Abarepubulika bariko bahamagarira Biden gutanga imihoho

Joe Biden n'umukuru w'inama nshingamateka Mike Johnson

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Phil McCausland & Bernd Debusmann
    • Igikorwa, BBC News, New York na Washington DC

Abarepubulika batari bake baciye bihutira gusaba Perezida Joe Biden gutanga imihoho akava muri Maison Blanche/White House (ingoro y'umukuru w'igihugu wa Amerika) inyuma y'aho atangarije nijoro ku wa Mungu ko avuye mw'ihiganwa mu matora y'umukuru w'igihugu yimirije.

Abategetsi b'umugambwe w'Abarepubulika bavuga ko iyi ngingo ya Biden yo gukinjura yemeza ibivugwa ko afise ingorane zo kwiyumvira neza kugira ngo abe umukuru w'igihugu - ikibazo gihanze aba-Democrats kuva aho yitwariye nabi mu kiganiro mpari mu kwezi guheze.

Mike Johnson, Umurepubulika arongoye inama nshingamateka, agira ati: "Nimba Joe Biden adashoboye kwiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu, ni uko adakwiriye kuba umukuru w'igihugu".

Afatiye kw'itariki y'amatora, agira ati: "Ategerezwa gutanga imihoho vuba bwango. Ku wa 5 Munyonyo ni kure cane".

Igihe yamenyesha ko akinjuye, Biden yavuze ko azobandanya kurongora igihugu gushika ikiringo ciwe kirangiye mu kwa mbere 2025.

Haciye amasaha makeya nijoro ku wa Mungu, Maison Blanche yashimangiye ko atazotanga imihoho, ikagira iti: "Yiteguye kurangiza ikiringo ciwe no gukorera Abanyamerika mu buryo bw'akataraboneka".

Abarepubulika bakuru bakuru babandanije batera akamo nk'ako ko gutanga imihoho, mu gihe kandi basubira kwifatira mu gahanga icegera c'umukuru w'igihugu Kamala Harris yoca yinjira ibiro vy'umukuru w'igihugu ari nka hamwe Biden yoramuka atanze imihoho. Biden yamushigikiye ko ari we agiye kwiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu.

Umushingamateka wa New York Elise Stefanik, umukuru w'inama y'Abarepubulika, na we nyene asa n'uwuvuga nka Johnson ku bijanye n'ubushobozi bwa Biden bwo kurangura amabanga y'umukuru w' igihugu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Arangiza itangazo ryiwe agira ati: "Ategerezwa gutanga imihoho vuba bwango".

Umukeba wa Biden, Donald Trump, wewe yivugira ko kuva mu ntango uno mutegetsi w'umu-Democrat atari akwiye kuba umukuru w'igihugu - nubwo wewe atamusaba gutanga imihoho.

Umukenguzamateka Steve Daines wo muri Montana arongoye uruhande rw'amakenguzamateka b'abarepubulika rujejwe imyiyamamazo, avuga ko kuba umukuru w'igihugu ari "amabanga ya mbere agoye kw'isi".

Mw'itangazo, avuga ati: "Kandi sincizeye ko Joe Biden ashobora kurangura amabanga yiwe neza nk'umugaba mukuru w'ingabo".

Uwundi mukenguzamateka w'Umurepubulika, Markwayne Mullin wa Oklahoma, yashitse kure mu kuvuga ko Biden akwiye kuvanwa ku nguvu muri Maison Blanche hisunzwe ingingo ya 25 yo mw'ibwirizwashingiro rya Amerika - ingingo itarigera ikoreshwa na rimwe mu gusubiriza umukuru w'igihugu iyo atagishoboye kurangura amabanga yiwe.

Abanegura Trump barigeze gusaba ko hokurikizwa iyi ngingo mu kumwomora igihe yari akiri umukuru w'igihugu.

Hari abanyaporitike batari bake bari biteze ko Biden yivana mw'ihiganwa.

Inyishu ziwe zidatumbereye mu kiganiro mpari co ku wa 27 Ruheshi (6) na Trump zatangaje igihugu, zituma abanyagihugu bibaza nimba koko yoshobora kumara iyindi myaka ine arongoye igihugu. Nubwo mu majambo yagiye ashikiriza no mu biganiro yagiye agira Biden yerekanye ko yivyukiranije, yahuye kandi n'ibibazo vyo kuyumbayumba kandi asa n'uwufise ibibazo vyo kwibagira.

Aba-Democrats mu nama nshingamateka na nkenguzamateka bafise ubwoba ko ihungabana ryiwe rishobora kubatesha amahirwe yo gusubira gutorwa, mbere n'abatanga imfashanyo bakuru bakuru bari batanguye kumuhatira gukinjura, ariko ntibamutegeka gutanga imihoho.

Umukuru w'igihugu yaheruka kwikura mw'ihiganwa, Lyndon B. Johnson, na we nyene yarabadanije n'ikiringo ciwe cari gisigaye. Nk'uko Biden avuga, na Johnson ico gihe yavuga ko yakinjuye kugira ngo yiteho gusumba amabanga yiwe y'umukuru w'igihugu.

Mu gihe igitsure kuri Biden cagenda ciyongera mu ndwi nkeya ziheze, Abarepubulika bobo bongereje akariro bamusaba gutanga imihoho.

Amasaha makeya imbere y'uko Biden atangaza ko akinjuye, uwiyamamariza hamwe na Trump nk'icegera c'umukuru w'igihugu, umukenguzamateka JD Vance wa Ohio, yavuze ati: "Ari nka hamwe atokwiyamamariza ikindi kiringo vyoba vyerekanye neza ko Perezida Trump yamye afise ukuri ko Biden atari afise ubushobozi bukwiye bwo mu mutwe bwo kuba umugaba mukuru w'ingabo. Nta guca ku ruhande".

Yongerako ati: "Joe Biden ni we mukuru w'igihugu wa mbere mubi nabonye mu buzima bwanje, kandi Kamala Harris yagumanye nawe igihe cose".

Abarepubulika bahindukiriye Kamala Harris

Kamala Harris ari kumwe n'umukuru w'inama nshingamateka Mike Johnson na Joe Biden

Ahavuye isanamu, Getty Images

Biden yashigikiye ko umupfasoni Harris amusubirira mu kwiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu, nubwo umugambwe ugifise akaryo ku kubanza kwemeza uwo bipfuza ko azobaserukira mu matora.

"Ni iteka kuri jewe kubona umukuru w'igihugu anyemeje kandi intego yanje ni ukugenwa", niko Harris yavuze mw'itangazo. "Nzokora ivyo nshoboye vyose mu gushira hamwe umugambwe w'aba-Democrats - no gushira hamwe igihugu - kugira ngo dutsinde Donald Trump n'umugambi wiwe mubi wa 2025".

Bivugwa ko Abarepubulika bari biteguye guhangana na Harris - kuko benshi bari bazi ko ari we yari afise igihamana cinshi co kumusubirira.

Amasoko yo mu bajejwe imyiyamamazo ya Trump babwiye ibinyamakuru vya Amerika ko bariko bategura amatangazo y'ibitero n'ubushakashatsi bwo kumurwanya ari nka hamwe yoba ari we ahangana nabo.

Abenshi bamunegura ku bijanye n'uruhara yagize ku kibazo c'abimukira, kandi ko ari ikibazo adashoboye.

Donald Trump Jr, umuhungu w'uwahoze ari umukuru w'igihugu, avuga ko poritike yiwe ataho yotandukanira n'iya Biden.