Umupasitori yitwaje umupanga yateye ishure muri Afrika y'Epfo, urusengero rwiwe ruca ruraturirwa

Pasitori Mboro - izina ryiwe ry'ukuri Paseka Motsoeneng - afise ibihumbi n'ibihumbi vy'abanywanyi muri Afrika y'Epfo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Pasitori Mboro - izina ryiwe ry'ukuri Paseka Motsoeneng - afise ibihumbi n'ibihumbi vy'abanywanyi muri Afrika y'Epfo
    • Umwanditsi, Wedaeli Chibelushi
    • Igikorwa, BBC News

Urusengero rw'umupasitori ateje impari muri Afrika y'Epfo rwaturiwe inyuma y'aho yagirijwe ko yateye ishure ry'intango yitwaje imipanga agakurayo abuzukuru biwe ku nguvu.

Urusengero Incredible Happenings Church rwa Pasitoiri Mboro rwaturiwe n'abana b'abanyeshure bari buzuye uburakari ejo ku wa kabiri, nk'uko amakuru ava aho hantu abivuga.

Umusi umwe imbere y'aha, videwo yazungurutse cane yasa n'iyerekana Pasitori Mboro - izina ryiwe ry'ukuri Paseka Motsoeneng - akiriza igipanga igihe yariko aterana amajambo n'abigisha b'ahitwa Katlehong, igisagara gito kiri hanze gato ya Johannesburg.

Ari kumwe n'umugabo afise ico igipolisi kivuga ko gisa n'inkoho.

Abategetsi b'intara bavuga ko aba bana babiri bafashwe amashusho bariko barakurwa mw'ishure hasanzwe hari impari kuri bo ku bijanye n'uwutegerezwa kubarera inyuma y'aho nyina wabo apfiriye.

Abantu batanu bahagaritswe kubera ivyabaye kuri iri shure, nk'uko igipolisi kibivuga.

Kivuga ko iyi videwo yerekana "ibikorwa vy'iterabwoba n'itoteza" hamwe n'abagabo "bakubagura abanyeshure n'abigisha".

Iyindi videwo yerekana urusengero rwa Pasitori Mboro rwubakishijwe ihema ruriko ruraka umwotsi mwinshi wirabura uduga hejuru.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abanyeshure bambaye umwambaro w'ishure baboneka biruka bava muri uru rusengero, rwanyazwe urukombamazi nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru News24.

Abategetsi mu karere ka Ekurhuleni, ahasanzwe hari uru rusengero, bacishije ubutumwa ku rubuga rwa X bavuga bati: "Hadutse uburakari butewe n'uko Mboro atahagaritswe kubera ivyabaye ejo, bituma iryo hema riturirwa".

Ubu butumwa buvuga ko Pasitori Mboro yahavuye ahagarikwa ejo ku wa kabiri mu gatondo, ariko igipolisi nticemeza nimba ari umwe mu bantu batanu bapfunzwe.

Pasitori Mboro ni umuntu yiyita umuhanuzi akaba afise abanywanyi ibihumbi n'ibihumbi muri Afrika y'Epfo.

Avuga ko akora ibitangaza nko gukiza abantu mu gihe c'ivugabutumwa kandi ko amaze gukura ifi mu nda y'umugore yibungenze.

Umushikiranganji wa Afrika y'Epfo ajejwe amashure Siviwe Gwarube yagize ico avuga kuri ibi bintu vyabereye kuri iri shure ry'intango, aho yanditse kuri X ati: "Ndababajwe cane n'iki gitero ku mashure yacu, abakozi n'abanyeshure.

"Nta muntu n'umwe - ni ukuri nta n'umwe - akwiye kwinjira mu mashure afise ibirwanisho akabuza kwigisha ni kwiga agatera ubwiba abana".

Igipolisi kivuga ko abo bahagritswe bagirizwa ivyaha nko kurwana, gutera ubwoba n'ubwononyi.