Menya uno rurangiranwa mu gufotora yarwanije apartheid yaraye asezewe muri Afrika y'Epfo

Peter Magubane yari rurangiranwa mu gufata amasamu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Peter Magubane yatororokanije amasamu y'ihohoterwa ryabaye imyaka mirongo muri Afrika y'Epfo mu gihe ca apartheid

Peter Magubane, umunya-Afrika y'Epfo rurangiranwa mu gufata amasanamu akaba yagize uruhara mu kurwanya intwaro y'ivanguramoko (apartheid), yashimagijwe ku ruhara yagize mu rugamba rwo guharanira ubwigenge bwa Afrika y'Epfo inyuma y'urupfu rwiwe rwashitse ku wa mbere. Yari afise imyaka 91.

Magubane yafashe amasanamu mu bihe bikomeye vyaranze Afrika y'Epfo mu gihe co kurwanya apartheid, harimwo imyiyerekano yo muri Soweto mu 1976 aho amajana y'abanyeshuri b'abirabure bari bayigiyemwo bishwe.

Akazi ka Magubane katumye atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa apartheid, bituma atabwa mu mvuto, aja gufungirwa ahantu ha wenyene iminsi 586, anabuzwa gufotora mu kiringo c'imyaka 5.

Umushikiranganji wa Afrika y'Epfo ajejwe inkino, utugenegene n'imico kama, Zizi Kodwa, yashimagije Makubane "nk'uwafata amasanamu mwiza cane kandi nk'uwagwaniye ubwigenge, yatororokanije ata bwoba ivyaranze akarenganyo ka apartheid".

Kobwa yongeyeko ati: "Dr Magubane yakoresha igikoresho ciwe co gufotora nk'uburyo bwo kwanka akarenganyo, ntiyasubira inyuma mu kurwanya intwaro y'agahotoro".

Ihuriro ry'abanditsi bakuru bo muri Afrika y'Epfo (South African National Editors' Forum Sanef) ryavuze ko bazokwama bibuka cane ishaka rikomeye Magubane yari afise, ubukerebutsi n'uruhara ntangere mw'itangazamakuru.

Magubane niwe kandi yafata amasanamu y'uwahoze ari umukuru w'igihugu n'intwari yo kwibohoza, Nelson Mandela.