Trump yanezerewe igihe uwatsindiye agashimwe Nobel k'Amahoro wo muri Venezuela yamuha umudali wiwe
- Umwanditsi, Max Matza
Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwo muri Venezuela, María Corina Machado, yahaye Perezida Donald Trump umudali wiwe Nobel w'Amahoro igihe bagirana inama muri White House, yongera avuga ko ari ikimenyetso co kwerekena ko ashigikiye ukwidegemvya kw'igihugu ciwe.
Inyuma yo guhura na Trump iryambere, aho haciye indwi nkeyi abasirikare ba Leta Zunze Ubumwe za Amerika bafashe Perezida wa Venezuela Nicolás Maduro i Caracas maze bamwagiriza ubudandazi bwibiyayuramutwe, Machado yagize ati: "Nibaza ko uyu musi ari umusi uzokwandikwa muri kahise kuri twebwe Abanya‑Venezuela."
Trump yavuze ku mbuga ngurukanabumenyi ko kuba yahawe uwo mudali ari "igikorwa ciza c'icubahiro no kwubahana," ariko umurwi ukurikirana Nobel wavuze ko agashimwe ubwako kadashobora gutangwa canke kwimurirwa ku wundi muntu.
Perezida wa Amerika yaranse gushigikira Machado ngo abe ayagirwa umutegetsi mushasha wa Venezuela, n'aho umugambwe wiwe uvuga ko uwari umukandida waryo mu matora ya 2024 ari we watsinze amatora ya perezida muri Venezuela.
Trump yahisemwo gukorana n'umukuru w'igihugu w'imfatakibanza muri Venezuela, Delcy Rodríguez, yahoze ari icegera ca Nicolás Maduro.
Ariko yavuze ko guhura na Machado vyari "icubahiro gikomeye", amwita "umukenyezi mwiza cane yaciye mu ngorane nyinshi."
Inyuma yo kuva muri White House, Machado yaravuganye n'abamushigikiye bari bakoraniye hanze, abamenyesha mu rurimi rw'Igisepanyoli, nk'uko vyavuzwe n'Ikigo Associated Press ati: "Turashobora kwizera Prezida Trump."
Machado yabwiye abamenyeshamakuru mu rurimi rw'Icongereza ati: "Nashikirije Prezida wa Amerika umudali Nobel w'Amahoro," yongerako ko ari " kwemera no gushigikira umwidegemvyo wigihugu cacu".

Ahavuye isanamu, Reuters/White House
Donald Trump, yavuze kenshi ko afise inyota yo guhabwa agashimwe ka Nobel k'Amahoro, kandi yari yagaye cane igihe gahabwa Machado mu mwaka uheze.
Mu ndwi iheze Machado yari yavuze ko yosangira ako gashimwe na Trump, ariko umurwi ujewe gukurikirana ubwo bushimwe waciye wamagana ico gikorwa.
Mw'itangazo uwo murwi washize ahabona mu ndwi iheze, wavuze uti: "Iyo agashimwe Nobel kamaze gutangazwa, ntigashobora gukurwaho, gusangizwa, canke kwimurirwa ku bandi. Ico canditswe kirangirira aho nyene kikaguma ukwo ibihe vyose."
Igihe BBC yasaba komite ico ivuga ku majambo ya Machado, bayirungitse kuri iryo itangazo bari basohoye.
Imbere y'iyo nama yabereye muri White House ku wa kane, umurwi ujejwe Nobel wacishije kurubuga rwabo rwa X iti: "Umudali urashobora guhindura uwuwufise, ariko izina ry'uwatsindiye agashimwe Nobel k'Amahoro ntirishobora guhinduka."
Mu majambo yiwe, Machado yasiguye ingene Marquis de Lafayette, yarwanye mu ntambara y'ubwigenge ya Amerika, yahaye Simón Bolívar, umwe mu bashinze Venezuela, umudali uriko ishusho ya George Washington.
Yavuze ko ico kintu cari ikimenyetso c'ubuvandimwe hagati y'igihugu ciwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu rugamba rwabo rwo kurwanira umwidegemvyo biganzura igikenye.
Yagize kandi ati: "Inyuma y'imyaka 200, abantu ba Bolívar bariko basubiriza mu ndumane abo kwa Washington mu kubaha umudali, muri iki gihe umudali Nobel w'Amahoro, nk'ukwemera no gushigikira umwidegemvyo wigihugu cacu."

Ahavuye isanamu, Reuters
Machado - yari amaze amezi menshi aba mu bwihisho - yaragendeye kandi Inama Nkenguzamateka kugira ahure n'abasenateri ba Amerika mu gihe yari i Washington, aho ivyo yabwiye abanyamakuru vyaburijwemwo n'abamushigikiye baririmba ngo "María, Presidente" bariko barazungagiza amabendera ya Venezuela.
Machado yari yitezwe gukoresha umwanya yamaranye na Trump amwumvisha ko gushigikira Darcy Ródriquez nk'umukuru w'igihugu w'imfatakibanza ari ikosa, kandi ko ihuriro ry'abatavuga rumwe n'ubutegetsi arongoye ariryo rikwiye kurongora iki kiringo c'imfatakibanza.
Umuvugizi w'Ibiro vya Prezida w'Amerika, Karoline Leavitt, yabwiye abanyamakuru ku wa kane mu gihe inama yariko iraba ko Machado ari "ijwi rikomeye kandi ry'itwari ku bantu benshi bo muri Venezuela", kandi ko Trump "yiteze vyinshi biva mur'iyi nama kandi yiteze ibiganiro vyiza" ku buzima bwukuri buri muri Venezuela.
Trump yarigeze kuvuga ko Machado ari "uwurwanira ukwidegemvya", ariko yagumye yamirira kure iciyumviro co kumugena kurongora Venezuela inyuma y'uko Maduro akuwe ku butegetsi, avuga ko atabamushigikira bakwiye afise mu gihugu ciwe.
Freddy Guevara, umwe mu bashinze umugambwe utavuga rumwe na reta Voluntad Popular akaba n'umunyepolitike yigeze gufungwa na Maduro ubu aba mu buhungiro, yabwiye BBC ko atibaza ko Machado "yariko arondera gushigikirwa" mu guha Trump ako gashimwe canke ko bwari "uburyo bwo gutuma Trump amugena".
Yagize ati: "Ndabona ko atariyo ntumbero yiwe. Ndabona ko María Corina Machado atahura akamaro k'ivyo, kandi yizera ko ari co kintu gikwiye gukorwa ku bw'umwidegemvyo wa Venezuela." I
Yavuze ko ico abatavuga rumwe n'ubutegetsi bashimikiyeko ari ugutegura amatora ya demokarasi mu gihugu. "Ico turiko turondera ni intwari y'imfatakibanza ya demokarasi aho abanyaVenezuela ari bo bonyene bazofata ingingo biciye mu majwi yabo ku muntu azodutwara."
Kuva Maduro afashwe italiki 3 ukwezi kwa mbere 2026, ubutegetsi bwa Trump bwihutiye gusubiramwo ingene igisata ca peteroli ya Venezuela gikora, kikaba cari kimaze igihe carafatiwe ibihano na Amerika. Ku wa gatatu, umutegetsi w'Amerika yavuze ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zari zimaze kugurisha petroli ya mbere ya Venezuela, afise agaciro ka miriyoni 500 z'amadolari.
Ubwato bwikekwa ko butwara petroli ya Venezuela bwarafashwe na Amerika, aho igisirikare ca Amerika cavuze ku wa kane ko kimaze gufata ubwato butandatu.
Guevara yavuze ko atabona ko ivyo Amerika iriko irakora vyose bijanye gusa na peteroli, agira ati: "Ariko ntituri ibijuju, turatahura akamaro k'iterambere na peteroli kuri bo( Amerika). Ariko twizera ko ivyo vyose vyoshobora gutera imbere icarimwe."
Intumwa ya Reta ya Venezuela vyitezwe ko yova ija i Washington ku wa kane kugira ihure n'abategetsi ba Amerika kandi itangure intambwe za mbere zo gusubira kwugurura ambasade y'igihugu, nk'uko ikinyamakuru New York Times cavyanditse.
Iyo ntumwa bivugwa ko ari umugenzi wa hafi kandi akaba n'iincuti ya Ródriquez, we yasiguwe na White House nk'"umuntu bafatanya cane."
Rodríguez yashikirije ijambo ry'umwaka ku gihugu, i Caracas, ku wa kane, aho yavuze ko na we yari yiteguye kugenda i Washington mu biganiro.
Yagize ati: "Nimba nzokenerwa kuja i Washington ndi perezida w'imfatakibanza, nzojayo cane, mpagaze kandi ntavura," ahamagarira igihugu "kudatinya imigenderanire" na Amerika.
Trump na Ródriquez baravuganye kuri telefone ku wa gatatu, aho Trump yamuvuze ku mbuga hwaniro nk'"umuntu mwiza cane."
Ródriquez na we yavuze ko ico kiganiro cari "ciza kandi ciyubashe," kirangwa n'"ukwubahana."











