Videwo yerekana abanyeshure 'bagurisha icamunara' bagenzi babo b'abirabure muri Afrika y'Epfo yateje uburakari

Umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu muri Afrika y'Epfo (SAHRC) uvuga ko watanguye amatohoza yawo ku vyabaye.

Ahavuye isanamu, Screengrab

Insiguro y'isanamu, Umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu muri Afrika y'Epfo (SAHRC) uvuga ko watanguye amatohoza yawo ku vyabaye.
    • Umwanditsi, Lucy Fleming & Natasha Booty
    • Igikorwa, BBC News

Abana b'abanyeshure bane muri Afrika y'Epfo bagiye kurenguka imbere y'umugwi ujejwe gukurikirana inyifato kw'i shure inyuma ya videwo yarandagase aho abanyeshure b'abirabure baboneka baterwa icamunara nk'abacakara, nk'uko abategetsi muri Cape Town babibwiye BBC.

Iyi videwo, yerekana aba bana b'abanyeshure bugaraniwe mu kirunduru mu gihe abandi nabo bariko babaharirako ibiciro, yateje uburakari igihe yakwiragizwa ku mbuga hwaniro ku wa gatanu w'indwi iheze.

Yafatiwe kw'ishure Pinelands High School, ikaba yarimwo abanyeshure bo mu mwaka w'umunani, umwaka wa mbere w'amashure yisumbuye aho abana baba bafise imyaka yababa 14.

Umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu muri Afrika y'Epfo (SAHRC) uvuga ko watanguye amatohoza yawo ku vyabaye.

Ibi bibaye mu gihe amashure yandi abiri muri ico gihugu nayo ahanganye n'ibibazo vy'ivangura, muri iki gihugu kimaze imyaka 30 cikuye intwaro y'ivangura y'inkehwa z'abazungu, izwi nka apartheid, igihe Nelson Mandela yarwanije iyi ntwaro atorewe nk'umukuru w'igihugu.

“Birababaje kubona ibintu nk'ibi bikibandanya inyuma y'imyaka 30 turi muri demokarasi", bivugwa na SAHRC, aho ivuga ko ari ikintu kibabaje cane kubona bibera mu mashure.

Aba banyeshure bane ba Pinelands High School bavugwa ko bari inyuma y'iyi camurana y'agashinyaguro barahagaritswe kwiga vy'agateganyo.

Mw'itangazo yarungikiye BBC, Bronagh Hammond, umuvugizi w'igisata kijejwe indero mu ntara ya Western Cape , agira ati: “Amatohoza aracabandanya kandi ari hafi kurangira, abanyeshure 24 bakaba ari bo babajijwe mu misi ibiri ya mbere y'ishure kuva ibi bintu bimenyekanye".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uno mupfasoni yongerako ati: “Ingingo zizofatwa kandi ku banyeshure bashobora kuba barahonyanze ingingo zimwe zimwe ziri mu mategeko y'ishure2.

Vyamenyekanye ubwa mbere igihe umwe mu banyeshure yeretse nyina wiwe, Merle Potgieter, ino videwo, nawe agaca abimenyesha abarongoye ishure hamwe n'ibinyamakuru vy'akarere.

Avuga ko umwana wiwe w'umuhungu afise imyaka 14, yarwanye n'abahungu bariko bamusunikira muri ako karunduru hampande y'abandi bahungu b'abirabure bari bamaze kwinjizwamwo.

Nk'uko umupfasoni Potgieter abivuga, abagirizwa kubikora ni imvange.

Muri iyi videwo y'icamurana y'agashinyaguro, abana bumvikana baciriranira ibiciro kugera ku ma rand100.000 ($5,400).

"Ubwa mbere...ubwakabiri... twahejeje kugurisha!" niko umuhungu umwe yumvikana avuga.

Ubucakara muri Cape Town bwatanguye kuva mu myaka ya 1650, igihe Ubuholande bukoroniza aka gace maze ibihumbi n'ibihumbi vy'abacakara bakazanwa muri ako karere bavanywe muri Aziya y'ubumanuko bushira ubuseruko, Madagascar na Mozambique.

Uno musi Cape Town ifatwa nka kimwe mu bisagara vya Afrika y'Epfo birangwamwo ivangura n'ubusumbasumbane birenze urugero, nubwo kirangwamwo uruvangatirane rw'amoko atandukanye.

Ibi ni inkurikizi z'intwaro y'ivangura, igihe intwaro y'abazungu mu myaka ya 1950 yirukana abirabure n'imvange ikabashira mu turere twatamuriwemwo abirabure hanze y'iki gisagara.

Reta ya apartheid yaratsimbataje kandi ukurutana kw'amoko aho abirabure baza ubwa nyuma.

Ku wa kabiri, umushingamateka Makhi Feni arongoye umurwi w'inama nshingamateka ujejwe amashure, yasavye amashure yibonekejemwo cane iki kibazo "kwiga ingene yoshiraho integuro z'ivyigwa bitsimbataza ukunywanisha n'ugushira imbere 'umunya-Afrika y-Epfo'.

Agira ati: “Ikibazo twese dukwiye kwibaza ni ikintu gituma umuntu, gushika mbere no ku muyabaga, atazi n'iyo twavuye nk'igihugu, akora ikintu kijana kw'ivangura. Ni ukuri abana bacu ntibari bakwiye gukora ivangura".

Hagati aho, umugambwe Economic Freedom Fighters (EFF) utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, usaba ko aba banyeshure babuzwa kuja kwiga mu kiringo c'imyaka nibura ibiri hanyuma bagakoreshwa "ibikorwa rusangi mu turere tw'abirabure".

Uragabisha ko ushobora guhamagaza imyiyerekano no kwugaza iri shure ari nka hamwe wosanga abariko biga iki kibazo batavyifashemwo neza.