Donald Trump: Menya uno muperezida akaba n'umutunzi ruhebwa yabuze amahirwe yo guhabwa agashimwe ka Nobel

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kuva na kera imbere y'uko agerageza kurondera kwiyamamariza kuba umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika incuro zitatu zose, Donald Trump yari we mutunzi wa mbere yavugwa cane muri Amerika.
Ubuzima bw'uno mutunzi ruhebwa w'i New York yari yashize imitahe yiwe mu nyubakwa, bwaramamaye cane mu binyamakuru no ku mboneshakure mu myaka mirongo, imbere y'uko mu buryo butari bwitezwe mu 2015-2016, agenwa kwitoreza ikibanza c'umukuru w'igihugu kw'izina ry'Abarepubulikani.
Izina ryiwe ryari rizwi cane n'ukwirekura mu mvugo kwiwe mu myiyamamazo vyaramufashije kwiganzura abanyaporitike bari rurangiranwa.
Ku myaka79 ubu, uno mu Repubulikani ari ku ntebe y'umukuru w'igihugu ubugira kabiri.
Samuragwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Trump ni umwana agira kane w'umutunzi ruhebwa yari yashize imitahe mu nyubakwa, Fred Trump.
N'ubwo uyu muryango wari ufise ubutunzi, vyari vyitezwe ko Donald Trump azoruhira guhabwa akazi ko hasi mu kigo ca se wiwe hanyuma arungikwa mw'ishure rya gisirikare afise imyaka 13 inyuma y'aho atanguriye kwerekana indero nke kw'ishure.
Inyuma yo kuronka urupapuro rw'umutsindo kuri kaminuza ya Wharton School muri Pennsylvania, yaciye aba mu kibanza ciza co gushobora gusubirira se wiwe, igihe mukuru we, Fred Trump Jr yahitamwo kuba umudereva w'indege.
Fred Trump Jr yapfuye ku myaka 43 yishwe n'inzoga, ikintu murumuna we Donald avuga ko camutumye yirinda inzoga n'itabi mu buzima bwiwe bwose.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Trump avuga ko yinjiye mu vy'inyubakwa akoresheje ingurane "ntoya" y'umuriyoni w'amadorari yahawe na se wiwe imbere y'uko yinjira muri kompanyi y'umuryango.
Yarafashije mu guhagararira amatungo manini y'amazu ya se wiwe yo gupangisha mu turere tw'igisagara ca New York, hanyuma aca afata uburongozi bwa kompanyi - aho yaciye ayita Trump Organization (twogereranya na Ishirahamwe rya Trump) - mu 1971.
Se wiwe, Trump afata ko yamubereye "icitegererezo", yapfuye mu 1999.
Izina

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ukwamamara kw'ubudandaji bwa Donald Trump hamwe n'izina ryiwe vyagiye vyongereza kuvugwa cane mu binyamakuru.
Mu gihe ciwe, uru rudandaza rw'umuryango rwavuye mu turere tubayabaye twa Brooklyn na Queens rwimukira muri Manhattan.
Akarere ka Fifth Avenue kazwi cane ni ko kahavuye kabamwo Trump Tower, inyubakwa y'uno mutunzi ruhebwa ari na ho yabaye imyaka myinshi. Ihoteri Commodore yari yarahebwe yahavuye isanurwa ica yitwa Grand Hyatt.
Hari n'izindi nyubakwa zitiriwe Trump - nk'ama casinos, ibibuga vya golf n'amahoteri - zubatswe irya n'ino, kuva mu bisagara vya Atlantic City, Chicago na Las Vegas gushika mu Buhindi, muri Turukiya no muri Philippines.
Ukwamamara kwiwe kwarabandanije no mu gisata c'imyidagaduro - ubwa mbere nko mu gufata amahiganwa y'ubwiza Miss Universe, Miss USA, na Miss Teen USA, hanyuma aratanguza yongera aremesha ikiganiro The Apprentice c'imboneshakure NBC kivuga ku buzima bw'abantu b'ivyamamare.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu rukurikirane rw'ibiganiro 14, mu gihe abahiganwa barwanira kuronka akazi k'ubuyobozi mw'ikompanyi yiwe y'ubudandaji, iryungane ryamuranga "Urirukanywe!" ryatumye izina "Donald" rimenyekana cane.
Trump amaze kwandika ibitabo bitari bike, araboneka mu ma sinema no mu nteguro z'ibiganiro vyo kunagana, akaba yaranadandaje ibintu vyose kuva ku binyobwa gushika no ku makaruvati. Ariko amahera yiwe yaragabanutse mu myaka mike iheze, aho ikigo Forbes kivuga ko amatungo yiwe angana hafi imiriyaridi zine z'amadorari.
Ku ncuro zitandatu zitandukanye, Trump aramaze gutangaza uguhomba kw'ibikorwa vyiwe - kandi bimwe muri vyo nka Trump Steaks na Trump University vyarugaye.
Yaranyegeje kandi amakuru ajanye n'amakori kugira ntabonwe n'abajejwe kuyakurikirana, mbere mu 2020 ikinyamakuru The New York Times catangaje ko hari imyaka yamaze atariha amakori no kwama ahomba.
Umuryango

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubuzima bwite bwa Trump burakunze kuvugwako.
Umugore wiwe wa mbere, kandi ari na we yamamaye cane, Ivana Zelnickova, yakora inkino z'ubunonotsi akongera akaba n'umunyamideri yamuka muri Tchéquie (République tchèque). Bavyaranye abana batatu - Donald Jr, Ivanka na Eric - imbere y'uko bahukana mu 1990.
Intambara yabo itoroshe yo muri sentare yaravuzwe cane mu binyamakuru, mbere n'ibirego vy'ihohotera ryo mu rugo ryavuzwe n'umuhisi umugore wiwe - mu nyuma akaba yaje kureka kubigira ibintu bikomeye - vyaravuzwe muri sinema nshasha kuri Trump.
Mu 1993, yarongoye umukinyi wa sinema Marla Maples, inyuma y'amezi abiri avyaye umwana wabo w'ikinege, Tiffany. Bagiye kwahukana mu 1999.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugore wa Trump bari kumwe ubu ni Melania Knauss yahoze ari umunyamideri. Barongoranye mu 2005 bakaba bavyaranye umwana umwe w'umuhungu, Barron William Trump, aherutse gushikana imyaka 18.
Ibirego vy'ubusambanyi no kurenga ibigo vyamye bikurikirana umunyaporitike Trump.
Mu ntango z'uno mwaka, intahe zibiri zitandukanye zaremeje ko Trump yambitse ibara umwanditsikazi E Jean Carroll mu guhakana ivyo yamwagiriza ko yamufashe ku nguvu. Yategetswe kuriha imiriyoni 88 z'amadorari yose hamwe, ariko yarunguruje.
Trump kandi yaragiriwe n'ivyaha 34 vyo gusibanganya impapuro z'ubucuruzi bwiwe mu ntumbero yo kunyegeza igipfukamunwa yahaye umukinyi w'amasinema y'abantu bakuze Stormy Daniels ku birego vy'uko yarenze ibigo akaryamana nawe mu 2006.
Umukuru w'igihugu
Agishika gusa, yaciye atangura gutangaza abantu mu kazi kiwe, asohora amatangazo kuri Twitter (ubu X) kandi aterana amajambo n'abategetsi bo hanze mu buryo bweruye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Agishika ku butegetsi mu kiringo ca mbere, yarakuye igihugu mu masezerano akomeye nko mu bijanye n'ihindagurika ry'ibihe n'ubudandaji, arabuza ingendo z'abanyagihugu bava mu bihugu indwi vyiganjemwo aba-Islam, afata ingingo ruhasha zo kuzibira abimukira, akaba yaratanguje intambara y'ubudandaji hagati ya Amerika n'Ubushinwa, agabanya amakori ku rugero rutari bwigere ruboneka, yongera ahindura imigenderanire mu karere k'Ubuseruko bwo Hagati.
Inyuma y'igihe gito, Trump yabaye umukuru w'igihugu agira gatatu muri kahise k'abakuru b'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yasabiwe n'inama nshingamateka kubogozwa, yagirijwe ko yateye igitsure reta y'igihugu kanaka gucafuza umukeba wiwe wo mu mugambwe w'aba-Democrats Joe Biden. Mu nyuma yahavuye yezwa n'inama nkenguzamateka yari irongowe n'Abarepubulikani.
Umwaka w'amatora wa 2020 waranzwemwo ikiza karanda ca coronavirus.
Yaraneguwe bikomeye ku kungene yafashe minenerwe iki kiza mu gihe Amerika ari yo yari kw'isonga kw'isi yose mu bitigiri vy'abo yahitanye n'abayandura, aho nyene akaguma ashikiriza amajambo yateza impari, nko kuvuga ko hokorwa ubushakashatsi nimba uno mugera wari gushobora kuvurwa n'imiti yica udukoko (désinfectant) yoterwa mu mubiri.
Yitoreza ikiringo ciwe ca kabiri, n'ubwo yaronse amajwi imiriyoni 74 - kurusha uwundi mu prezida uwo ari we wese yaba akiri ku butegetsi - yaratsinzwe n'uwo bahiganwa Biden aho yamusumbije amajwi arenga imiriyoni indwi.
Kuva muri Munyonyo (11) mu 2020 gushika muri Nzero (1) mu 2021, yaravuze cane ko bamwivye intsinzi kandi ko amatora yabayemwo ubusuma bwinshi - ibirego vyamiriwe kure mu manza zirenga 60.
Amaze kwanka ivyayavuyemwo, Trump yakoranije abanywanyi biwe ku wa 6 Nzero, maze abasaba gushwara ingoro y'amakoraniro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka (Capitol) mu gihe intsinzi ya Biden yariko iremezwa.
Iryo koraniro ryandurutsemwo imigumuko yashize abashingamateka n'abakenguzamateka hamwe n'icegera ciwe nyene mu kaga.
Igaruka ryiwe
Umwuga wa poritike wa Trump wasa n'uko wari upfuye inyuma y'ico gitero co kuri Capitol. Abatanga imfashanyo n'abanywanyi bararahiye ko batazosubira kumushigikira, mbere n'incuti ziwe mpfampfe ziramwiyamiriza ku mugaragaro.
Yaranse kwitaba irahira ry'umusubirizi wiwe aca yimurira umuryango wiwe i Floride, ariko, kubera isinzi ry'abanywanyi banse kumuva inyuma, yagumanye ikibanza kidasanzwe mu mugambwe w'Abarepubulikani.
Kumbure iragi rikomeye yasize ryagiye kuza ikiringo ciwe kirangiye - igihe abacamanza batatu bagendera ku vya kera yasiga agenye muri Sentare nkuru y'igihugu batumye haba ubwiganze bwakuyeho uburenganzira bwo gukoroza inda bwari bumaze imyaka yababa 50.
N'ubwo yagirijwe ko ari we yatumye umugambwe w'Abarepubulikani uronka amajwi make mu matora y'inama nshingamateka na nkenguzamateka mu 2022, nticabujije ko Trump asubira kwiyamamariza ikindi kiringo.
Abakeba biwe barenga cumi, harimwo uwahoze ari icegera ciwe, barahanganye na we ariko barananirwa, kuko yirinze guharira na bo maze akibanda cane ku gutyoza Biden.
Yatanguye urugamba rw’amatora rusangi ahanganye n’ibirego 91 mu manza zine mpanavyaha ariko amayeri yiwe yo kuzidindiza yaramuhaye intsinzi muri rusangi.










