Mu mafoto: Ibikoko bishasha vy'agatangaza mu Kiyaya ca Congo

Iyi ngona yonze cane ifise urunwa rurerure yo muri Afrika yo hagati (Mecistops leptorhynchus), yatowe mu 2018, iri mu ngorane ziterwa n’ugutakaza uburaro be n’uruhigi

Ahavuye isanamu, Nik Borrow

Insiguro y'isanamu, Iyi ngona yonze cane ifise urunwa rurerure yo muri Afrika yo hagati (Mecistops leptorhynchus), yatowe mu 2018, iri mu ngorane ziterwa n’ugutakaza uburaro be n’uruhigi

Icegeranyo gishasha casohowe ku wa 3 Kigarama (12) n’ishirahamwe rijejwe kubungabunga ibidukikije World Wide Fund for Nature (WWF) gishira ahabona ubwoko bushasha bw’ibikoko n’ivyimeza vyatowe n’abahinga mu kiyaya ca Congo (Bassin du Congo) mu myaka cumi iheze.

Muri ibi vyatowe harimwo ubwoko bushasha bw’igiterwa c’ikawa, igihuna gifise ijwi ridasanzwe hamwe n’ingona yonze cane ifise urunwa rurerure.

Mu gihe kizwi nk’"amahaha ya Afrika", Ikiyaya ca Congo ni co kibira kiza ubwa kabiri kw’isi mu bwaguke, kikaba gisangiwe n’ibihugu bitandatu. Ni co kandi ca mbere kw’isi gikwega ivyuka vya carbone – aho gifise ubushobozi bwo gukwega vyinshi gusumba ivyo kirekura.

Iki cegeranyo cerekana ido n'ido ibikorwa vy'abahinga amajana n'amajana kw'isi yose, ishirahamwe WWF rikavuga ko “cerekana ubwoko budasanzwe bw'ibinyabuzima n'ibikenewe mu buryo bwihuta mu kubungabunga kamwe mu turere kirumara kw’isi mu bijanye n’ibidukikije”.

Mu kwezi guheze, WWF yasohoye ivyavuye mu mwihwezo ku bidukikije vyerekana ko ibikoko vyo mw’ishamba kw’isi yose vyagabanutse ku rugero rwa 73%.

Jaap Van der Waarde, umukuru w’ishirahamwe ryitaho ukubungabunga Ikiyaya ca Congo (Conservation du Bassin du Congo/ Conservation for the Congo Basin), yabwiye BBC ati: "Ikiyaya ca Congo ubwaco ntikizwi cane, kandi abantu benshi ntibazi akamaro kaco".

Van der Waarde asigura ko, uretse ko hari ibinyabuzima vyinshi cisangije, ico kiyaya ari co gisigaye mu bibira binini kw’isi gikwega ivyuka vya carbone vyinshi gusumba ivyo kirekura – ibi bikaba bitandukanye n’ikibira ca Amazone kiriko kiratakaza ubu bushobozi.

Yongerako ati: "Ubwoko bushasha bw’ibinyabuzima bushobora gusa gukingirwa iyo ukubaho kwabwo kwamamajwe. Kandi ntitwibagire ko ikiyaya ca Congo ari nkenerwa bidasanzwe kugira ngo ikirere gihagarare neza".

Igihuna kivuga nk''akayabu'

Aka gahuna gafise ijwi kisangije

Ahavuye isanamu, WWF

Insiguro y'isanamu, Aka gahuna gafise ijwi kisangije

Igihuna c’i Principe (Otus bikegila), catowe mu 2022, kiboneka gusa mw’izinga rito rya Sao Tomé na Principe.

Gifise amatwi y’ubwoya n’ijwi ridasanzwe rimeze nk’iry’akayabu.

Nk’uko ikinyamakuru kimwe (Birds of the World) cegeranya amakuru ajanye n’inyoni, kibivuga, igihuna co muri ubu bwoko kirageramiwe bikomeye, aho ubu hasigaye ibiri hagati ya 1.100 na 1.600 gusa.

Umunzerere witiriwe Pink Floyd

Kamwe mu dukoko twitiriwe umurwi w'umudiho wo rock w'Ubwongereza

Ahavuye isanamu, Jens Kipping

Insiguro y'isanamu, Kamwe mu dukoko twitiriwe umurwi w'umudiho wo rock w'Ubwongereza

Umurwi w’abacuraranzi b’Abongereza mu mudiho wa rock uzwi nka Pink Floyd waraguruye igipurizo gifise ishusho y’ingurube mu kirere co hejuru y’i Londres mu myaka ya 1970. Ariko kandi, iryo zina ryaritiriwe ubwoko bushasha bw’umunzerere watowe mu Kiyaya ca Congo.

Uno munzerere wahawe izina rya umma gumma ry’urukurikirane rw’indirimo rwitwa Ummagumma z’uno murwi Pink Floyd rwasohotse mu 1969.

Iri zina rikaba ryatowe n’umurwi w’abahinga bafatiye ku nsiguro z’amajambo – umma ni ijambo rikoreshwa ku bwoko bumwe bumwe bw’udukoko.

Inzoka iteye ubwoba kandi ifise amayeri menshi yo kwinyegeza

Iyi nzoka y'imamba izwi nka Mongo, ifise ubwoya, ntiteye ubwoba kubera gusa ubumara bwayo bukaze.

Ahavuye isanamu, Jean-François Trape

Insiguro y'isanamu, Iyi nzoka y'imamba izwi nka Mongo, ifise ubwoya, ntiteye ubwoba kubera gusa ubumara bwayo bukaze

N'ubwo yatowe mu 2020, iyi mamba y'ubumara n'ubwoya izwi nka Mongo (Atheris mongoensis) isanzwe izwi cane ko ari imwe mu bwoko bw'inzoka zifise ubumara bukomeye kuruta izindi muri Afrika.

Iratinyitse cane kubera ubushobozi bwayo bwo kwiyoberanya: uruvangatirane rw’amabara y’icatsi kibisi, umuhondo n’iryirabura bituma iyo nzoka ishobora kwiyoberanya mw’ishamba ry’ikibira.

Agakere gatoyi cane gatanga ikimenyetso

Aka gakere gatoyi cane ka Congolius robustus karatanga ibimenyetso bikomeye vy'ubwiza bw'aho kabaye

Ahavuye isanamu, Vaclav Gvozdik

Insiguro y'isanamu, Aka gakere gatoyi cane ka Congolius robustus karatanga ibimenyetso bikomeye vy'ubwiza bw'aho kabaye

Aka gakere ko muri iki kiyaya ca Congo (Congolius robustus) ni agakere kagenda mw’ijoro kandi gushika ubu karangwa muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo honyene.

Kamaze kuboneka mu duce tutari duke two mu bumanuko bw’uruzi Congo. Gapima uburebure bwa sentimetero zine gusa (4cm).

Nk’ubwoko bw’ibikoko bikunda kuba mu karere gatoyi, aka gakere gatanga ikimenyetso c'ubwiza bw’aho kaba.