Igikombe c’isi: ‘Bahejeje kwerekana ibintu vyose umuntu yipfuza kubona ku Bwongereza’

Rwari rumwe mu nkino zikomeye kandi ziryoheye ijisho. Berekanye ko bari biteguriye urugamba, ukwihangana, intego yo gutsinda, eka n’ibindi vyose umuntu yipfuza kubona ku mugwi w’Ubwongereza, ibi vyose bavyerekanye mu gaturuturu ko kuri uno wa mbere.
Hari mu rukino rwo mu gice c’umunani gishira ica nyuma hagati ya Mexique iri mu bihugu vyakiriye iri higanwa be n’Ubwongereza, urukino rwarangiye mu mwanya uheze Mexique isezerewe, Ubwongereza na bo bukabandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma.
Ntivyari vyoroshe igihe umukinyi Jarell Quansah w’Ubwongereza yahabwa ikarata itukura ku munota wa 54. Ariko abakinyi b’inyuma bari kumwe n’umunyegori Pickford bakoze akazi kadasanzwe.
Imbere y’iyi karata, Ubwongereza bwaboneka ko ari bwo bufise urukino mu minwe, ariko ibintu vyahindutse cane, Mexique irasatira bikomeye, gushika ku munota wa nyuma ariko urukino ruza kurangira Ubwongereza butsinze 3-2.
Stephen Warnock yahoze akinira umurwi nserukira gihugu w’Ubwongereza arakeza cane umumenyereza Thomas Tuchel: “Utegerezwa kumenya ingene uca ukenyura, kandi ugategerezwa guhindura umukino.
“Iki ni co Thomas Tuchel yazanye muri uno murwi. Utegerezwa kumenya igihe co gusatira n’igihe co kuzibira. Ndibaza ko ibi bariko barabikora neza muri iri higanwa ryose.
“Imikenyuro yiwe n’ingene ahindura bivanye n’urukino birakora neza, kandi ico ni ikintu gihambaye cane ku mugwi.
“Ni iyindi ntsinzi ikomeye cane kuri Tuchel muri iri joro”.
Hagati aho, Brezili yaraye isezeye muri iri higanwa inyuma yo gutsindwa na Norvège 2-1, ibitsindo vyompi bikaba vyinjijwe na wa musatirizi rurangiranwa Erling Haaland wa Manchester City, ku minota ya 79 na 90, ku mipira yompi ahawe na Andreas Schjelderup.
Neymar ni we yinjirije Brezili iki gitsindo kimwe, kuri penalty yateye ku munota ugira cumi wa ya minota y’agasunuzo.
Norvège n’Ubwongereza bizoca bihura mu gice ca kane gishira ica nyuma, hazoba ari ku wa 11 z’uku kw’indwi.
Urundi rukino abatari bake babona ko ruza kuba rutoroshe ni uruza guhuza Portugal na Espagne ku mugoroba wo kuri uno wa mbere, aho hari ababona ko ruza kuba rusa na ‘finale’.

