'Ni umwiraburekazi canke ni umuhindikazi?': Trump arabaza ubwoko bwa Harris

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Rachel Looker
- Igikorwa, BBC News, Washington
Donald Trump yifatiye mu gahanga Kamala Harris ku mamuko yiwe, hari mu kiganiro c’impari nyinshi mw’ihuriro ry’abanyamakuru b’abirabure.
Trump yavuze, ata vyemezo, ko icegera c’umukuru w’igihugu ari na we aboneka ko ashobora guserukira umugambwe w’aba-Democrats mu matora yimirije, yari asanzwe avuga gusa amamuko yiwe nk’Umunyamerikakazi akomoka muri Asia gushika ubu bwa vuba aho, nk’uko abivuga, "ahindutse umwiraburekazi".
"Sinari nzi ko ari umwirabure gushika mu myaka ya vuba aho yigira umwirabure ubu akaba ashaka ko afatwa nk’umwirabure”, niko yavuze mw’ihuriro ry’ishirahamwe ry’abanyamakuru b’abirabure, National Association of Black Journalists, muri Chicago ejo ku wa gatatu.
"Rero jewe sinzi – ni umuhindikazi? Canke ni umwiraburekazi?"
Harris avuga ko amajambo ya Trump “asa n’ayamenyerewe” kuri we yo “gucanishamwo … no kutubaha".
Yabwiye ishirahamwe ry’abagore b’abirabure, Sigma Gamma Rho, i Houston, ati "Abanyamerika bakeneye ineza. Dukeneye indongozi itahura ko ubudasa bwacu butaducanishamwo – ni isoko rikomeye ry’ubukomezi bwacu”.
Harris ni we Munyamerikakazi w’umwirabure akomoka muri Asia abaye icegera c’umukuru w’igihugu, akaba avuka ku munya-Jamaica n’umuhindikazi. Yize kuri kaminuza ya Howard, ishure kaminuza y’abirabure kuva muri kahise, hanyuma yinjira mw’ihuriro ry’abagore b’abirabure Alpha Kappa Alpha.
Amaze kwinjira mu nama nkenguzamateka mu 2017, yabaye umwe mu bagize umurwi w’abashingamateka n’abakenguzamateka b’abirabure mu nama nshingamateka na nkenguzamateka.
Amajambo ya Trump yateje impari zikomeye hagati ya we n’umunyamakuru wa ABC News Rachel Scott, umwe mu bari barongoye iki kiganiro c’i Chicago.
Avuga ku mamuko ya Harris, uno mu Repubulika agira ati: "Vyose ndavyubahiriza. Ariko wewe biraboneka ko atavyubahiriza kuko igihe cose yamye ari Umuhindikazi, ariko bukwi na bukwi aca arahindura aba umwirabure”.
Umunyamabanga w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru Karine Jean-Pierre avuga ko ata n’umwe “afise uburenganzira ubwo ari bwo bwose bwo kubwira umuntu uwo ari we, amamuko yiwe. Ivyo nta n’umwe abifitiye uburenganzira”.
"Ni nde yagenye Donald Trump ngo ahagararire ubwirabure?" niko umushingamateka Ritchie Torres wa New York abaza. Avuga ko Trump ari “igisigarira ca kahise k’ivangura".
Uno munyaporitike aherutse kwemezwa ko ari we azoserukira umugambwe w’Abarepubulika akaba yahoze arongoye igihugu afise kahise ko kwizizira abatavuga rumwe na we afatiye ku bwoko.
Yaragirije mu bubeshi Barack Obama, umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure, ko atavukiye muri Amerika.
Trump yarifatiye mu gahanga Nikki Haley yahoze aserukira Amerika muri ONU yanahiganywe na we mu mugambwe w’Abarepubulika mu kuvuga abesha ko atari gushobora kuba umukuru w’igihugu kuko abavyeyi biwe batari Abanyamerika igihe yavuka.
Harris yagiye ahura n’ibitero kuva yinjiye mu rugamba rwo kurondera kwitoza kw’izina ry’aba-Democrats. Abarepubulika baranegura iyo ngingo, bakavuga ko ata kindi catumye agomwa atari ubwoko bwiwe.
Tim Burchett, umushingamateka w’Umurepubulika wo mu ntara ya Tennessee, yamwise “icegera c’umukuru w’igihugu wa DEI” – afatiye ku migambi y’ubudasa (diversity), uburinganire (equity) no gushira hamwe (inclusion).
Muri iki kiganiro co ku wa gatatu, Scott yagumye asatira Trump amusaba gutomora neza nimba yemeza ko Harris ari “umukozi wa DEI”. Yishuye ati: "Ni ukuri sinzi. Vyoshoboka”.
Harris arasigura ingene yakuze yitayeho amamuko yiwe y’Ubuhindi kandi kenshi agendera iki gihugu. Nyina wiwe na we nyene yarinjije mu bakobwa biwe akaranga k’abirabure ba Oakland muri California – aho yarerewe, nk’uko abivuga.
Trump kandi yarifatiye mu gahanga ubushobozi bwa Harris muri ico kiganiro, aho yavuze ko yananiwe mu kibazo c’abanyamategeko mu myaka ya mbere y’akazi kiwe nk’umunyamategeko. Amajambo yiwe yateje uruyogoyogo mu bari bahari.
Ati: "Ndiko ndabaha ukuri gusa. Ntiyamenye ikibazo ciwe c’abanyamategeko kandi ntiyibaza ko yari gushobora kumenya kandi ntiyibaza ko vyari gushika akazomenya, kandi sinzi ingene vyangeze. Kumbure yahavuye amenya”.
Harris yahejeje amashure ya kaminuza mu vyo amategeko mu 1989 kuri kaminuza ya California Hastings College of Law. Ikinyamakuru New York Times candika ko yananiwe ikibazo ca mbere hanyuma akaza kumenya mu ca kabiri. Ihuriro ry’abanyamategeko b’intara ya California rivuga ko abari musi y’ica kabiri c’abakora ikibazo ari bo bamenya ku ncuro ya mbere.
Iki kiyago ca Chicago catangujwe n’impari hagati ya Scott n’uno yahoze ari umukuru w’igihugu. Trump yagirije uno munyamakuru ko yatanze “intangamarara itarimwo urupfasoni na mba” mu gutangura ikiganiro amubaza kahise kiwe ko gutyoza abirabure.
Asubiramwo Trump avuga ko ibibazo vy’abanyamakuru ari ivyo “ubujuju kandi vy’ivangura” kandi ko yari yasangiye “imfungurwa n’umuzungu yiyemera kw’ihoteri yawe ya Mar a Lago''.
Yishuye ati: "Ndakunda abanyagihugu b’abirabure b’iki gihugu, maze gukorera abirabure b’iki gihugu ibintu vyinshi cane”.
Aciye ku rubuga hwaniro rwiwe, uno yahoze ari umukuru w’igihugu yaneguye iki kiganiro haciye amasaha makeya. Ati: “Ibibazo nta rupfasoni rwarimwo kandi harimwo kwerura, akenshi bikaza ari nk’ukwemeza ibintu, ariko TWAGIKUBISE HASI!”.










