Papa mushasha ni Robert Prevost, izina ry'amabanga ni Papa Léon XIV

Ahavuye isanamu, VATICAN MEDIA HANDOUT
Papa ahejeje gutorwa, avuka i Chicago muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, azorangura amabanga yiwe yitwa Papa Leo XIV. Afise imyaka 69.
Mu majambo ya mbere yashikirije isinzi ry'abantu mu gitaliyano yavuze ati: ''Ni mugire amahoro mwese.
''Bene wacu nkunda cane, iyi ni yo yabaye indamutso ya mbere ya Kristu yazutse. Nifuza gutanga indamutso y'amahoro ishikire imiryango yanyu, aho muri hose. Ni mugire amahoro.''
Yavuze mu gitaliyano mu nyuma agira arangize, ahindura avuga iki- espanyole ashimira diyoseze yahoramwo muri Peru.
''Nifuza ko iyi ndamutso y'amahoro ishika mu mitima yanyu n'imiryango yanyu… n'abantu bose kw'isi. Ni mugire amahoro,'' ni ko Papa Leo XIV yatanguye avuga igihe haca haba agacerere muri ico kibanza ca Petero Mweranda.
Mu bindi bihe, ijambo ryiwe ryakiriwe n'amashi yaja arakomwa, na cane cane igihe papa mushasha yavuga izina ry'umuhisi Papa Francis.
Yanashimitse ko hakenewe ubumwe, hanyuma mu mpera aca asaba bose kwifatanya na we mu gisabisho.
Aho atanguriye kuvuga Mwaramutse Maria, ukwitabira kwaciye gusamirana, bamwe baririmba mu ndimi zabo.
Imbera gato umwotsi wabonetse mw'ifumbiro ry'isengero ya Sisitine, bigaragaza ko papa mushasha yari ahejeje gutorwa.

Ahavuye isanamu, Reuters
Donald Trump yakeje Papa mushasha – uwa mbere w'umunyamerika avuga ko ari ''iteka'' ku gihugu''.
Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yanditse ku rubuga rwiwe hwaniro Truth Social ati: ''Turakeje Kardinali Robert Francis Prevost, ahejeje kwitwa Papa.
''Ni iteka ku gihugu kubona abaye umunyamerika wa mbere abaye Papa. Mbega ivyishimo, mbega iteka ku gihugu cacu. Ndindiranye igishika guhura na Papa Leo XIV. Kizoba ari igihe gikomeye cane!''













