Uruhigi ku banya Nigeria bashobora kwihindura inyabu

Gbenga Adewoyin
Insiguro y'isanamu, Abantu bari biyegeranije bumviriza ariko ubwo nyene baca barahava bumvise ibivuzwe na Gbenga Adewoyin mw'isoko

Yitwaje imbugita ikarishe na megafone, yambaye n'impuzu zose zirabura, hari abohava bibaza ko Gbenga Adewoyin ari nka bamwe biruka ku bapfumu mu kinjana ca gatanu, umupfumu canke umuvugabutumwa, igihe yariko azunguruka mw'isoko rimwe ryo mu gisagara ca Ibadan co mu bumanuko bushira uburengero bwa Nigeria.

Abariye umutima amenyo bakamwegera kugira bamwumvirize mw'isoko rya Gbagi ubwo nyene baciye bamuhunga bumvise ivyo yariko arigisha.

Yagenda asubiramwo mu ki-Yoruba n'icongereza ati: "Umuntu uwo ari we wese afise ivyemezo ko hariho ubuzima ndengerakamere (supernaturel), vyaba ibigirwamana vya juju cane vya vaudou, azoronka imiriyoni 2,5 z'ama naria (amafaranga ya Nigeria angana na 6.000 z'amadorari y'abanyamerika)".

Uyu musore w'imyaka 24 atemera Imana aherutse kwigaragaza nk'uwutemera inguvu z'Imana muri ico gihugu cemera cane ibijanye n'amadini.

Ukwemera gushingiye ku madini kama n'ibigirwamana vyayo vya juju ni ibintu bikomeye cane muri Nigeria, aho benshi babifatanya n'ukwemera rukristu/rukristo n'ukwa ki-islam, nk'uko biri mu cegeranyo ca 2010 c'ikigo Pew Research Centre gikora amatohoza ku bijanye n'ukwemera.

Abanya Nigeria benshi bemera ko ubumaji bushobora guhindura abantu bakaba inyabu (injangwe mu kinyarwanda), bushobora kubakingira ivyuma bitobora uruhu canke bugakora amafaranga mw'ibumba bahinguramwo inkono.

Abemera ibi si abatize gusa, biri no mu bantu bize amashure menshi muri Nigeria.

Dr Olaleye Kayode, umwigisha yigisha ibijanye n'amadini kama ya Afrika kw'ishure kaminuza ya Ibadan, yabwiye BBC ko imigirwa yo gukora amafaranga hakoreshejwe ibigirwamana vya juju - aho ibihimba vy'umubiri w'umuntu bivangwa n'ibiheko mu nkono maze bikavamwo amafaranga - ikora neza.

Amanoti y'amanaira avugwa ko ava muri ubu bukorikori "azanwa n'imizimu iyavanye mu mabanki asanzwe ahari", nk'uko yabibwiye BBC.

Jude Akanbi, umwigisha wo kw'isemirani Crowther Graduate Theological Seminary i Abẹ́òkúta, nawe nyene nta makenga afise ku nguvu z'ibigirwamana vya juju.

Ati: "Ubu bushobozi bwo kwihindura akayabu, bwo kunyika hanyuma ukagaruka, ibi ni ibintu bishoboka mu kwemera gushingiye ku madini kama ya Afrika.

"N'aho umengo bisa n'ibitabaho, nk'uko umugani wa kera uvuga ku bagore, ariko ku vyo twiboneye tukanumva, ibi bintu birashoboka".

Ibi bintu bemera, cane cane vy'uko ibihimba vy'umubiri w'umuntu n'ibiheko bishobora kuvamwo amafaranga hakoreshejwe inkono y'ibumba, nivyo ntandaro y'urukurikirane ruheruka rw'ubwicanyi bw'agahomerabunwa mu gihugu, aho abagore badafise abagabo ari bo cane cane baronderwa.

Adewoyin yabwiye BBC ati: "Numva ubwoba bwinshi kubona urwaruka rwishora muri iyi migirwa y'ubwicanyi.

"Iyaba iyi migirwa yo kurondera amafaranga yakora, tuba twagiye tubona amafaranga agenda ata agaciro bikomeye muri ino myaka mirongo yose tumaze twemera ibi bintu".

Yari muri Ibadan, mu ntara ya Oyo, ku ncuro igira kabiri mu ngendo zitatu yategekanije mu gihugu hagati agenda yemerera imiriyoni 2,5 z'amanaira yegeranije mw'isekeza yakoreye ku rubuga rwa Twitter, ku muntu uwo ari we wese azoshobora kwerekana ku mugaragaro ko ibi bigirwamana vya juju bikora.

Avuga ati: "Iyi mbugita ni iyo umuntu uwo ari we wese avuga ko ibiheko vya juju bishobora kumukingira ikintu cose gitobora uruhu".

Juju fetishes

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibiheko nk'ibi bifatwa ko bifise inguvu, cane cane impwemu mbi

Guhakana ko hari inguvu ndengerakamere ni umuziro ku bantu benshi cane muri Nigeria.

Kuvugira ibi bintu ku mugaragaro nk'uko Adewoyin yariko abigira mw'isoko ni ikintu gishobora guta umuntu mu ngorane. Ashobora guhagarikwa yagirizwa kurogota canke akicwa n'abanyagihugu barakaye.

Yajumarariwe amwihweza n'ishavu ryinshi, umudandaza umwe yavuze ati: "Ni vyo nyene, ibi juju birakora neza, ntazi ivyo ariko aravuga".

Mu mufuko wiwe harimwo igiheko cirabura, agatu gatoya gatekeyemwo ibiheko avuga ko ari ivyo kumukingira. Hagati aho, vyaba ivyo yasabwa kwerekana ko koko ivyo biheko bifise inguvu, yaba ayo madorari 6.000, nta na kimwe vyamubwiye.

Kwemera ibintazi akenshi bifatanywa n'ukwemera rukristu n'ukwa Islam. Abavugabutumwa bo muri aya madini yompi yemera Imana imwe bakunze kuvuga ko amadini kama ya Afrika ari ibintazi - rimwe na rimwe bikaba ikintu kiboneka - ariko bishobora gutsindwa n'amasengesho n'ubushobozi bahabwa n'Imana.

Abapasitori benshi baramaze gutunga no kumenyekana cane mu kuvuga ko bafise inguvu ndengerakamere (bahabwa n'Imana) zo kunesha ibigirwamana vya juju n'amashetani, ivyo n'abakuru ba Islam (Imam) nabo nyene bakora.

Hagati aho, nta n'umwe aremera guhinyuza Adewoyin mu turere tubiri twose amaze kujamwo twa Ogun na Ibadan kandi ariteguye n'igishika cinshi kuja mu karere gakurikira mu ntara ya Anambra mu bumanuko bushira ubuseruko.

Mu gihe bamwe bamwe bamwiyama bakavuga ko ariko arondera kumenyekana, nta n'umwe ashobora kwihisha imbere y'amafoto y'ibiziga biherutse gutorwa bitagira amaguru n'amaboko, amaso nayo yararokowe mu bwicanyi bwavuye ku migirwa y'ibintazi vya juju vyo kurondera amahera.

Adewoyin ashaka kuvugana n'abategetsi kama ba Nigeria kuri ibi bintu bemera
Insiguro y'isanamu, Adewoyin ashaka kuvugana n'abategetsi kama ba Nigeria kuri ibi bintu bemera

Ubu bwicanyi bwo kurondera ibihimba vy'imibiri y'abantu vyo gukoresha mu bintazi bwarigeze kwizizira Nigeria mu myaka ya 1990, butuma haduka imigumuko mu gisagara ca Owerri kiri mu buseruko bw'igihugu inyuma y'inyuruzwa n'igandagurwa ry'umwana w'umuhungu w'imyaka 11 mu 1996.

Muri kino gihe c'imbuga hwaniro, nta musi wijana ata muntu yabuzwe irengero n'amasanamu yerekana abantu baciwe ibihimba kubera ibi bintazi vya juju.

Mu kwezi guheze, igihugu caratewe n'uburakari igihe abagabo batatu bagirijwe kugandagura umukobwa w'imyaka 17 mu ntara ya Ogun kugira bakoreshe ibihimba vy'umubiri wiwe mu mugirwa bavuga ko washobora kubatuma baronka amatungo. Bamaze guhagarikwa n'igipoliri, baremeye ko bakoze ubu bwicanyi sentare ikaba yarabakubise intahe mu gahanga.

Umuntu yoshobora kwibaza ko inkono y'ibumba n'impuzu zitukura bafatanywe yari ireresi yo muri Nollywood, ikigo ca Nigeria kizwi cane mu mareresi y'ibigirwamana vya juju, ariko ibi vyari ivy'ukuri.

Kandi bari abagabo bakiri bato - uwukuze yari afise imyaka 21, ivyatumye batanguza isekeza kuri Twitter rifise urufunguruzo #At21, aho abakoresha uru rubuga berekana ibi bintu bariko barakora, baniyamiriza n'ico babona nk'ibibazo biri mu bantu bakiri bato muri kino gihe barondera gutunga bakiri bato.

Vaudou/Voodoo ni idini ryemewe mu gihugu ca Benin gihana urubibe na Nigeria

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Vaudou/Voodoo ni idini ryemewe mu gihugu ca Benin gihana urubibe na Nigeria

Uburakari bwatewe n'urupfu rw'uyu mukobwa bwatumye abashingamateka b'igihugu bahanahana ivyiyumviro kuri juju baca basaba ko hoba "amategeko adasanzwe kuri ubu bwicanyi buterwa n'iyi migirwa y'ibintazi mu gihugu", aho bavuze ko kimwe mu bitera ubu bwicanyi ari amareresi ya Nollywood yerekana uwo mugirwa.

Umushikiranganji wa Nigera ajejwe kumenyesha amakuru Lai Mohammed nawe nyene yaragize ico abivugako, aho yagirije amareresi ya Nigeria n'imbuga hwaniro ko ari vyo bituma ubu bwicanyi bwiyongera.

Asaba abajejwe kugenzura amareresi ko bohimiriza abakora amareresi "ku kamaro ko kwirinda imigirwa yerekana ukurondera amafaranga biciye muri iyi migirwa mu mareresi yabo".

Ariko abakora amareresi bobo ntibavyerekwa - bakabona ko yifatiye Nollywood ku karenganyo mu gihe ari ikibazo c'igihugu cose.

Kanayo O Kanayo umwanditsi akaba n'umukinyi w'amareresi, yabwiye BBC ati: "Uyu mushikiranganji yanyereye, ntashobora guhonyanga uburenganzira bwacu nyamukuru bwo kwiyumvira".

Avuga ko uyu mushikiranganji yirengagije ikibazo gihanze imibereho y'abanyagihugu hamwe n'ikibazo c'uko imiryango, abarongozi kama n'abarongoye amadini, hamwe n'abanyaporitike bananiwe no kurera urwaruka kugira rukurire mu muco.

Adewoyin abona ko mu gihe hari impari nyinshi kuri nyirabayazana w'ubu bwicanyi, ni ngombwa ko abanyagihugu boganira ku bijanye n'itunganywa ry'indero muri Nigeria yananiwe no kwigisha abanyagihugu ko juju hamwe n'ibi bigirwamana ari ibintu bitabaho.

Yizeye ko uru rugendo rwiwe rushobora gushira ahabona abo yita abangushi bavuga ko ibi bigirwamana vya juju bifise inguvu ndengerakamere, kandi ko rushobora kurangiza ubu bwicanyi bushingiye ku bintazi.

Ati: "Ni ibintu bitumvikana kandi biteye ubwoba kubona umuntu afise ubwenge ashobora kwiyumvira ko kiremwamuntu n'ingene aremwe ashobora kwihindura akavamwo igisunzu canke igitoke".