IKIBIRIRAHO, Hasigaye igihe cy’isaha imwe kugirango ibyambu bya Iran bifungwe mu gihe Papa avuga ko nta mpaka na Trump ku ntambara

Donald Trump yavuze ko Amerika izatangira guhagarika ibyambu bya Iran ku wa mbere saa yine (14:00 GMT / 15:00 BST)

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Gisèle Berwa

  1. Ibyo Papa Leo, na Perezida Trump bavuga ku ntambara ya Iran

    Trump na Papa

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Trump na Papa

    Papa Leo yasubije Trump, avuga ko azakomeza 'kuvuga'

    Papa wa mbere w’umunyamerika akaba na perezida wa Amerika bagaragaje ibitekerezo bitandukanye cyane ku ntambara yo mu Burasirazuba bwo Hagati.

    5 Mata(3):Mu gitambo cye cya mbere cya misa ya Pasika, Papa Leo yasabye "abafite ububasha bwo gutangiza intambara" "guhitamo amahoro"

    7 Mata (3): Trump yanditse ku rubuga rwe nkoranyambaga Truth Social ko " (civilisation) yose izapfa muri iri joro" niba Iran idafunguye umuhora wa Hormuz. Nyuma Papa Leo yabwiye abanyamakuru ati: "Uyu munsi ... hari iki kibazo cy'iterabwoba ku baturage bose ba Iran, kandi ibi ntabwo byemewe."

    11 Mata (3): Ubwo abaganira muri Iran na Amerika bateraniraga mu biganiro byo guhagarika intambara, Papa Leo yasabye umuryango mpuzamahanga guhagarika "ubusazi bw'intambara"

    12 Mata (3): Trump anenga Papa, avuga ko akwiye "kwibanda ku kuba Papa Mukuru, atari Umunyapolitiki". Ashinja Papa kuba "afite intege nke mu byaha" no "gukorera abahhezanguni ". Mu butumwa burebure yanditse ku mbuga nkoranyambaga, Trump avuga ko Papa Leo akwiye "gushima," yongeraho ati: "Iyo ntaza kuba ndi muri White House, Leo ntiyari kuba ari i Vatican"

    13 Mata (3): Papa Leo yabwiye abanyamakuru ko "adatinya ubutegetsi bwa Trump cyangwa kuvuga mu ijwi riranguruye ubutumwa bwiza"

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Ivy'akakanya, Amato atazubahiriza icyemezo cy'ifungwa ry'umuhora wa Hormuz aza 'hagarikwa, ajyanwe ahandi, afatwe’ - Reuters

    Igisirikare cya Amerika kigiye gushyira mu bikorwa ihagarikwa ry’ibikorwa mu kigobe cya Omani no mu nyanja y’Abarabu, mu burasirazuba bw’umuhora wa Hormuz, kandi ibi bizakurikizwa n’amato yose atwara abantu hatitawe ku ibendera, nk’uko bigaragara mu nyandiko yohererejwe ubuyobozi bukuru bwa Amerika (Centcom) ku basare yanatangajwe n’ibiro ntaramakuru bya Reuters.

    Iyi nyandiko ivuga ko Centcom iburira ko amato "yinjira cyangwa asohoka mu gace kari kafunzwe nta burenganzira ashobora gufatwa, kujyanwa ahandi no gufatwa".

    Iyi nyandiko yemeza ko iri fungwa rigomba gutangira saa 14h00 GMT (15h00 BST).

    Iyi nyandiko kandi iragira iti: "Iri fungwa ry’I nzira yo mumazi ntabwo rizahagarika amato ava mu bihugu bidafite hao bibogamiye anyura mu muhora wa Hormuz ajya cyangwa atava muri Iran."

  3. Netanyahu avuga ko Israel ishyigikiye ko Amerika ifunga umuhora wa Hormuz

    Netanyahu

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu

    Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu avuga ko Israel ishyigikiye ko Amerika ihagarika ibyambu bya Irani biri ku muhora wa Harmuz.

    Mu ijambo rye yagejeje ku nama ye y’abaminisitiri yagize muburyo bw’amajwi Netanyahu yagize : "Perezida Trump yafashe icyemezo cyo kubashyira mu kato k’intambara. Birumvikana ko dushyigikiye iki cyemezo gihamye."

    Yavuze kandi ko yavuganye na Visi Perezida wa Amerika JD Vance ku Cyumweru, nyuma y'ibiganiro na Iran. Vance yabwiye Netanyahu ati "ikibazo cy'ingenzi ni ugukuraho ibikoresho byose bikungahaye ku nganda za nikleyeri no kwemeza ko nta bindi bikoresho bikungahaye bihari", nk'uko ijambo rye muriyo videwo ribivuga.

    Netanyahu avuga ko Vance yamuhamagaye ari mu ndege ye avuye muri Pakistan, maze visi perezida atanga amakuru arambuye ku migendekere y'ibiganiro na Irani.

    Minisitiri w’Intebe wa Israel yongeraho ko igitekerezo icyo ari cyo cyose cy’uko Amerika na Israel batavuga rumwe ari "ikinyuranyo cyuzuye".

  4. Bwa mbere mu mateka umugore yagizwe umugaba mukuru w’ingabo za Australia

    Lieutenant General Susan Coyle amaze hafi imyaka 40 mu gisirikare

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Lieutenant General Susan Coyle amaze hafi imyaka 40 mu gisirikare

    Kuri uyu wa mbere leta ya Australia yatangaje ko umugore agiye kuba umugaba mukuru w’ingabo mu mpinduka zakozwe mu bakuru b’igisirikare cy’icyo gihugu.

    Lieutenant General Susan Coyle azatangira izo nshingano muri Nyakanga(7) uyu mwaka, abe umugore wa mbere mu mateka y’iki gihugu ufashe uwo mwanya.

    Gen Susan azasimbura Lieutenant General Simon Stuart, kandi izi mpinduka zibaye mu muhate wa leta wo gushishikariza abagore kwinjira mu ngabo.

    Mu itangazo Minisitiri w’intebe Anthony Albanese yagize ati: “Kuva muri Nyakanga(7), tuzaba dufite umugore wa mbere nk’umugaba mukuru w’ingabo mu mateka y’imyaka 125 y’ingabo za Australia”.

    Minisitiri w’ingabo Richard Marles yavuze ko igenwa rya Coyle ari “igihe cy’amateka akomeye”.

    Coyle w’imyaka 55, yinjiye mu gisirikare mu 1987 azamuka mu maranka no mu mirimo itandukanye kugeza kuri uyu mwanya yagenewe.

    Abagore bagize 21% mu ngabo za Australian Defence ​Force (ADF) na 18.5% ⁠mu myanya y’ubutegetsi bw’ingabo nk’uko Reuters ibivuga.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Papa avuga ko “Adatinya” Trump inyuma yo kunegurwa bikomeye ku vyiyumviro vyiwe ku Irani

    Papa Leo

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Papa Leo yavuze ko “adatinya” ubutegetsi bwa Donald Trump, inyuma y’aho Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika amuneguriye cane ku mugaragaro ku bijanye n’ivyo avuga ku ntambara ya Iran.

    Mu butumwa yashize ku rubuga Truth Social, Trump yise Papa “umunyantege nke ku bijanye n’ivyaha kandi mubi ku migenderanire mpuzamakungu,” hanyuma abwira abanyamakuru ko “atamukunda cane cane.” Yarongeye kunegura ivyiyumviro vya Papa ku bijanye n’ibibazo vy’ibirwanisho ruhonyanganda vya Iran, avuga ko bishobora guhungabanya umutekano w’isi yose.

    Aganira n’abamenyeshamakuru ari mu ndege aja muri Aljeriya, Umupapa yanse kwinjira mu mpaka ariko ashimangira ko azobandanya kuvuga ubutumwa bw’amahoro. Yama anegura cane intambara ya Iran, mbere akaba yaravuze ko iterabwoba rya Trump ryo gusenya “ubuzima bwose bw’igihugu” bwa Iran “ritokwemerwa,” asaba ko haboneka inzira yo kugabanya ukutumvikana.

    Papa yavuze ati: “Nta bwoba mfise… ndi hano kugira mvuge ubutumwa bw’amahoro,” ashimangira ko uruhara rwiwe atari urwa poritiki ahubwo ari urw’inyifato.

    Ivyo Trump yavuze vyakurikiwe no kunegurwa n’abakurikira idini gatolika hirya no hino kw’isi, bamwe bakavuga ko ari bidasanzwe kubona Perezida anegura Umupapa ku mugaragaro gutyo. Ibi bibaye mu gihe papa Leo atanguye urugendo rw’imisi 11 muri Afrika, bikerekana ukutumvikana hagati y’ubuyobozi bwa politike n’ubw’inyigisho z’ivy’impwemu ku rwego mpuzamakungu.

  6. Gufunga amayira y’amato n’indege ni iki? Kandi Amerika irabikora ite mu kigobe cy’Abarabu?

    Amerika yatangaje gufunga ikigobe cy'Abarabu kuva ku mugoroba w'uyu munsi

    Ahavuye isanamu, Google

    Insiguro y'isanamu, Amerika yatangaje gufunga ikigobe cy'Abarabu kuva ku mugoroba w'uyu munsi

    Inyandiko isobanura ibikorwa by’ingabo za Amerika ziranira mu mazi yatangajwe mu 2022 isobanura gufunga inzira y’amazi gutya:

    "Igikorwa cya gisirikare cyo kubuza kwinjira cyangwa gusohoka kw’amato cyangwa n’indege z’ibihugu byose – yaba ay’umwanzi cyangwa adafite aho abogamiye – mu byambu, ibibuga by’indege, cyangwa ahandi ku mwaro hasanzwe hafitwe cyangwa hafashwe na leta y’umwanzi".

    Ishami ry’ingabo za Amerika rizwi nka US Central Command (CENTCOM) bisa n’aho riza gukurikiza iyo nyandiko ubwo ryatangazaga ko kuva uyu munsi nimugoroba riza:

    “Kubuza nta kurobanura amato y’ibihugu byose kwinjira cyangwa gusohoka ku byambu n’ibice by’umwaro wa Iran, harimo ibyambu byo mu kigobe cy’Abarabu n’inyanja ya Oman”.

    Mu matangazo yayo aheruka, CENTCOM ikoresha “Ikigobe cy’Abarabu” ishaka kuvuga akarere k’ikigobe cya Perse karimo n’umuhora wa Hormuz.

    CENTCOM yongeraho ko ingabo za Amerika zitazabangamira ingendo z’amato atava cyangwa aterekeza ku byambu bya Iran, kandi ko amato y’ubucuruzi aza guhabwa amakuru no kuburirwa mbere y’uko uko gufunga gutangira.

    Icyo ni igikorwa cyo gukoresha ingufu za gisirikare mu kubuza amato n’indege kugenda muri ako gace,

    Perezida Trump yavuze ko ibindi bihugu biza gufasha mu gufunga umuhora wa Hormuz, ariko ntiyavuze ibyo ari byo.

    Ubwongereza bwo bwatangaje ko butari muri icyo gikorwa cya Trump na Amerika.

  7. Hikekwa ko hari abasivile bishwe n’igitero c’indege muri Nigeria

    ifoto y'imodoka iriko irasha mu gitero muri nigeria

    Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty Images

    Hari ubwoba bwinshi ko abasivile benshi bishwe inyuma y’aho havuzwe ko indege z’igisirikare ca Nigeria zateye isoko ryo mu gisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu mu guhiga abarwanyi bo mu mitwe y'iterabwoba.

    Mu ndwi iheze, abarwanyi ba Boko Haram bateye ikigo ca gisirikare bica benshi barimwo n'umusirikare w'ipeti rya Brigadier General.

    Iryo soko ryatewe riherereye hafi y’imbibe za leta za Yobe na Borno, ahantu hasanzwe hari intambara zimaze imyaka hagati y’ingabo za leta n’umuhari w’intagondwa wa Boko Haram.

    Naho Igisirikare co mukirere ca Nigeria kivuga ko catanguye ibitero vyari bigenewe “ahantu hamenyekanye ko hari abarwanyi”, ariko ntikiremeza ko cateye iryo isoko canke ngo gitange igitigiri nyaco c’abishwe.

    Amakuru ava mu bibanza bitandukanye ntahuye: hari abavuga ko hapfuye abantu bake, abandi bakavuga ko bashika amajana.

    Abategetsi bo muri ako karere hamwe n’inzego z’ugutabara baracariko baragenzura kugira bamenye igitigiri c’ukuri.

    Ibi bibaye inyuma y’imisi ibiri gusa sentare zo muri Nigeria zikatiye imanza abantu hafi 400 bahora bafitaniye imigenderanire n’imirwi y’iterabwoba.

    Abenshi muri bo bagirizwa gutanga imfashanyo, ibikoresho canke amakuru ku barwanyi.

    Izo manza zerekanye neza ingene Leta yakajije umugambi wayo wo kurwanya imirwi y’intagondwa mu gihe umutekano uguma urushiriza guhungabana.

    Ibi bintu vyompi vyerekana ingene urugamba rwo kurwanya iterabwoba ruriko rurakomera, ariko kandi bikerekana ko abasivile aribo babandanya kurwa muri iyi ntambara idahera.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Ubushinwa burahakana guha intwaro muri Iran

    Bimwe mu binyamakuru muri Amerika biheruka gutangaza amakuru bikesha ubutasi bivuga ko Ubushinwa bwaba buha intwaro Iran

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Bimwe mu binyamakuru muri Amerika biheruka gutangaza amakuru bikesha ubutasi bivuga ko Ubushinwa bwaba buha intwaro Iran

    Minisiteri y’Ububanyi n’Amahanga y’Ubushinwa yatangaje ko amakuru avuga ko igihugu cyohereje cyangwa giteganya kohereza intwaro muri Iran ari “ibirego bidafite ishingiro.”

    Mu minsi ishize, ibitangazamakuru byo muri Amerika byasohoye inkuru kuri iki kibazo, bishingiye ku makuru yatanzwe n’inzego z’ubutasi.

    Guo Jiaqin, umuvugizi wa Minisiteri y’Ububanyi n’Amahanga y’Ubushinwa, mu kiganiro n’abanyamakuru yavuze ko Ubushinwa buri gihe bwagiye "bwitondera" kohereza intwaro mu mahanga.

    Yongeyeho ko Ubushinwa bwagiye buvuga kenshi ko budacuruza intwaro ku bihugu biri mu ntambara.

    Minisiteri y’Ububanyi n’Amahanga y’Ubushinwa yanahamagariye impande zose guhagarika imirwano, inagaragaza icyizere ko agahenge k’intambara kari hagati ya Iran n’ Amerika kazahinduka “ak’igihe kirekire.”

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Umumenyeshamakuru Sandra Muhoza yejejwe ku caha co ‘gutera igihugu’

    Umumenyeshamakuru Sandra Muhoza yakorera ikinyamakuru cigenga La Nova Burundi

    Ahavuye isanamu, La Nova Burundi

    Sentare Nkuru Isubiramwo imanza ya Butanyerera yatangaje ko umumenyeshamakuru Sandra Aline Muhoza yejejwe ku caha co gutera igihugu yagirizwa n’umushikirizamanza mukuru.

    Muhoza yakorera ikinyamakuru cigenga La Nova Burundi yarekuwe vy’imfatakibanza mu kwezi guheze kubera yagize "inyifato nziza" igihe yari apfunzwe.

    Mu nyandiko y’uyu musi ya sentare yabonywe na BBC, umumenyeshamanza w’iyo sentare yavuze ko Muhoza yagiriwe n’icaha co “gushikiriza amajambo abiba urwanko” amuhanisha umunyororo w’amezi atandatu.

    Sandra Muhoza yahagaritswe kw'igenekerezo rya 13 Ndamukiza(4) 2024, biturutse ku majambo yishuranye na bamwe mu bamenyeshamakuru ku rubuga ngurukanabumenyi rwa WhatsApp bari bahuriyemwo.

    Muhoza ariko yarekuwe amaze imyaka irenga ibiri apfunzwe mu myaka ine yari yaciriwe na sentare y’i Ngozi imbere yuko yunguruza.

    Iki cemezo ca sentare ya Butanyerera gisiguye ko Muhoza aguma yidegemvya.

    Izindi nkuru wasoma

  10. US - Iran: Ibiganiro byananiranye biteje impungenge imibereho ya benshi ku isi

    Ibihugu byinshi mu karere birimo guhura n'izamuka ry'ibiciro by'ibitoro byateye izamuka ry'igiciro cy'ibicuruzwa birimo ibya nkenerwa nk'ibiribwa.
    Insiguro y'isanamu, Ibihugu byinshi mu karere birimo guhura n'izamuka ry'ibiciro by'ibitoro byateye izamuka ry'igiciro cy'ibicuruzwa birimo ibya nkenerwa nk'ibiribwa

    Kunanirana kw’ibiganiro by’amahoro no kuzamuka kw’ibiciro by'ibitoro ni indi nkubiri ikomeye ku bukungu bw’isi.

    Impungenge nyamukuru ni ku bijyanye n'ubucuruzi n'uko ibicuruzwa bigera ku masoko.

    Abasesenguzi bavuga ko utugunguru miliyoni ebyiri ku munsi tw'ibitoro dushobora kujya mu kaga niba ubwikorezi bunyuze mu muhora wa Hormuz bukomeje guhungabana.

    Amakuru y’ubwikorezi asanzwe agaragaza ko ingendo z’amato atwara igitoro zagabanutse cyane, kandi impungenge ziyongereye bigandanye no gufunga uwo muhora ubu kwatangajwe na Amerika.

    Ibi byatumye ibiciro byiyongera ndetse habaho n’ihindagurika rikomeye mu isoko ry’ingufu.

    Ingaruka ku bukungu muri rusange zirahita zigaragara. Kuzamuka kw’ibiciro bya peteroli n’ibiyikomokaho bituma ibiciro by’ubwikorezi, ibiribwa n’ibindi bicuruzwa bizamuka, bigatera izamuka ry’ibiciro (inflation).

    Banki nkuru z'ibihugu zari ziherutse gutangira kugabanya inyungu ku nguzanyo, ariko niba ibiciro by'ibitoro bikomeje kuzamuka, bashobora gusubika iyo gahunda.

    Ibihugu byinshi muri Afurika y'iburasirazuba byatangiye guhura n'izamuka ry'ibiciro by'ibitoro, ibi byahise bikurikirwa no kuzamuka kw'igiciro cy'ibicuruzwa birimo ibya nkenerwa nk'ibiribwa.

    Ingaruka z'iyi ntambara n'agahenge kadafashe katangajwe mu minsi ishize bikomeje gutuma ubuzima bugorana henshi ku isi kandi bishobora kurushaho kumera nabi igihe hatabayeho kumvikana ngo intambara ihagarare.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Papa Leo yatanguye urugendo muri Afrika

    Papa Leo

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Papa Leo yavuye i Vatican City mu rugendo rw’imisi 10 aja muri Afrika, mu rugendo ruvugwa ko ari rumwe mu zikomeye cane zakozwe n’umupapa, mu myaka myinshi iheze.

    Urwo rugendo ruzomushikana muri Algeria, Cameroun, Angola na Guinée Equatoriale.

    Urwo rugendo rufise intumbero yo kumenyesha isi yose ingorane z'umugabane wa Afrika, harimwo ubutegetsi, gucungera ubutunzi hamwe n'imigenderanire hagati y'amadini.

    Mu misi 10 iri imbere, vyitezwe ko Papa azogenda ibilometero hafi 18.000, agendere ibisagara 11 kandi ashikirize amajambo agera ku 25.

    Urugendo rwiwe rwa mbere aza kuja muri Algeria, aho azobonana n'abategetsi b’ico gihugu yongere agendere umusigiti munini w'i Alger, akaba ari ubwa kabiri gusa azoba agiye mu musigiti kuva abaye Papa.

    Ico gihugu, kigizwe ahanini n'aba Islamu, kikazoba cakiriye umupapa ku ncuro ya mbere.

    Urwo rugendo ruje mu gihe Afrika irimwo abarenga ibice 20% b’abakatolika bose bo kw’isi, cane cane muri bimwe muri ivyo bihugu agiye kugendera.

    Bitegekanijwe ko hazoba igikorane kinini co gusenga i Douala muri Cameroun, aho abantu ibihumbi n’ibihumbi bitegekanijwe ko bazocitabira

    Urwo rugendo rwerekana ko Vatican iriko irongera gushira inguvu kuri Afrika mu gihe isi iriko irongera kwitaho Africa cane.

    Izindi nkuru wosoma :

  12. ‘Nibagerageza barabona isomo rikomeye’ - Iran yasubije Amerika ku gufunga umuhora wa Hormuz

    Mohammad-Bagher Ghalibaf ukuriye inteko ishinga amategeko ya Iran

    Ahavuye isanamu, Tasnim

    Insiguro y'isanamu, Mohammad-Bagher Ghalibaf ukuriye inteko ishinga amategeko ya Iran

    Ingabo za Amerika zatangaje ko, ku itegeko rya Perezida Trump, kuva saa 5:30 z’umugoroba ku isaha ya Tehran (3:30 i Gitega na Kigali) uyu munsi zitangira gufunga umuhora wa Hormuz, Iran yasubije ko Amerika idakwiye kugerageza gukora ibyo.

    Ingabo za Amerika zivuga ko nta bwato na bumwe buza guca muri uwo muhora kuva kuri ayo masaha.

    Mohammad-Bagher Ghalibaf ukuriye inteko ishingamategeko ya Iran yatangaje ko “Amerika nibigerageza iza guhabwa isomo rikomeye”.

    Ibi bibaye nyuma y’uko ibiganiro hagati ya Amerika na Iran byageragejwe i Islamabad muri Pakistan mu mpera z’iki cyumweru binaniranye.

    Nyuma y’ibi, minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Iran Abbas Araghchi yavuze ko “imirwano izana imirwano gusa”

    Araghchi yavuze ko i Islamabad impande zombi “zari hafi cyane yo kugera ku kumvikana” ariko Tehran “ikananizwa”.

  13. Kinshasa na M23: Uyu musi ibiganiro vy'amahoro ubwa mbere biratangura i Buraya

    Naho hari amasezerano menshi yashitsweko mu 2025, harimwo agahengwe hamwe n'amasezerano y'amahoro, intambara irabandanya

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Naho hari amasezerano menshi yashitsweko mu 2025, harimwo agahengwe hamwe n'amasezerano y'amahoro, intambara irabandanya

    Ibiganiro hagati ya leta ya RD Congo n’umuhari wa AFC/M23 ubwa mbere kuri uyu musi biritezwe ko bitangura kubera i Buraya mu gihugu ca Suisse.

    Ni impinduka ikomeye mu nzira y’ibiganiro vya dipolomasi inyuma y’uko ibiganiro vya mbere atakinini vyari bwashikeko.

    Abaserukira impande zompi bashitse i Genève, naho ikibanza ibiganiro biberamwo kitaramenyekana.

    Iyi ni incuro y'icenda y’ibiganiro ikurikiye ukutumvikana kw'ibiganiro vyahora bibera i Doha, aho impande zompi ziguma zitumvikana ku bibazo nyamukuru.

    Intumwa za AFC/M23 zirongowe na Benjamin Mbonimpa, mu gihe umugwi wa leta urongowe na Sumbu Sita Mambu.

    Leta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe an Qatar bakomeza gukora nk'abahuza, MONUSCO ihari nk'indorerezi.

    Naho hari amasezerano menshi yashitsweko mu 2025, harimwo agahengwe hamwe n'amasezerano y'amahoro, intambara irabandanya mu buseruko bwa Republika Congo.

    Reta ya Congo Kinshasa ibandanya isaba ko inyeshamba za M23 ziva mu bisagara nka Goma na Bukavu, mu gihe uwo mugwi ubandanya usaba kurekurwa kw'abarwanyi bawo bapfunzwe nk'igisabwa ca mbere hamwe no kureka ibitero biwukorwako n'ingabo za leta.

    Mu gihe hakiri imishamirano muri Kivu ya Ruguru n'iy'ubumanuko, ibi biganiro bishasha bibonwa nk’akandi karyo ko kugerageza gusubizaho ibiganiro vy’amahoro bisanzwe biri mungorane.

    Izindi nkuru wosoma:

  14. Trump yanenze cyane Papa Leo ku kibazo cya Iran

    Donald Trump na Papa Leo

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Donald Trump yanenze cyane Papa Leo XIV ku mbuga nkoranyambaga, nyuma y’uko uyu munyamerika wa mbere ukuriye Kiliziya Gatolika yamaganye iterabwoba rya Trump kuri Iran.

    Mu butumwa burebure yashyize kuri Truth Social, Trump yavuze ko Papa “adafite ubumenyi ku bijyanye na politiki mpuzamahanga.”

    Yagize ati: “Sinshaka Papa wemera ko Iran ishobora kugira intwaro za kirimbuzi.”

    Agaragaza n’ibindi anenga uwo Muyobozi wa Kiliziya, Trump yavuze ko Papa Leo “adakomeye ku bijyanye n’ikorwa ry’ibyaha ndetse no ku ntwaro za kirimbuzi.”

    Mu cyumweru gishize, Papa Leo yanenze amagambo ya Trump yavugaga ko “ikiragano cyose gishobora kurimbuka iryo joro” niba Iran itemeye amasezerano yo guhagarika intambara.

    Yavuze ko ayo magambo “atemewe na gato,” anongeraho ati: “Hari ibibazo birebana n’amategeko mpuzamahanga, ariko kirenze ibyo, ni ikibazo cy’imyitwarire n’indangagaciro.”

    Papa Leo yakomeje kugaragaza ko adashyigikiye politike za Trump kuva ku kibazo cy'abimukira, kugera no kuri iyi ntambara ya Iran.

    Izindi nkuru wasoma:

  15. Amerika ivuga ko iza kwugara ibivuko vya Irani uyu munsi

    Ubwato mu muhora wa Hormuz

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Igisirikare ca Amerika kivuga ko kiza gutangura kwugara ibivuko vya Irani uyu munsi, ariko ko "kitazobuza" ubwato buca mu muhora wa Hormuz buja canke buva mu bindi bihugu.

    Aya niyo makuru mashasha :

    • Igisirikare ca Amerika kivuga ko uguhagarika ingendo zija n’izisohoka ku bivuko vya Irani biza gutangura isaha cumi, ku masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, kuri uyu wa mbere.
    • Perezida wa Amerika, Donald Trump, avuga ko iryo tegeko aritanze kubera ko Irani “yananiwe kumenya” kwugurura umuhora wa Hormuz. Arongera akagabisha ko igisirikare co mu mazi ca Amerika “kizotera umuriro udahera” aba nya Irani bazogitera, kandi ko kizobuza ubwato ubwo ari bwo bwose buzoboneka ko bwarishe amahera Irani yo guca muri uwo muhora.
    • Ibiciro vy’igitoro vyaduze birenga amadolari 100 ku kagunguru inyuma y’iyongerekana ry’ukutumvikana, ryakurikiye ibiganiro vy’amahoro vyabereye muri Pakistan mu mpera y’indwi ataco vyashitseko.
    • Trump avuga ko ibiganiro vyabereye i Islamabad vyananiranye kubera "Iran idashaka kureka ivyipfuzo vyayo vy'ibirwanisho vya kirimbuzi".
    • Umushikiranganji w’imigenderanire ya Irani n’ayandi makungu Abbas Araghchi avuga ko Irani yagiranye ibiganiro “n’umutima mwiza” na Amerika, mu gihe umukuru w'inama nshingamateka ya Irani, Mohammad Bagher Ghalibaf, arongoye ivyo biganiro, avuga ko Irani "itazokwitanga kubera iterabwoba".
    • Igisirikare ca Irani kivuga ko ubwato bwa gisirikare bwegereye uwo muhora buzofatwa nk'ukurenga ku masezerano yo guhagarika intambara

    Izindi nkuru wosoma :

  16. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.