Kamala Harris yoba afise ibikenewe kugira atsinde Trump?

Perezida Biden n'icegera ciwe Harris

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Biden avuga ko kuva mw'ihiganwa rya 2024 yabaye ingingo yari ''ibereye gufatwa''
    • Umwanditsi, Anthony Zurcher
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa Amerika ya Ruguru

Inzira y'icegera c'umukuru w'igihugu Kamala Harris yo kwemezwa ngo azoserukire umugambwe w'aba-Democrat mu kwitoza iriko irabona neza.

Mbere gisa n'uko amaherezo kizohava kiba igice coroshe c'urugamba yimirije. Igice kigoye cane - co gutsinda uwamaze kwemezwa kw'izina ry'aba-Republicains Donald Trump mu kwezi kwa Munyonyo (11) - co kiracaza.

Kwemezwa kwitoza muri ico kibanza kiza kw'isonga bishobora kuzozanira inguvu nshasha aba-Democrat, ariko kandi bishira ahabona intege nke zitari ziteye ikibazo kinini aho hari Biden.

Ku biharuro vya vuba vyo kugereranya amajwi, Harris ari inyuma gatoya y'uwo yahora ari umukuru w'igihugu- bisa n'aho Biden yari ageze, imbere y'uko afata ingingo mbonekarimwe yo kuva mw'ihiganwa. Ariko haracari umwanya kugira ivyo biharuro bishobore guhinduka mu gihe dutera tuva mu vyo kwibaza canke kugereranya tuja mu vy'ukuri.

Nibura muri aka kanya, aba-Democrat baronse utuguvu inyuma y'amayinga atatu batazi iyo bava n'iyo baja ku kibazo c'ububasha bw'umukuru w'igihugu bwo kubandanya imyiyamamazo.

Abakomakomeye mu bobaye abakeba ba Harris mu kurondera kwemezwa ngo bazoserukire umugambwe mu kwitoza bose ubu bamushigikiye, nk'uko vyakozwe kandi n'uwahoze ari umukuru w'inama nshingamateka, Nancy Pelosi - n'ubu akiri umwe mu bantu bafise ijambo cane muri poritike y'aba-Democrat.

Ariko, n'ubu, iri ni ihiganwa rigiye kuzoba rikomeye cane muri Munyonyo (11) - ikigaragaza umugaga ukomeye uri hagati y'impande zibiri za poritike ya Amerika hamwe n'agasibe abatora benshi bafitiye Trump nk'umwe mu bazokwitoza.

Igikomeye mu bizobera ingorabahizi kuri Harris -ariko kandi kizonamubera akaryo keza - kuzoba ugushingira ku banka Trump, gukwegakwega abafise ivyiyumviro vyo hagati na hagati no mu kwongerereza inguvu itsitso ry'aba-Democrat, umugambwe wari umaze iminsi uyumbayumba mu mwiheburo, kugira nawe ashike nk'aho benshi mu ba-Republicain bageze mu gushigikira uwahoze ari umukuru w'igihugu.

Kamala Harris

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kamala Harris: kuva ku wahoze ari umushikirizamanza gushika k'uwushobora kuba umukuru w'igihugu

Gusubiza ibintu itoto?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuba aba-Democrat basubiye kuronka akariro vyazananye n'ikimenyetso c'idorari (c'ifaranga). Ku bw'abatunganya imyiyamamazo ya Harris, icegera c'umukuru w'igihugu yegeranije amafaranga arenga miriyoni 80 z'ama dorari mu ntererano nshasha mu masaha 24 kuva Biden atangaje ko avuye mw'ihiganwa - ni bwo bwa mbere hegeranijwe amahera menshi nk'aya ku munsi umwe ku witoza uwari we wese muri aya matora. Ayo, hamwe n'ayo yasigiwe na Biden miriyoni 100 z'ama dorari mu yo bari bafadikanije gutororokanya, amuha igihagararo ciza mu myiyamamazo iri imbere.

Harris, hamwe yokwemezwa, azoba asambuye kandi kimwe mu vyo aba-Republicain bahora bitwaza mu kurondera guca intege uwo bahiganwa: imyaka yiwe.

Amezi n'amezi yari aheze abo mu ruhande rwa Trump badahengeshanya mu kuvuga ko Biden afise amagara make kandi asigaye asobwa mu majambo - ivyahavuye bishimangirwa ku Banyamerika benshi n'ikiganiro cabaye akaga kuri Biden haraheze ukwezi.

Icegera c'umukuru w'igihugu, ku myaka 59, azoba ari uwuriko ariyamamaza agifise umurya kandi ashobora kugwanira neza gusumba umugambwe wiwe. Ashobora no guhindukiza imyaka 78 ya Trump kuri we [akavuga ko ashaje], mu gihe aramutse atowe yoba abaye umuntu wa mbere ashaje kurusha abandi bose bari bamaze gutorwa nk'umukuru w'igihugu.

Harris ashobora kwegeranya kandi amajwi y'abirabure, ibiharuro vyo kugereranya amajwi vyerekana ko bariko barava inyuma ya Biden muri aya mezi ya vuba. Hamwe yofatanya ivyo no gushigikirwa n'iyindi migwi y'inkehwa hamwe n'abakiri bato -ari navyo Barack Obama yishigikije mu gutsinda mu 2008 na 2012 - yoshobora gutwara Trump bamwe mu batora muri za ntara nkeya za mahindagu, ari nazo ziha umurongo ayo matora.

Kahise kiwe nk'umushikirizamanza gashobora kandi kumwongerereza ubwiza bw'ishusho y'umuntu yagwanya cane icaha. Mu gihe amateka yiwe mw'iyubahirizwa ry'amategeko yabaye intambanyi mu gihe yarondera kwemezwa ngo ahagararire umugambwe w'aba-Democrat mu matora y'umukuru w'igihugu mu 2019 - hanyuma akamuzanira uguhangarwa n'abagendera ku vyiyumviro bikaze vy'impinduka (gauche/left) bamwita ngo ''Kamala ni umuporisi'' - ubu ashobora kumufasha mu guhangana na Trump mu kwiyamamaza.

Icegera c'umukuru w'igihugu, mu ntwaro ya Obama, niwe kandi yabaye uwubazwa ikibazo c'uburenganzira bwo gukorora inda cabonetse ko ari kimwe mu bibazo bikomeye vyo gutuma itsitso ry'aba-Democrat bahaguruka mu matora aheruka.

Biden we, rimwe na rimwe hari igihe yagonanwa mu kugwanira ico kibazo, aho yahura n'intambamyi zo muri kahise zo kuba yarashigikiye ko hoba ibiguma ari ikizira mu bijanye no gukorora inda.

''Nibaza ko yibutsa abagore bo mu bice vyo mu nkengera z'ibisagara mu gihugu cose, na cane cane abo mu ntara zigwanirwa cane mu majwi, ico bashobora gutakaza mu burenganzira bwabo mu bijanye n'irondoka,'' niko Steve Israel, yahoze aserukira New York mu nzego nshingamategeko, akaba yarabaye umukuru wa komite yo kwiyamamanza y'urwo rwego, yabwiye BBC.

''Twasubije ibintu itoto mu buryo bukomeye mu myiyamamazo.''

Intege nke za Harris

Ku nkomezi zose Harris ashobora kuba afise, hari impamvu y'igituma mu ntango aba-Democrat babanje kwijijanya imitima imbere yo gusaba Biden gukinjura, kuko babona ko uwo bokwitoje hamwe ari we yari guca aba umusubirizi wiwe.

N'ubwo yatumye aba-Democrat bashwabaduka ku kibazo c'uburenganzira bwo gukorora inda, Harris nk'icegera c'umukuru w'igihugu hari ivyo kumushima n'ivyo kumugaya.

Intwaro ya Biden igitangura, yahawe igikorwa co gutorera inyishu imizi y'ikibazo c'abimukira ku rubibe rwa Amerika na Mexique. Hari intambwe zitagenze neza n'amajambo atatumbereje mu kuvuga - harimwo ikiganiro camugoye cane n'umumenyeshamakuru wa NBC Lester Hot - vyarononye igihagararo ciwe biha inzira abagendera ku vyiyumviro vya kera kugira baronke aho bamuca.

Aba-Republicain basanzwe bamwiyamiriza nk''''umwamikazi w'imbibe'' w'umukuru w'igihugu, mu kugerageza kumugira ishusho y'ico abanyagihugu babona nka politike za reta ya Biden zitakunzwe kuri ico kibazo c'abimukira.

''Ku kibazo c'abimukira aba-Democrat baragoyagoya muri izo reta zigwanirwa cane,'' bivugwa na Israel. ''Iki ni ikibazo gikomeye cane ku batora baba muri utwo turere tw'inkengera z'ibisagara, biba vyo canke bitaba vyo. Bibaza ko reta yacu ico kibazo itagitunganya neza bikwiye.''

Uruhande rwa Trump ruzogerageza gukoresha kandi kahise kiwe k'ubushikirizamanza mu kurondera aho bamuca - haba mu kwerekana amateka y'icegera c'umukuru w'igihugu mu gushira mu bikorwa impinduka zijanye n'ubutungane bw'ivyaha bongere bamufatire ku ngingo ziwe nk'umushikirizamanza n'izo kurekura abafunzwe mu gihe baba batararangiza ibihano.

Ahandi Harris afise intege nke ni ingene yaciye mu bihe vyiza na bibi mu bibanza yarondeye kwitozamwo. Igihe yarondera kwitoza mu bukenguzamateka mu 2016, yahanganye n'uruhande rw'aba-Republicain gusa mu ntara ya California isanzwe izwi ko ari icibare c'aba-Democrat.

Igihe yarondera ko yokwemezwa n'umugambwe w'aba-Democrat ngo azowuserukire mu matora y'umukuru w'igihugu mu 2020, vyarangiye adateye umutaru. Naho yari yabanje kuzana umurindi mwiza, urufatane rw'ibiganiro n'abamenyeshamukuru atifashemwo neza, kuba ata mbono itomoye n'imyiyamamazo itari itunganijwe neza, rwatumye avamwo n'imbere y'uko hatangura amahigwanwa ya mbere y'imbere mu mugambwe.

Kamala Harris

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kamala Harris ati : 'Ndazi abameze nka Trump uko bateye'

Amavamuhira

Kumbure kimwe mu ntambanyi zikomeye kuri Harris, bitandukanye n'umukuru w'igihugu, we si umukuru w'igihugu yari ahasanzwe. Mu gihe ivyo bishobora kumubera akaryo ko kwitandukanya na bimwe mu bitakunzwe cane mu mateka ya Biden, arabuze ako kworoherwa no kuba ari umuntu abatora basanzwe bazi.

Ni ukwitega ko aba-Repubublicain bazovuba mu kwerekana ko Harris ataraca urwevu kandi ari ukwigerezako kumutora ngo abe umukuru w'igihugu. Kanatsinda, ubu Trump aramurusha kuvuga bigafata ko ari we yamaze kumira ako kabuye.

Icegera c'umukuru w'igihugu arafise amahirwe, mu minsi iri imbere, yo kwereka Abanyamerika amavamuhira ya mbere. Hamwe yotangura gutsitara imbere y'urugi, bishobora kwugurura inzira yo kugwanira ubutegetsi gushika no mw'ikoraniro kaminuza ry'aba-Democrat mu kwezi kwa Myandagaro (8). Amaherezo bashobora gusanga umugambwe ugiye inyuma y'uwundi ashaka kwitoza - canke umugambwe ugasambuka.

Nk'uko vyabonetse mu mayinga ane aheze, amahirwe yo kurondera gushika ku kirimba ca Maison Blanche ashobora guhindukira mu kanya isase kandi mu buryo budasubira inyuma. Harris yaronse itike yo kwinjira mu kibuga ca mbere gikomeye co muri poritike ya Amerika - ubu hasigaye ko yerekana ko ashoboye guhiganwa.