Abakristu boba bariko baracurwa bufuni na buhoro muri Nigeria nk'uko Trump abivuga?

Ifoto ya hafi ya Donald Trump avugana n’abamenyeshamakuru ari muri Air Force One atera aja muri Koreya y’Epfo ku wa 29 Gitugutu 2025 avuye mu Buyapani. Yambaye ikoti yirabura, yashize ukuboko ku muryango, araba kure.

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Olaronke Alo
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru wa BBC
    • Umwanditsi, Chiamaka Enendu
    • Umwanditsi, Ijeoma Ndukwe
    • Yakoze inkuru ari, Lagos

Umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, aherutse kugabisha ko ashobora kugomorera ingabo kuri Nigeria ari nka hamwe reta "yobandanya irenza uruhu rw'amaso igandagurwa ryabakristu.

Muri videwo yacishijwe ku rubuga hwaniro rwa Truth Social, yasezeranye ko "azokora ibintu kuri Nigeria bitazoshimisha Nigeria" kandi ko "azojayo afise ibirwanisho, yiteguye kurwana." Ariko aya majambo ntiyiyadukije uko nyene.

Abaharanira uburenganzira hamwe n'abanyepolitike i Washington bamaze amezi bavuga ko abarwanyi b'aba Islam bariko bagira ibitero ku bakristu muri Nigeria, mu buryo buteguwe neza.

Ariko BBC yasanze bigoye kwemeza bimwe mu biharuro biriko birashikirizwa kugira bashike kuri iyo ngingo.

Mu kwezi kw'icenda, umumenyeshamakuru rurangiranwa akaba n'uwufise impano yo gutwenza Bill Maher yavuze ko ibiriko biraba ari "ihonyabwoko".

Avuga ku mugwi wa Boko Haram, yemeje ko "bishe abantu barenga 100.000 kuva mu 2009, baraturira amasengero 18.000".

Ibitigiri nk'ivyo biriko birakwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi.

Reta ya Nigeria yariyamirije ivyo birego, ivuga ko ari "ukwerekana ibintu uko bitari".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ntihakana ko hari ubwicanyi bukaze muri ico gihugu. Ariko abategetsi bavuga ko "abagira ibitero vy'iterabwoba batera abo bose batemera ivyiyumviro vyabo vy'ubwicanyi - aba Islamu, abakristu n'abatagira idini".

Iyindi migwi ikurikiranira hafi ubwicanyi bwa politike muri Nigeria ivuga ko igitigiri c'abakristu bishwe kiri hasi cane, bakavuga ahubwo ko benshi mu bahitanywe n'iyo migwi ari aba Islamu.

Umuhinga mu vy'umutekano muri Nigeria, Christian Ani, avuga ko n'aho abakristu bagizweko ibitero mu mugambi wagutse wo gucura iterabwoba, bidashoboka gushigikira ibivugwa ko abakristu bariko baraterwa n'ibigirankana.

Kandi Nigeria ihanganye n'ingorane zitandukanye z'umutekano mu gihugu, atari ubwicanyi bw'imigwi yiyitirira idini rya Islam gusa, kandi ivyo bifise imvo zitandukanye, rero ntibikwiye bidakwiye kwitiranywa.

Abanyagihugu imiliyoni 220 baba muri ico gihugu bagabuye, ku buryo bungana, hagati y'abayoboke b'ayo madini abiri, aba Islamu bakaba ari benshi mu buraruko, aho ibitero vyinshi bibera.

Abanyaporitike muri Amerika bavuga iki?

Umukenguzamateka rurangiranwa wa Texas, Ted Cruz, amaze igihe yiyamamura kuri ico kibazo, kandi mu kwerekana ibitigiri bisa n'ivya Maher kw'itariki 7 z'ukwezi kw'icumi, yanditse kuri X ko "kuva mu 2009, abakristu barenga 50.000 muri Nigeria bishwe, amasengero arenga ibihumbi 18 n'amashure 2000 y'abakristu arasamburwa".

Mu butumwa bwa email vyarungikiye BBC, ibiro vy'uwo mukenguzamateka vyavuze ko we aho atandukaniye na Maher atavuga ko ari "ihonyabwoko" ahubwo ko ari "itotezwa".

Ariko Cruz yagiriza abategetsi ba Nigeria "kwirengagiza mbere no gufasha mw'iyicwa ry'ikivunga ry'abakristu rigirwa n'abarwanyi b'aba Islamu". Trump, asubiramwo ayo majambo, yavuze ko Nigeria ari "igihugu giteye isoni", avuga ko reta "ibandanya kwemerera abakora ubwicanyi bw'abakristu".

Reta ya Nigeria iravyiyamiriza. Ivuga ko iriko irakora ibishoboka vyose mu guhangana n'aba bagwanyi biyitirira idini rya Islam. Bamwe mu bategetsi barashima kandi iciyumviro c'uko Amerika yoza gufasha mu gutuza abo barwanyi, mu gihe ariko vyokorwa mu buryo bwumvikanyweko.

Abategetsi ntivyaboroheye kurwanya intagondwa ziyitirira idini rya Islam hamwe n'imigwi y'inkozi z'ikibi - amayinga nka yose asa n'ayazana inkuru z'ibitero bishasha canke kunyuruzwa.

Boko Haram - uzwi cane mu kunyuruza abigeme b'i Chibok haraheze imyaka irenga cumi - watanguye gukora kuva mu 2009, ariko ibikorwa vyawo vyibanda mu buraruko bushira ubuseruko, ukaba ugizwe n'aba Islam benshi.

Iyindi migwi y'intagondwa ziyitirira idini rya Islam nayo nyene yarabonetse, harimwo n'umugwi wa Islamic State West Africa Province, ariko ukorera no mu buraruko bushira ubuseruko.

Ibitigiri vy'abakristu bapfuye bivugwa na bamwe muri Amerika birateye ubwoba, ariko biragoye kumenya ukuri kwavyo.

Umugore yanyururijwe umwana yifashe mu mutwe ari ku kigo c'ishure rya reta aho abagizi ba nabi banyuruje abanyeshure i Kankara, mu ntara ya Katsina, mu buraruko bushira uburengero bwa Nigeria, igenekerezo rya 15 Kigarama (12) 2020.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Benshi mu bishwe n'abanyurujwe na Boko Haram ni aba-Islam

Ni bande bari inyuma y'ubwo bwicanyi?

Ku rutonde rw'abakoze ubwo bwicanyi harimwo imigwi y'intagondwa z'aba Islamu nka Boko Haram hamwe n'abungere b'aba Fulani. Aba Fulani ni ubwoko bw'aba Islam baba muri Afrika y'uburengero kandi basanzwe batunzwe n'ubworozi bw'inka n'intama.

Ugushira aba Fulani mu mugwi w'aba "biyitirira idini rya Islam" nk'uko bigaragara mu vyegeranyo bimwe bimwe harimwo ivya InterSociety, kwabaye intandaro y'impari muri Nigeria ku bijanye n'ingene ubwo bwicanyi bukwiye gushirwa mu mirwi.

Mu gihe abungere basanzwe ari aba Islam, abashakashatsi benshi muri ico gisata barahakana ko ari amatati y'idini, bakavuga ko akenshi ashingira ku butaka n'amazi.

Abungere b'aba Fulani bafitaniye amatati n'aba Islamu n'abakristu muri Nigeria.

Umuhinga mu vy'umutekano, Ani, avuga ati: "Kuvuga ko ari abiyitirira idini rya Islam - ni nko kwiyorohereza. Nta sano na rimwe bifitaniye. Bifitaniye isano rinini ahanini n'inkozi z'ikibi hamwe n'ababandi."

Confidence McHarry, umushakashatsi mu vy'umutekano mu kigo SBM Intelligence, avuga ko ukutumvikana kenshi biterwa n'indyane z'amoko hamwe n'ukugwanira ubutunzi.

Bishobora kuba bifise ishingiro ry'ubwoko - barondera gufata ubutaka, barondera kwiyagurira amatongo - ariko uko barushiriza kwomora abantu n'imiryango, kandi uko barushiriza gukora ibitero ku bibanza vyo gusengeramwo, ni ko ibintu bitera bifata iyi shusho.

InterSociety iragaruka kandi ku bo muri Nigeria bita ababandi, ishaka kuvuga ko ahanini ari abo mu bwoko bw'aba Fulani bo mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu, bakekwako uruhara mu gufata abantu bunyago kandi bakaba bazwiko kahise kajanye no kwica abakristu n'aba islam.

Ibinyamakuru vyanditse ku butumwa bwa Perezida Donald Trump kuri Nigeria ku bijanye n'ingene abakirisu batotezwa bimanitse ku rubaho rumanikwako ibinyamakuru.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibinyamakuru vya Nigeria vyuzuye amakuru y'iterabwoiba rya Trump

Iyindi migwi y'abashakashatsi ivuga iki?

Ibiharuro vya InterSociety birarenze kure ibituruka ahandi ku bijanye n'ibitigiri vy'Abakristu bishwe muri Nigeria.

Ishirahamwe Acled rikurikiranira hafi ivyerekeye ihohotera n'ubugizi bwa nabi muri Afrika y'Uburengero, ryatanze ibiharuro bitandukanye cane. Inkomoko y'ivyavuye mu bushakashatsi bwaryo irashobora gutorwa no guhinyuzwa vyoroshe.

Umushakashatsi Ladd Stewart ntiyagarutse ku vyegeranyo vya InterSociety ariko yabwiye BBC ko igiharuro c'abantu 100,000 bapfuye, gikwirakwizwa ku mbuga ngurukanabumenyi, coba kirimwo ibikorwa vyose vy'ihohotera rya politiki muri Nigeria, ko kuri iyo mvo rero bitoba ari ukuri kuvuga ko ari igitigiri c'abakiristu bishwe kuva mu 2009.

Acled yasanze abanyagihugu bashika hafi 53.000 - Aba islamu n'abakiristu - ari bo bamaze kumenyekana ko bishwe mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi bwa politike kuva mu 2009.

Ku bijanye n'ikiringo c'umwaka wa 2020 gushika mu kwezi kw'icenda 2025, Acled ivuga ko abasivile bashika 21.000 bishwe mu bikorwa vyo kunyuruzwa, mu bitero, ihohoterwa rishingiye ku gitsina hamwe n'ikoreshwa ry'ibiturika.

Ico cegeranyo kivuga ko kuva mu 2020 gushika mu kwezi kw'icenda 2025 habaye ibitero 384, aho abantu 317 bapfuye, bisigura ko ari bake cane mu bishwe.

Ku masoko yayo, Acled yisunga ibimenyeshamakuru bisanzwe, imbuga ngurukanabumenyi aho amakuru ashobora kwemezwa, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu hamwe n'abafatanyabikorwa bo muri ako karere.

Ibitigiri vya Trump vyo ni gute?

Mu butumwa yashize ku rubuga Truth Social ku wa gatanu uheze, Trump yasubiyemwo igitigiri c'abakristu 3.100 bishwe. Yariko yisunga icegeranyo ca Open Doors cerekeye abapfuye mu mezi 12 guhera muri Gitugutu (10) 2023, nk'uko umukozi wa Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) abivuga.

Open Doors ni ishirahamwe rikora ubushakashatsi ku gutotezwa kw'abakristu kw'isi yose.

Muri raporo yaryo rivuga ko mu gihe abakristu 3.100 bapfuye, aba isilamu 2.320 na bo bishwe muri ico kiringo nyene c'amezi 12.

Open Doors irashiramwo abo ryita" Fulani Terror Groups" [ imigwi y'iterabwoba y'aba Fulani ] ku rutonde rwayo rw'ababikoze, rikavuga ko ari bo bari kubazwa hafi ica gatatu c'Abakristu bishwe muri ayo mezi 12.

Frans Veerman, umushakashatsi mukuru muri Open Doors, yavuze ati: "Ico tubona ubu ni uko abakristu babandanya bakorerwa amabi, ariko uko iminsi igenda, hari n'Aba-Islam bamwe guhigwa n'abarwanyi b' aba Fulani".

Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko hari ibitero vyinshi vy'uruhererekane bitumbera imisigiti n'imiryango y'aba Islam mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu.

McHarry agira ati: "Umuntu yovuga ko ibi ahanini ari ikibazo c'umutekano muke muri rusangi.

"Imvo ituma bitofatwa nk'aho bishingiye kw'idini ni uko abantu bariko bakora ibi bitero ku ba Islamu na bo ubwabo ari aba Islam".