Wa mwicanyi ruhebwa wa Afrika y’Epfo yapfuye mu gihe abiciwe bari bakirondera ubutungane

Louis van Schoor yapfunzwe imyaka 12 inyuma yo kwagirwa n'icaha co kugandagura abantu indwi mu myaka ya 1980
Insiguro y'isanamu, Louis van Schoor yapfunzwe imyaka 12 inyuma yo kwagirwa n'icaha co kugandagura abantu indwi mu myaka ya 1980

Louis van Schoor, wa mwicanyi ruhebwa wo muri Afrika y’Epfo yari azwi nk’”umwicanyi wa Apartheid”, yapfuye.

Uno mugabo yapfiriye mu bitaro aho yariko yipfuza ukuguru. Umukobwa wiwe yabwiye BBC ko yapfuye ku wa kane inyuma y’umuhingamo “kubera ingwara ya septicémie/sepsis”.

Urupfu rwa Van Schoor rubaye ata ndwi irahera BBC ishize ahabona itohoza yakoze kuri kahise kiwe, ryashize ahabona ubwicanyi bw’agahomerabunwa yakoze mu mpera z’imyaka ya 1980 mu gihe c’imyaka ya nyuma y’intwaro y’inkehwa z’abazungu.

Mushiki w’umwe mu bahekuwe yabwiye BBC ko yizeye ko igipolisi kizosubira kwugurura izi manza kugira hakorwe amatohoza nubwo yapfuye.

Hari haciye ukwezi yinjijwe ibitaro vya East London, bimwe nyene abo yarasa batwarwamwo, biturutse ku ngwara yamufatiye mu gace kari gasigaye k’ukuguru kwiwe.

Umuntu yandura ingwara ya septicémie/sepsis iyo abasirikare b’umubiri bakoresheje inguvu z’umurengera mu guhangana n’ingwara yateye umubiri, maze igaca itangura gutera uturemangingo n’ibihimba vy’umubiri.

Umuryango wa Van Schoor uvuga ko kuva afashwe n’iyi ngwara ya septicémie/sepsis vyagiye vyanka, nubwo abaganga bakoze uko bashoboye.

Mu kiganiro ca nyuma yagiranye na BBC, Van Schoor yahakanye ko atari “umwicanyi yica yisubiriza” ariko kandi akaba yavuze ko aticuza, kandi ko ataco yiyagiriza ku vyo yakoze muri kahise.

Isa Jacobson, umunyamakuru yamaze imyaka 20 akora amatohoza kuri uru rubanza rwiwe, avuga ko ari nkenerwa ko abicanyi bo ku butegetsi bw’ivangura, apartheid, babandanya bakurikiranwa – igihe kitararengerana.

Ati: “Ndibaza ko tuzi bike cane ku bwicanyi bwabaye muri iki gihugu. Abantu bazi ukuri ku vyabaye bariko barapfa…uko tuzomara igihe kirekire turindiriye, niko bizogorana kumenya ukuri”.