CAN: Menya bino bihugu bitarigera na rimwe bikina igikombe ca Afrika

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Ousmane Badiane
- Igikorwa, Digital Journalist BBC Afrique
- Yakoze inkuru ari, Dakar
Mu gihe ihiganwa ry'igikombe ca Afrika (CAN) mu mupira w'amaguru ribandanya rikura kandi rijamwo n'ubuhinga, hari ibihugu cumi vya Afrika bitarigera na rimwe bishika mu nkino za nyuma.
Centrafrique, Djibouti, Eswatini, Eritrea, Tchad, Lesotho, Somalia, Sudani y'Epfo, Sao Tomé na Principe n'amazinga ya Seychelles, nta na rimwe birigera bironka itike mu nkino za nyuma ca CAN.
Nubwo ryagiye ryaguka, rikava ku mirwi nserukirabihugu umunani rigashika kuri 12, rikaduga gushika kuri 16 gushika aho rigera ku bihugu 24, ibi bihugu vyumva iri higanwa mpuzamugabane ku matwi.
Igitangaje rero, ni uko bimwe muri vyo bimaze imyaka mirongo vyitabira inkino zo kurondera itike. Gusa harimwo bimwe, nka Sudani y'Epfo, igihugu ca mbere kw'isi kikiri gito, biciyubaka mu bijanye n'umupira w'amaguru. Ariko gushika ubu, kiracari ha handi, gushika ku rwego rw'umugabane biracari umugani.
Uburundi bwashoboye kuronka itike ku ncuro ya mbere kuva muri kahise k'iri higanwa mu mwaka wa 2019 nubwo bitabugendeye neza, kuko ntibwarenganye igice c'inkino z'imirwi (phase de pouls).
Urwanda ruheruka muri iri higanwa mu 2004, aho rwari rusanzwe rumenyerezwa n'umunya-Serbia, Ratomir Dujković, abatari bake bakaba bibuka abakinyi batari boroshe ico gihe, nk'abitwa Olivier Karekezi, Jimmy Gatete, na Eric Nshimiyimana. Na rwo nyene ntirwarenganye igice c'inkino zo mu mirwi, ariko ntirwavuyemwo uko gusa, kuko rwarashoboye gutsinda urukino rumwe, rwirahiye Repubulika ya Demokarasi ya Congo 1-0.
Centrafrique
Mu gihe iki gihugu gikunze kwama kibonwa nk'igifise kazoza keza muri ibi bihugu bitarigera bikabakaba CAN n'umusi wa rimwe, Centrafrique si ukuvuga ko ata bihangange ifise, ahubwo gusa ikibazo ni ukubura ituze mu gihugu vyabaye nk'akaranda.
Ifise abakinyi batari bake bakina muri za Buraya canke mu mirwi ikomakomeye ya Afrika, ariko rero umurwi nserukiragihugu uracari mu bintu vy'akajagari n'ukudashobora kwitunganya.
Barashobora gukora ibitangaza rimwe na rimwe, ariko ntibigera batera intambwe ngo bashike imbere, kugira bashobore kuronka itike yobashikana muri CAN.
Mu gihe iri mu kibanza ca 37 ku rwego rwa Afrika hamwe na 128 ku rwego rw'isi, Centrafrique yahejeje ari iya nyuma mu murwi yarimwo mu nkino zo kurondera itike yo gushika muri CAN y'uno mwaka yatanguye ejo ku wa Mungu muri Maroc.
Djibouti
Djibouti nk'igihugu kiri mu masanganzira y'ibikorwa vya gisirikare n'imigambi idasanzwe y'ibihugu rutura bitari bike, ntiyigeze ishira imbere ivy'umupira w'amaguru.
Ishirahamwe ry'igihugu rijejwe umupira w'amaguru (Fédération djiboutienne de football, FDF) ryashinzwe mu 1979 hanyuma ryinjira mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Afrika CAF mu 1986, mu nyuma rishika mw'ishirahamwe mpuzamashirahamwe FIFA haciye imyaka umunani, ni ukuvuga mu 1994.
Umurwi nserukiragihugu wayo watanguye urukino rwa mbere mu 1947 uhura n'igihugu kibanyi ca Ethiopia.
Nubwo habaye intambwe mu bijanye n'uburongozi bwawo, uno murwi nta mahiganwa yo ku rwego rwo hejuru ushoboye, nta n'ibibuga vyiza ufise, kandi no ku rwego mpuzamakungu ntumenyekana cane. Eka ibikorwa si ikirenga.
Djibouti ntirigera ironka itike yo kuja mu gikombe ca Afrika canke mu gikombe c'isi yose kuva itanguye amahiganwa ku mugaragaro mu 1998.
Eswatini

Ahavuye isanamu, CAF
Eswatini, igihugu camaze igihe kirekire citwa Swaziland, iri mu cijiji ca Afrika y'Epfo mu bijanye n'umupira w'amaguru. Umwaka iheruka gutera intambwe iboneka hari mu gihe co kurondera itike ya CAN mu 2010, aho Eswatini yanashitse mu gice ca kabiri c'inkino zo kurondera itike, ariko ikaba itashoboye kurengana.
Mu nkino zo kurondera itike mw'ihiganwa rya CAN 2025, Eswatini yarashoboye kuronka utunota mu kunganya na Guinée-Bissau 1-1 hamwe no mu gutsinda urukino rumwe rwayihuza na Zimbabwe1-0, intambwe ya nyuma ya vuba, ariko ntaco vyamaze.
Gusa Eswatini iramaze gushika incuro zitari nke mu nkino z'igice ca kabiri gishira ica nyuma z'igikombe citiriwe COSAFA, ihiganwa ry'akarere rihurikiyemwo ibihugu vya Afrika y'ubumanuko.
Eswatini iri mu kibanza ca 44 ku rwego rwa Afrika, ikaba mu kibanza ca 148 ku rwego rw'isi.
Lesotho
Lesotho, agahugu gatoya kari muri Afrika y'ubumanuko, imaze imyaka mirongo ata kindi kiyiraje ishinga atari ukubandanya iboneka ku rubuga rw'umupira w'amaguru ku rwego rwa Afrika.
Nk'umunywanyi wa FIFA, iza mu kibanza ca 149 ku rwego rw'isi yose. Ihiganwa ry'igikombe ca Afrika riracari umugani ku murwi nserukiragihugu wayo.
Nk'uko bimeze ku bihugu bitari bike vya Afrika, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rifise uburyo buke cane bw'amafaranga.
Nta ntambwe yigera itera kubera uguhindagura abamenyereza, abakinyi badashobora kwegerana ku gihe, kandi ikaba ata n'inkino za kivandimwe zo kurwego rwo hejuru ikunze kujamwo.
Usanga umurwi nserukiragihugu ugize ngo urashinzwe umara umwanya urume rumara, ata nteguro za kazoza nyazo ufise.
Tchad

Ahavuye isanamu, CAF ONLINE
Tchad ntirigera ishika mu nkino za nyuma, zaba iz'igikombe ca Afrika canke iz'igikombe c'isi yose. Amahiganwa yo kurondera itike akunze kurangira ikubiswe canke naho igahagarikwa.
Mu mahiganwa y'igikombe yo mu 2019 na 2021, umurwi nserukiragihugu warafatiwe ibihano na CAF.
Mu rugamba na rwo rwo kurondera itike ya CAN 2027 itegekanijwe kubera muri Uganda, Kenya na Tanzania, Tchad yiteze urukino rudasanzwe muri Ntwarante (3) 2026 kugira ngo irabe ko yokwiha amahirwe yo kwitabira inkino zo kurondera itike.
Mu gihe iri mu bibanza vya nyuma mu mupira w'amaguru, ikaba iza ubwa 48 muri Afrika, be n'ubwa 176 ku rwego rw'isi, Tchad ubu ifise icizere bivanye n'imikenyuro yo ku rwego rwo hejuru yazanywe n'umumenyereza wayo mushasha, Umuswisi Raoul Savoy.
Somalia
Iyo abantu kw'isi biyumviriye Somalia, ibintu vya mbere biza mu mutwe ni intureka hamwe n'abasuma batega amato yo mu nyanja mu karere k'ihembe rya Afrika.
Indyane za poritike zaramugaje umupira w'amaguru mu gihugu mbere n'umurwi nserukiragihugu ku ruhande rw'abagabo uzwi nka Ocean Stars nturigera ukina urukino nyarwo kuva mu 1986.
Abakinyi b'umupira w'amaguru ba Somalia ntibigeze baronka akaryo ko kwiha ikibanza ku rwego rw'umugabane, mbere uno murwi uza ubwa 200 ku rutonde rwa FIFA.
Sao Tomé na Principe
Sao Tomé na Principe, izinga rito, ihanzwe no gutaramurwa haba nk'akarere, canke no mu vy'ubutunzi. Umurwi nserukiragihugu uhanzwe n'ubukene burenze urugero, kenshi ugizwe n'abakinyi ata buhinga bafise canke batabishiramwo ishaka.
Ku banyagihugu 220.000 gusa, iki gihugu nta bantu bakwiye bo kwikorako. Ihiganwa ry'igihugu riracari hasi cane, mbere n'abakinyi mpuzamakungu usanga ata hantu bakina nk'ababigize umwuga.
Nubwo ifise uburyo buke cane, Sao Tomé irabandanya inkino mu mahiganwa ya CAF na FIFA, ariko kenshi ugasanga ikinisha abakiri bato cane kandi ata burambe bafise.
Hagiye haboneka intambwe zitanga icizere muri iyi myaka ya vuba, ariko ivyo kuronka itike yo muri CAN biracari indoto ya kure cane.
Sudani y'Epfo

Ahavuye isanamu, Fédération Sud-Soudanaise de Football
Sudani y'Epfo, igihugu ca mbere kikiri gito kw'isi yose, iriko yubaka urwego rw'umupira w'amaguru ihereye hasi. Ubukene bw'ibibuga, indyane za poritike, uburyo buke bw'amafaranga : imbere ya vyose, umurwi nserukira gihugu ni igikoresho co kunywanisha.
Mu gihe iri ku rugero rwa 47 muri Afrika, ikaba iya 169 ku rwego rwo kw'isi yose, Sudani y'Epfo yarangije inkino zo kurondera itike ya CAN 2025 muri Munyonyo (11) iheze, ikaba yazirangije itsinze Congo 3-2, hanyuma iza gukubitwa itababariwe na Afrika y'Epfo ku ntsinzi ya 3-0.
Seychelles
Muri Seychelles, ubutunzi bushingiye cane cane kuri ba mukerarugendo hamwe n'ibindi bikorwa, ibi bikaba bituma inkino zo ku rwego rwo hejuru zishirwa inyuma mu migambi y'igihugu. Umupira w'amaguru, nubwo ari umukino ukunzwe cane mu gihugu, nta mitahe myinshi canke imigambi ikomeye yo kuwukomeza.
Ibihengeri ni binini cane hagati ya Seychelles n'ibihugu bikomeye vya Afrika bigaragara cane.
Ku rwego rw'umugabane, amazinga ya Seychelles ntarigera ashika mu nkino za nyuma za CAN. Mu nkino zo kurondera itike, umurwi nserukiragihugu ukunze kurangiza ari uwa nyuma kandi wakubiswe bikomeye. Ibi bihengeri bitumwa n'uko ata nkino mpuzamakungu uno murwi ukunze kujamwo.
Mu nkino zo kurondera itike yo mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ca 2026, Seychelles yazihejeje yinjije ibitsindo bibiri gusa, hanyuma nayo yinjizwa ibitsindo 53.
Eritrea
Ikintu kidasanzwe muri Afrika, Eritrea ni nk'uko itaboneka ku rubuga mpuzamakungu kuva imyaka myinshi iheze.
Kwiyonjorora, guterwa impaga, kumara igihe kirekire ititabira amahiganwa ya CAF na FIFA: ibibazo vya poritike n'umutekano bigira ingaruka zikomeye ku mupira w'amaguru.
Mu gihe giheruka urukino mpuzamakungu rwa nyuma muri Nzero (1) 2020, iki gihugu co mw'ihembe rya Afrika cariyonjoroye mu mahiganwa yo kurondera itike y'igikombe c'isi yose ca 2026 hasigaye indwi imwe gusa ngo gikine urukino rwaco rwa mbere na Maroc, igihugu ca Afrika cashitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ku ncuro ya mbere muri kahise k'umupira w'amaguru muri Afrika, hari mu 2022 muri Qatar.
Nubwo ari umunywanyi wa FIFA, iki gihugu nta rutonde na rumwe kigaragaramwo kw'isi yose.
Mu nkino zo kurondera itike y'igikombe ca Afrika, CAN 2025, nta cahindutse. Ibi bihugu vyose vyaviriyemwo mu ntango, mbere bikaza inyuma y'ibindi vyose, kenshi n'amanota ari ku rushi.
Ni nako vyagenze no mu nkino zo kurondera itike yo kuja mu gikombe c'isi yose ca 2026, aho bifata ibibanza vya nyuma mu mirwi vyarimwo.
Ku rutonde rwa FIFA, ibi bihugu bikunze kuza inyuma y'ibindi ku mugabane wa Afrika.
Eritrea yoyo, nta n'uko iri ku rutonde kubera ititabiriye inkino mpuzamakungu zikwiye muri ino myaka ya vuba.













