Ugutwenza kw'igurishwa ry'amano muri Zimbabwe kwahenze benshi muri Nigeria

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Chiagozie Nwonwu
- Igikorwa, BBC News, Lagos
Ikiboneka nk'ubwangushi ku mbuga hwaniro muri Zimbabwe ko muri ico gihugu abantu bagurisha amano yabo ku mafaranga menshi, hari ahandi muri Afrika vyafashwe nk'uko vyoba ari vyo koko.
Iyo nkuru itagira ishingiro y'uko abanya-Zimbabwe bariko baragurisha amano yabo kugira basezere ubukene iriko irakwira cane muri Nigeria.
Urubuga rwo muri Zimbabwe rw'inkuru zo gushinyaguriza rwanditse ko urwo rudandazwa rwariko rurabera ku nyubakwa y'akaguriro (shopping centre) ku murwa mukuru, Harare.
Isubiramwo ubutumwa bwo kuri Whatsapp burimwo n'ibitigiri vy'amafaranga menshi gushika ku 40.000 vy'amadorari (hafi miriyoni 80 mu mafaranga y'Uburundi) atangwa n'abavuza imiti kama muri Africa y'Epfo kw'ino rikuru.
Si ibintu bishasha ko ingingo z'umubiri zikoreshwa mu miti kama y'ubwangushi. Bene iyo miti ikoreshwa na ba rumenyi canke abiyita abavuzi atari bo, igendana n'ubupfumu - kandi iriyamirizwa n'abavuzi b'imiti kama bubashwe, bazwi nka sangoma muri Afrika y'ubumanuko. .
Ariko abanyamakuru bakorera muri ako karere bavuga ko ayo mafaranga avugwa, ibihumbi 40 vy'amadorari ($) kw'ino rikuru, $25.000 kw'ino ryo hagati na $10.000 kw'ino rito - ari ubwangushi kandi abantu benshi muri Zimbabwe ari uko babifata.
Inkuru zo gutwenza zishingiye ku mano ziramenyerewe cane muri Zimbabwe, akenshi zikandikwa ziherekejwe n'integuza #Chigunwe, bisigura ''amano'' muri rurimi rwo muri Zimbabwe rw'igi-Shona, maze zikaruhura muri iki gihe abantu bari mu bihe bitoroshe vy'ubutunzi.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Aho yandite ati: "Jewe n'abagenzi banje tugiye kuramutsa umugenzi wacu agifise amano yose uko ari 10"
BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi
Ariko nta kinyamakuru na kimwe ciyubaha co muri Zimbabwe cagiye kuri iyo nkuru, kandi kuri Twitter hari abidoze ko ugutwenza kw'iyo nkuru ari ugusamaza abantu bahanzwe n'ibibazo bikomeye kuruta mu gihugu.
Urwo rubuga rwitwa Gambakwe, rwasohoye iyo nkuru ku wa 28 ukwezi kwa gatanu, rwavuze ko urwo "rudandazwa rw'amano" rwariko rurabera ku kaguriro ka Ximex Mall i Harare.
Haheze iminsi yanditswe, ikinyamakuru co muri Zimbabwe candika inkuru z'bicika H-Metro caciye gisohora ikiganiro n'abavunja amafaranga mu buryo bwa magendo aho kuri ako kaguriro bavuga ko iyo nkuru yakwiye impinga birenze urugero, kandi yari yatanguye ari iyo gutwenza gusa.
Ariko bavuga ko kuva ico gihe abantu baciye batangura kuza kuri Ximex kubaza ibijanye n'urwo rudandazwa bamaze kwumva "ivyo bihuha".
Abakoresha Twitter mu bihugu bitari bike muri Afrika, harimwo Nigeria na Uganda, baciye batangura kwandika ko abanya-Zimbabwe batanguye kugurisha amano yabo ku bihumbi n'ibihumbi vy'amadorari. Hari n'iradiyo yo muri Kenya nayo yavyanditse, ariko yo iravuga ko ari amakuru ataremezwa, ariko ica ibaza abayikurikira ingingo canke ibice vy'umubiri bokwifuza kugurisha ivyari vyo.
Ubutumwa bwo kuri twitter bwo muri Nigeria bwa @InnocentZikky, bwakwiragijwe incuro 2.668 bukaronka 'likes' 4.731 mu masaha 18, burimwo amafoto y'ibirenge bitagira amano.
Igisata ca BBC gikurikirana amakuru yo kuyovya cararavye video zibiri zivugwa ko ari izo abantu babiri bari bagurishije amano yabo canke bagira bayagurishe, kibona ko izo video zishobora kuba ari ikinamico.
Ariko bene izo nkuru zica ku mbuga hwaniro zikarabwa n'abantu benshi akenshi ziragira ingaruka z'ukuri kuko hari abemera ko arizo hanyuma bakazisubiramwo uko zakabaye.
Iyo nkuru yarabiciye biracika na cane cane muri Nigeria aho ibintazi bishingiye ku mafaranga bigwiriye cane - kwemera ko gukoresha ingingo z'umubiri bishobora kuzana itunga.
Mu kwezi kwa mbere uyu mwaka, abantu batatu barahagaritswe muri Nigeria bagirizwa kwica umukobwa w'umuyabaga ku mvo z'ibintazi.










