Nigeria: Uyu mupatiri yiyemeje gukingira ibigirwamana vy'aba Igbo biriko biraturirwa

Ahavuye isanamu, Okunerere
Mu gihe abavugabutumwa bo mw'ishengero rya Pentecôte mu buseruko bwa Nigeria bagenda baturira ibishusho n'ibindi bibumbano vyo muri kahise babona ko ari ibigirwamana, umupatiri umwe w'umukatorika wewe abandanya avyegeranya.
Ibi bibumbano bifise ikibanza gikomeye mu madini kama yo muri ako karere kabamwo abo mu bwoko bw'aba Igbo, basanzwe babifata nk'imana zabo kandi bemera ko bifise ubushobozi ndengakamere.
Gusa abanywanyi b'aya madini kama bagenda bagabanuka kubera idini rya Gikristu - ahanini rigizwe n'amashengero ya Pentecote - rigenda ryigarurira abatari bake.
Abanyamakuru ba BBC Igbo Chiagozie Nwonwu na Karina Igonikon barerekana utwigoro tw'uyu mupatiri two gukingira kahise kariko karatokombera kubera ibikorwa vy'abavugabutumwa bamwe bamwe.

N'aho bamwita "umuriro waka", nta kintu giteye ubwoba kuri Patiri Paul Obayi arongoye inzu ndangamurage ishinguwemwo ibigirwamana mu gisagara ca Nnsuka kiri mu buseruko bwa Nigeria.
Iyi nzu ndangamurage y'ivyumba bitatu iherereye mu kigo c'Isengero nkuru ya Katorika yitiriwe umweranda Tereza (Saint Theresa), irimwo amajana n'amajana y'ibigirwamana bitandukanye, ikibumbano c'intambwe hamwe n'ibishusho vy'imana z'aba Igbo.
Iyo hagize abava inyuma y'izi mana kama, cane cane kubera inyigisho z'amashengero ya Pentecôte bamwe mu bavugabutumwa baca baturira ibi bibumbano, bavuga ko biteye kubiri n'ukwemera gushingiye ku Mana imwe, kandi ko ari "impwemu mbi zitera imikoshi".
Rimwe na rimwe, hari n'abemera izo mana kama bo nyene ubwabo bavyituririra bishimikije umugani wo mu migenzo y'aba Igbo uvuga ngo: "Iyo imana ibangamye cane, icika urukwi rwo guturira".
Ariko Patiri Obayi wewe yafashe iyindi nzira mu gukingira izo mana n'imanakazi, akavuga ko akoresha ububasha ahabwa n'Imana kugira ngo azake izo nguvu ndengakamere. Ibi vyamutumye bamutazira Okunerere - "umuriro uturira ibigirwamana muri mutima".
Ari kuri iyo nzu ndangamurage, yavuze ati: "Naramaze gusambura izi mpwemu".
"Iki ubona hano ni ikibarara. Nta kintu na kimwe kirimwo".


Patiri Obayi avuga ko ahanini yigiye ku mazu ndangamurage yo mu bihugu vyo mu burengero bw'isi biriko biraterwa igitsure kugira ngo bigarukane ibibumbano vyanyazwe mu gihe c'ubukoloni, aho atanga akarorero k'ivyitwa Benin Bronzes/Bronzes du Bénin (ibibumbano vy'ivyuma birenga igihumbi vyari bishashije ingoro y'umwami w'icitwa Ubwami bwa Benin, ari yo Nigeria ya kino gihe).
"Naragendeye amazu ndangamurage yo mu burengero nca nsangayo ibi bibumbano, harimwo mbere n'ivyavuye muri Benin, ariho naca nigira inama yo kubibungabunga".
Uwurongoye iyi sengero nkuru, Patiri Eugene Odo, arashigikiye aka kigoro kiwe, aho agereranya iyi nzu ndangamurage n'iyindi yegukira Katorika mu Butaliyano.
Ati: "I Roma nk'akarorero, hari inzu ndangamurage ibitsemwo ibintu vyahinguwe mu gihe c'ubutegetsi bwa gipagani bw'Abaromani, kandi ingenzi zama zigendera iyo nzu mu ntumbero yo kwiga ingene umuntu yagiye atera imbere".
N'aho iyi nzu ndangamurage ibitse ibi bigirwamana yakira ingenzi ziva kure mbere n'i Lagos, irakeneye kugarukirwa. Ibibumbano, bimwe mbere bimazeibinjana, bisanzaye irya n'ino hasi muri iyo nzu, vyuzuye inkungugu. Hari mbere n'ivyamaze kuribwa n'umuswa.
Ibi vyose ni ivyo yegeranije mu "butumwa amaze akora mu kiringo kirenga imyaka 20 aho agenda yigisha mu bisagara no mu mitumba itandukanye mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nigeria.
Ati: "Abantu barandikira isengero ryanje bansaba ko ngenda kubakuriraho ibi bigirwamana bibabujije amahoro".
Ni itunga rikomeye ryerekana imana z'aba Igbo z'ubwoko bwinshi.
Ariko iyikomeye muri izi zose ni Adaada leja, ikigirwamana cambitswe inkofero y'injishano yasengwa n'abarondera kuvyara. Patiri Obayi avuga ko iyi imaze imyaka hafi 200.
Inzira basigiwe n'abakurambere
Odinani, idini kama ry'aba Igbo, ryariho imbere y'umuzo y'idini rya Gikristu n'ubukoloni. Ni uburyo bwo guterekera aho abantu basenga umuzimu userukiwe n'igishusho kizwi kw'izina rya chi, kugira ngo ubasabire kuri Rugira Vyose, bita Chukwu.
Izindi mana basenga harimwo:
- Ala - imanakazi yatanga irondoka
- Amadioha - imana y'umuturagaro
- Ekwensu - imana yabafasha mu matati no guhasha ingeso mbi
- Ikenga - imana y'ubushobozi bwa muntu
Si benshi bagisenga izi mana kama, kandi abenshi barahamwa cane n'abakirisu basanzwe ari na bo benshi.
Imisi mikuru yabo irasuzuguritse, kandi n'imigirwa imwe imwe isa no kubandwa ibonwa nabi mbere birashika n'utuzu tw'indaro tugaterwa mu bikorwa bijanye n'ubukristu.
Muri kino gihe, abenshi mu bakigendera muri aya madini kama ni abatama, n'aho ubu hari bamwe mu rwaruka bagenda bagarariza ubukristu bagashira imbere imigirwa barazwe n'abakurambere.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Chinasa Nwosu, umusenyeri w'ishengero rya Pentecôte mu rusengero rwa Royal Church ruri mu gisagara Port Harcourt kiri mu buseruko, ararwanya bikomeye uku kwemera kama.
Musenyeri Nwosu yatanguye kumenyekana mu ntango z'imyaka ya 1990 igihe yasambura utuzu tw'indaro, aturira ivyitwa ibigirwamana, anarandura ibiti avuga ko vyari "ibiti vya shetani/satani".
Ibi biti, bimwe muri vyo bikaba ari ivya kera cane, bizungurutswe hasi n'ibitambaro vy'amabara atukura canke yera, bigafatwa nk'ivyeranda ku bayoboke bavyo babisenga bakanabitambira. Hari bimwe usanga biri ku mihana y'abantu ariko vyinshi biri mu mashamba.
Ati: "Imana ntishaka ko dusenga ibigirwamana. Idini kama rya Afrika akenshi rishingiye ku gusenga ibigirwamana".
Asubiramwo amajambo yo muri Bibiriya, yongerako ati: "Imihezagiro uyironka mu gihe utaye ivyo bintu vyavumwe".

Ahavuye isanamu, The Royal Church
Avuga ko ibishusho n'ibindi bibumbano vyanyazwe mu gihe c'ubukoloni mu burengero bwa Nigeria ubu bikaba bibarizwa mu mazu ngandamurage yo mu bihugu vy'uburengero, bitirirwa Imana iyo ari yo yose, akaba ashigikiye ko bigarukanwa mu gihugu.
Hagati aho, aragabisha reta ya Nigera ko mu gihe yogarukana ibibumbano bishobora kuba vyaragizwe ibigirwamana, agatanga akarorero k'ivyitwa Ikenga biri mu nzu ndangamurage y'Ubwongereza, ko bikwiye guturirwa.
Ibi vyiyumviro birarwanywa bikomeye na Patiri Obayi yiyemeje gukingira ibi bibumbano mu nzu yiwe ndangamurabe.
Ati: "Ibi ni ibibumbano abana bacu bazokwigirako kugira ngo batahure neza ingene abakurambere babo bari babayeho".










