Ingaruka zishobora guterwa n'igabanuka ry'ibirwanisho ku ntambara yo muri Irani

Abasirikare b'Abanyamerika bariko baritegurira gushira ibisasu kubwato butwara indege z'intambara USS Abraham Lincoln.

Ahavuye isanamu, US Navy via Getty Images

Igihe co gusoma: iminota 4

Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, avuga ko igihugu ciwe gifise "ibirwanisho bihambaye bidahera."

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Irani buvuga ko bufise "ubushobozi bwo guhangana n'umwansi" igihe kirekire gusumba uko Amerika yari iviytze.

Ububiko bw'ibirwanisho hamwe n'ibidandazwa vyonyene si vyo bizogena ibizova muri iyi ntambara - Ukraine imaze igihe kirekire ifise ibirwanisho bike ugereranije n'Uburusiya - ariko nta nkeka ko ibirwanisho ari ikintu gihambaye.

Kuva mu ntango, umuvuduko w'intambara wabaye mwinshi cane. Impande zompi ziriko zikoresha ibirwanisho vyinshi gusumba ivyo bashobora gukora.

Ikigo Institute for National Security Studies (INSS) gifise icicaro i Tel Aviv kivuga ko Amerika na Israel bimaze gukora ibitero birenga 2.000, kimwe cose kikaba gitwara ibigwanisho vyinshi.

Ikigo INSS kivuga ko Irani imaze gutera ibisasu vya misile 571 hamwe n'indege zitajamwo abadereva 1,391. Vyinshi vyasamburiwe mu kirere. Ku mpande zose, ivyo biharuro bizobandanya kwongerekana mu gihe intambara izobandanya.

Irani

Abategetsi bo mu bihugu vya Buraya bavuga ko bamaze kubona igabanuka ry'igitigiri c'ibisasu Iran iriko irasa - biva ku majana ku musi wa mbere w'intambara gushika kuri mirongo ubu.

Imbere y'intambara, vyibazwa ko Iran yari ifise ibigwanisho vya misile birenga 2.000 bishika kure cane. Nta gisirikare na kimwe gishira ahabona igitigiri c'ibirwanisho gifise, kuko ayo makuru aguma ari ibanga kugira ngo abansi babo ntibayamenye.

Umukuru w'igisirikare ca Amerika, Dan Caine, yavuze ku wa gatatu ko kurasa misile za Irani vyagabanutse ku bice 86 kw'ijana ugereranije n'umusi wa mbere w'intambara yabaye ku munsi wa gatandatu. Ikigo ca America kijajejwe ivy'intambara (Centcom) ivuga ko habaye igabanuka rya 23% mu masaha 24 aheze.

Bivugwa ko Irani yari yarakoze indege zitajamwo abadereva zitwa shahed zigera ku bihumbi mirongo imbere y'intambara. Yarungitse ubwo buhinga mu Burusiya – bumaze igihe bukoresha izo ndrone za Shahed mugusambura muri Ukraine. Eka na Leta Zunze Ubumwe za Amerika zaciye zifata ingingo yo kuzikora.

Ariko Caine yavuze ko izo drone za Irani zagabanutse ku bice 73 kw'ijana kuva ku musi wa mbere w'intambara. Irani isa n'iyiriko iragira ingorane zo kugumiza iyo ntambara ku muvuduko wo hejuru.

Ikarata yerekana aho ibisasu vya misire vya Irani biraswa kure bishobora gushika
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Birashoboka ko uku kugabanuka gukomeye gushobora kuba ari ukugerageza kuzigama ububiko bw'ibirwanisho basigaranye - ariko kuguma bakora izindi bizogorana.

Indege z'intambara za Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'iza Isirayeli ubu ni zo zigenzura ikirere ca Irani. Igice kinini c'uburyo bwo kwirinda ibitero vy'indege bwa Irani bwarasambuwe. Ntigifise kandi igisirikare co mukirere cizewe. Centcom ivuga ko igice gikurikira c'iyo ntambara kizoshimikira mu guhiga ibigwanisho vya Irani vya misile na drone, ububiko bw'ibigwanisho vyayo, hamwe no gusambura amahinguriro abihingura.

Ubu birashobora kworohera Amerika na Israel kugabanya ubushobozi bwa Irani bwo kurwana. Ariko bizobagora gusambura ibigwanisho vyayo vyose.

Irani ni igihugu gifise ubunini bungana incuro zitatu n'ubw'Ubufaransa. Ibirwanisho birashobora kunyegezwa ntibiboneke uri mukirere.

Kahise ka vuba kerekana kandi ko intambara zirwanirwa mu kirere hari ivyo zidashikako. Igisirikare ca Israel ntikirashobora kurandura burundu Hamas muri Gaza inyuma y'imyaka irenga itatu y'ibitero bikomeye vy'ibisasu. Abarwanyi b'aba Houthi muri Yemen bararokotse ibitero vy'amabombe vya Amerika vyamaze umwaka wose, co kimwe n'ibindi birwanisho vyabo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziracari igisirikare gikomeye kw'isi. Ububiko bwayo busanzwe, ni bwo bwa mbere bunini gusumba ubw'ikindi gihugu ico ari co cose.

Ariko igisirikare ca Amerika kiracakoresha ibirwanisho bizimvye kandi bikoreshwa ku rugero ruto. Bivugwa ko Trump yahamagaje inama n'abajejwe kwivuna abansi mu mpera z'iyi ndwi kugira abahatire guhingura vyinshi bishoboka kandi ningoga na ningoga. Ni ikimenyetso c'uko n'ubutunzi bwa Amerika bushobora kugabanuka.

Ubukana bw'iyi ntambara bushobora kuba bwagabanutse ubu ku buryo Amerika ifise ubwisanzure bwinshi bwo gutera ibitero iri hafi cane.

Caine yavuze ko Amerika yamaze kuva mu vyo gukoresha "ibirwanisho birasa biri kure" - ari vyo birwanisho bizimvye cane kandi biteye imbere birasa kure nka za Tomahawk cruise missile. Ubu igisirikare co mu kirere ca Amerika kiriko gikoresha ibirwanisho bizimbutse cane vyitwa "stand-in", nk'ibisasu vya JDAM bomb bishobora guterwa hejuru y'aho bishaka guterwa.

Mark Cancian, yahoze ari koloneli mu ngabo z'abasirikare b'inyanja za Amerika, ubu akorera mu kigo c'i Washington citwa Center for Strategic and International Studies (CSIS), avuga ko inyuma y'igitero ca mbere cavuye kure, Amerika "ishobora ubu gukoresha misile n'ibisasu bizimbutse cane."

Avuga kandi ko Amerika yoshobora kubandanya kurwana kuri urwo rwego "nk'aho ata herezo", hafi igihe cose. Ariko uko intambara imara igihe kirekire, urutonde rw'ibibanza bikorwako ibitero rugenda rugabanuka, ivyo bigatuma umuvuduko w'ibitero ugenda ugabanuka buhoro buhoro.

Mu bibanza bimaze guterwa: - Tabriz - Tehran - Isfahan - Yazd - Kermanshah - Minab

Uburyo bwo kwirinda ibitero vyo mu kirere

Mark Cancian avuga ko Amerika ifise ibisasu vyinshi vya JDAM – ariko ubuhinga bwo kwikingira mu kirere buzimvye buracari buke. Mu ntango z'iyi ntambara, ivyo vyari bihambaye cane mu kwivuna ibitero vy'ukwihora vya Irani.

Igisasu citwa Patriot kiraronderwa cane, atari muri Amerika gusa ariko no mu bihugu vy'abarabu hamwe na Ukraine. Ico gisasu co kwikingira kigurwa amafaranga arenga imiriyoni 4 z'amadolari, kandi Amerika bivugwa ko ikora hafi 700 buri mwaka. Nimba Irani igishobora kurungika ibisasu vya misile, bizogabanya cane izo isanzwe ifise mu bubiko.

Umuhinga wa CSIS Cancian avuga ko Amerika ishobora kuba ifise ububiko bw'ibisasu vya misile za Patriot bishika 1.600 – ariko mu minsi iza bizoba vyagabanutse.

N'aho avuga ko Amerika ishobora kubandanya ibitero vyo mu kirere ku bibanza vyo ku butaka 'igihe kirekire', kwivuna ibitero vyo mu kirere 'harimwo amakenga menshi'.

Kuba Trump ategekanya kubonana n'amakompanyi ahingura ibirwanisho yo muri Amerika mu mpera z'iyi ndwi, ni ikimenyetso c'uko hari impungenge ku bijanye n'ububiko bw'ibigwanisho.

Ariko umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Pete Hegseth, ashimangira ati "Irani ntishobora kudutsinda ". Ku bijanye n'ivyo, arashobora kuba ari mukuri.