315 banyurujwe kw'ishure rya Katorika muri Nigeria, kimwe mu bitigiri binini cane vy'abanyuruzwa

- Umwanditsi, Alex Smith
- Umwanditsi, Chris Ewokor
- Igikorwa, BBC Africa
- Yakoze inkuru ari, in Abuja,
- Umwanditsi, Elettra Neysmith
Abana n'abigisha barenga 300 ni bo bazwi ko banyurujwe n'abantu bitwaje ibirwanisho kw'ishure rya Katorika muri Nigeria, kimwe mu bitigiri vya mbere binini vy'abamaze kunyuruzwa muri ico gihugu.
Ishirahamwe ry'abakristu muri Nigeria, Christian Association of Nigeria, rivuga ko abanyeshure 303 hamwe n'abigisha 12 batwawe bavanywe kw'ishure St Mary's School riri ahitwa Papiri mu ntara ya Niger.
Ni hafi inusu y'abanyeshure bose biga kuri iri shure nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Imbere y'aha, igigitiri catangwa cari 215, iki gitigiri gishasha kikaba kije gisumba icafatwa ko ari co ca mbere c'abana 276 banyurujwe mu karere kitwa Chibok mu 2014.
Igipolisi c'ako karere kivuga ko aba bantu bitwaje ibirwanisho bateye iryo shure hafi isaha umunani z'ijoro buca ari ku wa gatanu, bafata bugwati abanyeshure bahaba.
Dominic Adamu afise abakobwa biga kuri iryo shure ariko bakaba batatwawe, yabwiye BBC ati: "Bose bacitse intege... vyashitse giturumbuka".
Umugore umwe, yuzuye amosozi, yabwiye BBC ko abishwa biwe b'imyaka intandatu na 13 batwawe, akongerako ati: "Nta kindi nshaka atari uko bagaruka muhira".
Igipolisi kivuga ko inzego z'umutekano "zashwaye amashamba zirondera kurokora aba banyeshure banyurujwe".
Ejo ku wa gatandatu, amashure yose yo mu ntara ya Niger yategetswe kwugara kubera iri nyuruzwa.
Abategetsi b'intara ya Niger bavuga ko iri shure ryanse kwumva akamo kari katewe amashure yose y'uburaro kasaba kwugara inyuma y'amakuru y'igendereza yerekana ko ibitero bishobora kwiyongera.
Bavuga ko iyo ngendo yashize abanyeshure n'abigisha mu "kaga kari gushobora kwirindwa". Ishure ntaco riravuga kuri ibi birego.
Hagati aho, mirongo itanu muri aba bana baramaze kuva mu vyara vy'ababanyuruje, nk'uko bitangazwa n'ishirahamwe Christian Association of Nigeria.
Itangazo ryasohowe kuri uno wa Mungu riteweko igikumu na Bulus Dauwa Yohanna arongoye iri shirahamwe muri iyo ntara ya Niger, amenyesha ko aba bana "bamaze gushikirizwa abavyeyi babo".
Rivuga ko batorotse hagati yo ku wa gatanu no ku wa gatandatu, ariko bikaba bitazwi neza ingene bashoboye kubaca mu ryahumye.
Inyuruzwa ry'abantu rikorwa n'imirwi isaba amahera kugira ngo ibarekure izwi mu gihugu nk'ababandi, ryabaye ikibazo gikomeye mu bice bitandukanye vya Nigeria.
Iri nyuruzwa ryabaye hirya y'ejo ku wa gatanu ryari rigize gatatu mu ndwi imwe gusa.
Ku wa mbere, abanyeshure b'abakobwa barenga 20 - BBC yabwiwe ko bari Abasilamu - baranyurujwe kw'ishure ry'indaro mu ntara ya Kebbi ihana urubibe na Niger.
Mu ntara ya Kwara yo mu bumanuko bwa Nigeria haratewe urusengero, abantu babiri baricwa abandi 38 baranyuruzwa.
Vyabaye ngombwa ko Perezida Bola Tinubu w'ico gihugu ahagarika ingendo mu mahanga – harimwo n'inama ya G20 muri Afrika y'Epfo, kugira ngo ashobore guhangana n'iki kibazo c'umutekano.
Uno mutekano muke urangwa muri Nigeria uriko uteza umujinya n'ubwoba mu gihugu, abanyagihugu bagasaba ko hoba ingingo zikomeye zo gukingira abana n'abanyagihugu.
Ibi biri uku mu gihe Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko abakristu muri Nigeria bariko barakorerwa amabi.
Haraciye amezi abaharanira uburenganzira hamwe n'abanyaporitike ba Amerika bavuga ko abarwanyi biyitirira idini rya Isilamu bagenda bizizira abakristu. Reta ya Nigeria irabihakana
Mu ntango z'uku kwezi, Trump yagabishije ko azorungika ingabo muri ico gihugu co muri Afrika y'uburengero biteguye kurwana ari nka hamwe reta yaco "yobandanya ireka abakristu bakabandanya bicwa".
Reta ya Nigeria ivuga ko kuvuga ko ari abakristu bariko barakorerwa amabi ari "ugutahura nabi cane ukuri kw'ibiriko biraba".














