUBACYENERA.”
Hagati aho, Rutte yabwiye igitangazamakuru CNN ko inama ye na Trump yari irimo “kubwizanya ukuri” kandi ko yari irimo “kwisanzura cyane”, nubwo bigaragara ko hari ukutavuga rumwe.
Mbere y’iyo nama yo ku wa gatatu, Trump yari yakinnye n’igitekerezo cyo kuva muri OTAN nyuma yuko ibihugu byinshi byo muri OTAN byanze ubusabe bwe bwo gufasha mu kongera gufungura umuhora wa Hormuz mu rwego rwo kudohora ibiciro byiyongera ku isi by’ibikomoka kuri peteroli.
White House ntiyahishuye ibyavugiwe muri iyo nama.
Umunyamabanga mukuru wa OTAN yamaze amasaha arenga abiri muri White House ku wa gatatu, nubwo bitazwi igihe inama ye na Trump yamaze.
Iyo nama yari yitezwe kuba uburyo bwo guhendahenda no kwemeza Trump ko biri mu nyungu ze, no mu z’Amerika, kuguma muri OTAN.
Izindi nkuru wasoma:
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.