Amerika na Iran bemeranyije ku gahenge k'ibyumweru bibiri gafite ibisabwa hamwe no gufungura umuhora wa Hormuz

Pakistan ivuga ko izakira ibiganiro by’impande zombi ku wa gatanu, mu gihe Tehran ivuga ko ako gahenge kazashoboka “niba ibitero kuri Irani bihagaritswe”.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana na Gisèle Berwa

  1. Mwakoze kubana natwe!

    Amakuru y’ikibiriraho ni aha tuyasoreje uyu munsi, ni ah’ejo.

  2. Ubwato butwara igitoro bwahagaritse guca mu muhora wa Hormuz – nk’uko bivugwa n’ibimenyeshamakuru vya Iran

    Ubwato buriko buraca mu muhora wa hormuz

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Ibimenyeshamakuru vya Iran bivuga ko ubwato butwara igitoro bwahagaritse guca mu muhora wa Hormuz , mu gihe Israel iriko iratera Liban ibitero “bikomeye kuruta ibindi vyose” kuva yatangura ibikorwa vyayo vya gisirikare ku butaka.

    Kwemerera ubwo bwato guca muri iyo nzira ni kimwe mu bintu bihambaye mu masezerano yo guhagarika intambara hagati ya Iran na Amerika.

    Ariko ikinyamakuru Fars gifitaniye isano n'umurwi Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC) ryavuze ko mu gihe ubwato bubiri bw'ibitoro bwashoboye guca muri uwo muhora abiherewe uruhusha na Irani muri iki gitondo, inzira y'ubwato bw’ibitoro mu muhora wa Hormuz wahagaritswe.

    Ikinyamakuru Islamic Republic naco nyene kivuga ko iyo nzira yahagaritswe, kikavuga ko ivyo bifitaniye isano n’uko Israel ibandanya ibitero vyayo muri Liban.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Umushikiranganji wa mbere wa Liban arasaba ubufasha mpuzamakungu kugira ngo hahagarikwe ibitero vya Israel

    Umushikiranganji wa mbere wa Liban Nawaf Salam yambaye ikoti

    Ahavuye isanamu, EPA

    Umushikiranganji wa mbere wa Liban arasaba “incuti zose za Liban” ko zofasha guhagarika ibikorwa vya gisirikare vya Israel mu gihugu, bakoresheje uburyo bwose bushoboka, inyuma y’urukurikirane runini rw’ibitero vy’indege.

    Mu butumwa yashize ku rubuga X, Nawaf Salam yavuze ati: “Israel irabandanya kwagura ibitero vyayo ku bice bibamwo cane abanyagihugu, bikaba vyahitanye ubuzima bw’abasivile batagira ibirwanisho mu bice bitandukanye vya Liban, cane cane mu murwa mukuru Beirut.”

    Ico cipfuzo ciwe gikurikiye itangazo ry'igisirikare ca Israel (IDF), kivuga ko cagize "ibitero bikomeye cane" muri Liban kuva igikorwa caco co kurwanya Hezbollah gitanguye.

    Salam avuga ko ivyo IDF yakoze vyerekana "ukwirengagiza cane" amategeko mpuzamakungu, yongerako ati: "Kandi incuti zose za Liban turazisavye kudufasha guhagarika ivyo bitero mu buryo bwose bushoboka."

    Izindi nkuru wosoma :

  4. Umugambi wo guhindura uko Umukuru w’Igihugu atorwa uteye impari muri Zimbabwe

    Ifoto ya Emmerson Mnangagwa yambaye amarori

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Inyuma yo gukura Robert Mugabe ku butegetsi mu 2017, Emmerson Mnangagwa yatorewe kuba umukuru w'igihugu mu 2018

    Mu gihugu ca Zimbabwe hariko haraduka impari zikomeye kubera umugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiro, ushobora gukuraho amatora y’Umukuru w’Igihugu yahora yitabwa n’abanyagihugu bose.

    Umugambwe uri ku butegetsi, Zanu-PF, uvuga ko izo mpinduka zogabanya amatati n’ugutana mu mitwe bikunze kwibonekeza mu matora, hamwe no kugabanya amafaranga akoreshwa.

    Bashaka ko umukuru w’igihugu yotorwa n’inama Nshingamateka, kandi ikiringo c’ubutegetsi kiva ku myaka itanu kigashirwa ku myaka indwi.

    Ariko abatavuga rumwe n’ubutegetsi babona ko ivyo ari uguhonyanga demokarasi no gushaka kugumiza ubutegetsi mu maboko y’umuntu umwe. Batinya ko Perezida Emmerson Mnangagwa yoshobora kuguma ku butegetsi gushika mu 2030, mu ihe manda yiwe ya nyuma yari itegekanijwe kurangira mu 2028..

    Mu nama zo kwakira ivyiyumviro vy’abanyagihugu, haribonekeje imidurumbanyo n’ugusunikana hagati y’abatabona kumwe uwo mugambi. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko babujijwe gukora amanama yabo kandi bagahohoterwa.

    Zanu-PF irahakana ivyo yagirizwa, ivuga ko izo mpinduka zifise intumbero yo gutsimbataza amahoro n’iterambere vy’igihugu.

    Uwo mugambi uteye kubiri n’ibitegekanijwe mw'ibwirizwa nshingiro ryo mu 2013, aho bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu atarenza ibiringo bibiri kandi ko ihindurwa ry’izo "manda" risaba ko haba amatora ya kamarampaka (referandum).

    Mu gihe inama nshingamateka igiye gufata ingingo, uyu mugambi ubandanya gutera impari zikomeye hagati y’ababona ko ari impinduka ikenewe, n'abandi babona ko ari ugusubira ku butegetsi bw’umukazo.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Impamvu uburyo Iran yirwanaho bushobora gutuma guhagarika imirwano bigorana

    ifoto igaragaza ahasenywe muri ibi bihe by'intambara iri muri Iran

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Mu gihe kirenga ukwezi, Amerika na Israel bagabye ibitero bihuriweho kuri Iran.

    Akenshi, kwicwa kw’abayobozi bose ba politiki n’aba gisirikare b’igihugu bitera akajagari, ndetse rimwe na rimwe igihugu kigahungabana cyangwa kigasenyuka. Ariko muri Iran, ibyo ntibyabaye.

    Ibi bishobora guterwa n’uko bakoresheje uburyo bw’ubwirinzi buzwi nka “mosaic defence” bushingiye ku kudashyira ububasha bwose ku rwego rumwe, ahubwo bukabushyira no ku bayobozi bo mu nzego zo hasi.

    Abo bayobozi baba bafite urutonde rw’intego bagomba kugeraho, kandi bagahabwa ububasha bwo gukora mu bwigenge, batategereje amabwiriza ava i Tehran.

    Abo bayobozi baba bafite urutonde rw’intego bagomba kugeraho kandi bagahabwa ububasha bwo gukora bonyine, batategereje amabwiriza cyangwa ubutumwa buturutse i Tehran.

    Ibi byabafashije kwirinda uburyo bwa Amerika na Israel bwo “guca umutwe” ku buyobozi, aho hafi abayobozi bose bakuru bishwe.

    Ariko nanone, ibi bishobora kubangamira amahoro. Iyo hatabayeho umurongo uhamye w’amabwiriza, gutanga amabwiriza yo guhagarika imirwano bishobora kugorana.

    Birumvikana ko tutazabimenya vuba, ariko ibi bishobora gutuma ibitero bikomeza, nubwo ubuyobozi bwa politiki i Tehran bwaba buri kugerageza kugirana amasezerano.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Trump avuga ko Amerika 'iriko ikorana cane' na Iran

    President wa Amerika, Donald Trump

    Ahavuye isanamu, YURI GRIPAS/POOL/EPA/Shutterstock

    Mu butumwa Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yashize ku rubuga rwa Truth Social, yavuze ko Amerika izokorana na Iran, akagira ati: "Twemeza ko ubuyobozi bwa Irani bwahindutse mu buryo butugirira akamaro, ubu rero dushobora gukorana na bwo".

    Trump avuga ko Irani itazokwongera gutunganya uranium, kandi ko Amerika izokorana na Tehran kugira ngo “bazure bongere bakureho ibisigarira vya nikleyeri vyahambwe [n’ibitero vy’indege zacu za B-2]”.

    Yongerako ati: “Ubu, kandi vyamye bimeze gutyo, biriko biragenzurwa bikomeye hakoreshwejwe ibigendajuru.

    “Nta kintu na kimwe cakozweko kuva ku munsi w’ibitero. Turiko turaganira kandi tuzobandanya tuganira na Iran ku bijanye no kugabanya amatagisi n’ibihano. Vyinshi mu bintu 15 vyaganiriweho, vyaramaze kwemezwa.”

    Izindi nkuru wosoma :

  7. Bizatwara igihe kugira ngo urujya n'uruza rw'amato mu muhora wa Hormuz rusubire uko rwari rumeze – umusesenguzi

    Ifoto y'icyogajuru ifatiwe mu kirere igaragaza umuhora wa Hormuz, urimo igice cy'ubururu kigaragaza amazi.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Agahenge k'ibyumweru bibiri katangajwe na Perezida w'Amerika Donald Trump mu ijoro ryacyeye gasaba Iran kongera gufungura umuhora wa Hormuz.

    Ariko umusesenguzi mu by'ubwikorezi bwo mu nyanja, Lars Jensen, wahoze akorera ikigo cy'ubwikorezi cyo muri Danemark cyitwa Maersk, yabwiye ikiganiro cyitwa Today cyo kuri BBC Radio 4 ko “nta kintu na kimwe kirahinduka mu by'ukuri kugeza ubu” muri uwo muhora wo mu nyanja, yongeraho ko “bizafata igihe” kugira ngo icyizere cyongere kubakwa.

    Yavuze ko yiteze kubona amato menshi asohoka mu Kigobe cy'Abarabu mu minsi micye iri imbere, ariko ko azaba ari macye cyane yinjira, kubera impungenge ko ashobora kugwa mu mutego niba agahenge karenzweho.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Ingabo za Israel zivuga ko zahagaritse ibitero kuri Iran ariko ko zizabikomeza muri Liban

    Umwotsi uzamuka hejuru y'inyubako ndende, nyuma yuko ingabo za Israel zigabye ibitero byo mu kirere mu karere ka Dahieh mu murwa mukuru Beirut wa Libani, ku itariki ya 5 Mata (4) mu 2026.

    Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ingabo za Israel zagabye ibitero byo mu kirere mu karere ka Dahieh ko mu murwa mukuru Beirut wa Libani, ku itariki ya 5 Mata (4) uyu mwaka

    Ingabo za Israel (IDF) zivuga ko zahagaritse gutera Iran, ariko ko zizakomeza ibikorwa (operations) bya gisirikare muri Libani.

    Mu itangazo yasohoye, IDF ivuga ko “yarangije urukurikirane rw’ibitero muri Irani” ndetse ko ubu yatanze agahenge “hakurikijwe amabwiriza” y’ubutegetsi bwa politike.

    IDF yongeyeho ko yiteguye “byo ku rwego rwo hejuru gusubiza byo kwirwanaho habayeho kubirengaho uko ari ko kose” kwibasira Israel.

    Ariko, ku mutwe witwaje intwaro wa Hezbollah ufashwa na Irani wo muri Libani, iryo tangazo rivuga ko “IDF ikomeje ibikorwa [operations] byo ku butaka bigambiriye” ahantu runaka.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Israel: Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi avuga ko Netanyahu yatsinzwe

    Yari yambaye ikote ry’ibara ry’umukara n’ishati y’ubururu bwerurutse avuga ko Netanyahu yatsinzwe

    Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock

    Insiguro y'isanamu, Yair Lapid utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Israel avuga ko Netanyahu yatsinzwe

    Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Israel, Yair Lapid, yanenze uburyo Benjamin Netanyahu yitwaye mu ntambara nyuma yuko uwo Minisitiri w’intebe wa Israel asohoye itangazo mu ijoro ryacyeye rishyigikira agahenge katangajwe na Perezida w'Amerika Donald Trump.

    Ibiro bya Netanyahu bivuga ko aka gahenge k’ibyumweru bibiri katarimo Libani, nubwo Iran na Pakistan byombi byavuze ko Libani iri muri ayo masezerano.

    Lapid yavuze ko ibi ari “akaga ka politike” kuri Israel.

    Yagize ati: “Israel ntiyari no ku meza y’ibiganiro igihe hafatwaga ibyemezo birebana n’ishingiro ry’umutekano w’igihugu cyacu.”

    Yakomeje agira ati: “Igisirikare cyakoze ibyo cyasabwe byose, abaturage bagaragaje ukwihangana kudasanzwe, ariko Netanyahu yaratsinzwe muri politike, yaratsinzwe mu igenamigambi, kandi ntiyageze ku ntego n'imwe mu zo we ubwe yihaye.”

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Umukuru wa ONU yashimye agahenge ko mu burasirazuba bwo hagati

    Ifoto igaragaza mu maso ya António Guterres arimo kuvugira mu ndangururamajwi, yambaye ikositimu y'umukara.

    Ahavuye isanamu, EPA

    Insiguro y'isanamu, António Guterres ubwo yari ari i Beirut muri Libani mu kwezi gushize

    Umunyamabanga mukuru w’Umuryango w’Abibumbye (ONU) António Guterres yishimiye “itangazwa na Leta Zunze Ubumwe [z’Amerika] na Irani ry’agahenge k’ibyumweru bibiri”, nkuko umuvugizi we yabivuze.

    Itangazo ry’umuvugizi rigira riti: “[António Guterres] Arasaba impande zose ziri muri iyi ntambara yo mu Burasirazuba bwo Hagati kubahiriza inshingano zazo zo mu mategeko mpuzamahanga no gukurikiza ingingo z’agahenge mu rwego rwo guharurira inzira amahoro arambye kandi yuzuye mu karere.”

    Guterres yavuze ko ashimira byimazeyo ibikorwa bya Pakistan n’ibindi bihugu mu gutuma agahenge kagerwaho.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Abanya-Iran bateraniye i Tehran nyuma y'itangazwa ry'agahenge

    Abanya-Iran bari mu byishimo nyuma y’agahenge katangajwe, umwe afite ifoto iriho umugabo ufite ubwanwa burimo imvi uteze igitambaro mu mutwe.

    Ahavuye isanamu, EPA

    Abanya-Iran bateraniye mu murwa mukuru Tehran bitwaje amabendera n'amafoto y'umutegetsi w'ikirenga wa Iran Mojtaba Khamenei nyuma yuko hatangajwe agahenge.

    Uko abantu bakiriye aka gahenge muri Iran biratandukanye, nkuko bivugwa na Khashayar Joneidi, umunyamakuru wa BBC mu ishami ritangaza amakuru mu rurimi rw'Igi-perse, uri i Washington.

    Hari umwuka wo kwiruhutsa ubu kubera ko ingomero zitanga amashanyarazi zitazagabwaho ibitero. Ariko ku bantu batavuga rumwe n'ubutegetsi, bagomba kongera guhangana na bwo, kandi ubu burushijeho kugira uburakari.

    Abanya-Iran benshi bari mu muhanda bafite amabendera, nyuma y'itangazwa ry'agahenge

    Ahavuye isanamu, EPA

    Ifoto igaragaza amasura y'abantu benshi, barimo n'abagore, bari mu muhanda, bamwe bafite amabendera.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Ibitero birakomeje nubwo Amerika na Iran byatangaje agahenge

    Roketi iri hejuru y'inzu iri mu ibara ry'umweru

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Roketi zagaragaye hejuru y'umujyi wa Netanya, muri Israel, nyuma yuko Perezida wa Amerika Donald Trump avuze ko yemeye gusubika igitero ku bikorwa remezo bya Iran

    Ibitero byatangajwe mu bihugu byinshi nyuma y'uko agahenge gatangajwe.

    Muri Iran:

    Ibitangazamakuru byo muri Amerika, bisubiramo amagambo y'umutegetsi wo muri Israel, byatangaje ko Israel igikomeje kugaba ibitero kuri Iran kugeza mu gitondo cyo ku wa gatatu.

    Ibi bibaye nubwo uko bigaragara ibiro bya perezida w'Amerika - byitwa White House - byahamirije ibiro ntaramakuru AFP ko Israel na yo yemeye amasezerano y'agahenge.

    Israel yavuze ko yemera agahenge ariko "katarimo Libani".

    Muri Israel:

    Ibitero byatangajwe i Yerusalemu/Yeruzalemu, aho abanyamakuru ba BBC bari muri uwo mujyi bavuga ko bumvise kandi bakanyeganyezwa n'ibiturika byinshi. Hari n'ubutumwa bwo kuburira abaturage bwatanzwe.

    Muri Bahrain:

    Minisiteri y'umutekano mu gihugu yatangaje ko “inzogera yavugijwe”, isaba abaturage gushaka aho bikinga.

    Muri Qatar:

    Minisiteri y'ingabo ya Qatar yatangaje ko misile zari zigiye muri icyo gihugu zahagaritswe zitaragerayo.

    Muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (UAE):

    Minisiteri y'ingabo ya UAE yatangaje ko igihugu “kirimo guhangana n'ibitero bya misile n'indege zitarimo abapilote [drone] biturutse muri Iran”.

    Muri Saudi Arabia/Arabie Saoudite:

    Mu masaha macye ashize, abashinzwe ubwirinzi bw'abaturage muri Saudi Arabia batanze amabwiriza nibura abiri yo kwitwararika. Ku kuburira kwa mbere, nyuma hatanzwe ubutumwa bwemeza ko nta kibazo kiriho, nkuko byatangajwe ku mbuga nkoranyambaga z'ubuyobozi bw'ubwirinzi bw'abaturage bwa Saudi Arabia ndetse n'umunyamakuru wa BBC uri mu murwa mukuru Riyadh.

    Izindi nkuru wasoma:

  13. Trump avuga ko agahenge k'Amerika na Iran ari 'intsinzi yuzuye'

    Perezida w'Amerika Donald Trump akoze ikimenyetso n'intoki z'ibiganza byombi cyo kurashisha imbunda. Ifoto yafotorewe mu kiganiro n'abanyamakuru mu biro bye bya White House, ku itariki ya 6 Mata (4) mu 2026.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Perezida w’Amerika Donald Trump avuga ko nta gushidikanya guhari ko Amerika yageze ku “ntsinzi yuzuye”, nyuma yo kwemeranya na Irani agahenge k’ibyumweru bibiri.

    Mu kiganiro yagiranye n’ibiro ntaramakuru AFP nyuma yo gutangaza ako gahenge, yavuze ko muri ayo masezerano gahunda ya Irani yo gutunganya uranium “izitabwaho neza cyane”.

    Ati: “Iyo bitaba ibyo sinari kuba nemeye.” Nta makuru arambuye yatanze ku kuntu bizagendekera iyo uranium.

    Abajijwe niba azasubira ku bikangisho bye bya mbere byo gusenya ingomero z’amashanyarazi za gisivile za Irani hamwe n’amateme yayo ya gisivile igihe ayo masezerano yaba adakurikijwe, yavuze gusa ati: “Ibyo uzabyibonera.”

    Trump, biteganyijwe ko agirira uruzinduko mu Bushinwa mu kwezi gutaha aho azahura na Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping, yagize ati: “Numva ko ari yego”, ubwo yari abajijwe niba Ubushinwa bwaragize uruhare mu gutuma inshuti yabwo Irani yemera ako gahenge.

    Izindi nkuru wasoma:

  14. Amerika na Iran bemeranyije ku gahenge k'ibyumweru bibiri gafite ibisabwa hamwe no gufungura umuhora wa Hormuz

    Perezida w'Amerika Donald Trump arimo kuvugira mu ndangururamajwi, akoze ikimenyetso n'ibiganza.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Perezida w’Amerika Donald Trump avuga ko nyuma y’ibiganiro n’ubutegetsi bwa Pakistan hazabaho agahenge hagati y’Amerika na Iran niba Iran yemeye ko ingendo ziba mu muhora wa Hormuz.

    Yagize ati: “Nemeye guhagarika kumisha ibisasu no gutera Iran mu gihe cy’ibyumweru bibiri.”

    “Aka kazaba ari AGAHENGE k’impande ebyiri!”

    Mu butumwa bwe ku rubuga nkoranyambaga rwe rwa Truth Social, Trump yakomeje avuga ko azemera agahenge k’ibyumweru bibiri “kagengwa no kuba Repubulika ya Kisilamu ya Irani yemera BYUZUYE, AKA KANYA, kandi MU MUTEKANO GUFUNGURA Umuhora wa Hormuz.”

    Mu itangzo yasohoye ku rubuga nkoranyambaga rwa X mu izina ry’inama y’ikirenga y’umutekano ya Irani, Minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Irani Abbas Araghchi yagize ati: “Niba ibitero kuri Irani bihagaritswe, Ingabo zacu Zikomeye zizahagarika ibikorwa [operations] byazo by’ubwirinzi.”

    Abantu benshi bafite amabendera, barimo n'abafunze ibipfunsi, i Tehran muri Irani.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Abantu bateraniye mu murwa mukuru Tehran wa Iran mu kwishimira amasezerano y'agahenge k'ibyumweru bibiri

    Yongeyeho ko mu gihe cy’ibyumweru bibiri, bizaba bishoboka kunyura mu muhora wa Hormuz mu mutekano, ku buhuzabikorwa bw’ingabo za Irani ndetse hanazirikanwa neza aho ubushobozi bw’ibya tekinike bugarukira.

    Minisitiri w’intebe wa Pakistan Shehbaz Sharif yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa X ko Irani n’Amerika byemeye agahenge gatangira aka kanya, “karimo na Libani n’ahandi” ndetse ko Pakistan izakira ibiganiro by’impande zombi ku wa gatanu mu murwa mukuru Islamabad.

    Israel yavuze ko ishyigikiye agahenge ariko “ntikarimo Libani”.

    Intambara y’Amerika-Israel na Irani yatangiye ku itariki ya 28 Gashyantare (2) uyu mwaka.

    Izindi nkuru wasoma:

  15. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.