Ghana isaba Commonwealth gutera ivyatsi igitero cagabwe ku basirikare bayo babungabunga amahoro muri Liban

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Ghana yahamagariye umuryango wa Commonwealth gutera ivyatsi igitero c'ama misile cabaye ku wa gatanu, kigabwe ku basirikare bayo bari mu butumwa bwa ONU bwo kubungabunga amahoro mu bumanuko bwa Liban, igitero cakomerekeje abasirikare bane bo muri Ghana.
Umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu wa Ghana, Samuel Okudzeto Ablakwa, ntiyavuze uwabigizemo uruhara igihe yariko aravugira mu nama ya Commonwealth ku musi w'Imana, ariko yavuze ko ico gitero "ari ukurenga ku ngingo zose ziri mu Masezerano ya ONU."
Israel imaze iminsi igaba ibitero ku ibibanza vya Hezbollah muri Libani, inyuma y'uko uwo mugwi w'Abashiya, ushigikiwe na Iran, wemeje ko warashe ibisasu n'indege zitajamwo abadereva (drones) ku gisagara ca Haifa, muri Israel mu ndwi iheze, mu kwihora ku rupfu rw'Umuyobozi Mukuru wa Iran, Ali Khamenei.
Igisirikare ca Ghana, mw'itangazo casohoye, cavuze ko abasirikare bose bakomerekeye muri ico gitero ubu bameze neza.
Batatu bakomeretse bukebuke, mu gihe umwe yakomeretse cane "yamaze kubagwa neza kandi (yariko) arakira neza."
Umushikiranganji Ablakwa yavuze igihe yariko arabwira bagenzi biwe bo mu bihugu vya Commonwealth mu nama yabereye i Londres ku musi w'Imana, ati: "Turahamagariye Commonwealth gutera ivyatsi ata kuzuyaza iki gitero no gusaba ko hakorwa amatohoza yihuta".
Abo basirikare ba Ghana bari mu murwi w'Abasirikare ba ONU mu Libani (UNIFIL) igihe ikirindiro cabo cagabwako igitero ku wa gatanu imbere y'isaha cumi na zibiri z'umugoroba (18:00) ku masaha yo muri Libani.
Ku mbuga ngurukanabumenyi hakwiragiye amasanamu yerekana ivyononekaye vyinshi n'umuriro yahitana bimwe mu bikoresho biri muri ico kirindiro cabo.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu bwa Ghana bwarashikirije ikirego ku Munyamabanga Mukuru wa ONU, António Guterres, ku bijanye n'ico gitero.
Guterres yavuze ko "abafise uruhara muri ico gitero bakwiye kubibazwa."
Ghana iri mu bihugu bimaze imyaka myinshi bitanga abasirikare bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro vya ONU muri Libani, aho abasirikare bayo bakorera mu murwi w'abasirikare ngabo uhurikiyemwo ibihugu vyinshi.













