Afrika yasezeye ihiganwa mpuzamakunu ry’igikombe c'umupira w’amaguru rihuza imirwi y’abagore

Ibihugu vya Nijeriya na Kameruni vyari bisigaye mw'ihiganwa mpuzamakungu ry'igikombe c'umupira w'amaguru rihuza imirwi nserukirabihugu y'abagore vyasezeye iryo higanwa inyuma y'aho bitsindiwe mu gice c'umunani gishira ica nyuma.
Nijeriya yatsinzwe ibitsindo bitatu n'umurwi w'Ubudagi mu rukino rwahuje iyo mirwi ku munsi wa gatandatu, aho vyabonetse ko Nijeriya yarushijwe. Igitsindo ca mbere cinjijwe n'umukinyi Alexandra Popp ku munota wa 20 ku mupira wari uterewe mu mfuruka z'ikibuga.
Inyuma y'iminota itarenga itandatu, Nijeriya yari itsinzwe ica kabiri ku mupira waterewe ku metero 11, bivuye kw'ikosa umukinyi Evelyn Nwabuoku wa Nijeriya yakoreye umudagi Lina Magull muri ca gice ca mukorumbone, ikosa ryagiye kuboneka hakoreshejwe bwa buhinga bwa videwo bufasha umuhagarikizi (VAR).
Mu gice ca kabiri, Nijeriya yaragerageje kurondera gutsinda ariko biranka, niho ku munota wa 82 umukinyi Lea Schuller w'Ubudagi yatsinda igitsindo ca gatatu bivuye ku bakinyi b'inyuma ba Nijeriya bahanye umupira nabi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Eka na Kameruni ibintu ntivyoroshe, aho ubwo buhinga bwa VAR bwakoreshejwe mu kwemeza igitsindo ca kabiri c'Ubwongereza, ariko kandi bukoreshwa mu guhakana igitsindo ca Kameruni.
Inyuma y'aho umukinyi w'Ubwongereza Steph Houghton atsindiye igitsindo ca mbere ku munota wa 14, Kameruni yagerageje gusatira kugira ngo ikigombore, ariko biranka.
Ku munota wa nyuma w'igice ca mbere, umukinyi Ellen White yatsinze igitsindo ca kabiri c'Ubwongereza cagiye kwemezwa habanje gukoreshwa bwa buhinga bwa videwo, kuko cari cabanje guhakanwa yiketswe ko yari yaraririye.
Mu gice ca kabiri Kameruni yaje ifise ishaka ryo kurondera ibitsindo, mbere ku munota wa gatatu gusa w'igice ca kabiri, umukinyi Ajara Nchout yari yinjije igitsindo, ariko cagiye guhakanwa inyuma y'uko hakoreshejwe VAR bagasanga yari yaraririye.
Abakinyi ba Kameruni barerekanye agashavu kabo ku ngingo zagiye zifatwa n'umuhagarikizi, bakavuga ko barenganijwe, mbere bakaba barashatse no kwanka gukina incuro zibiri zose.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iyo nyifato ikaba itanezereje umumenyereza w'Ubwongereza, Phil Neville, avuga ko abakinyi biwe bigenjeje neza.
Mu rundi rukino, igihugu ca Brezili naco nyene caraye gisezeye iryo higanwa inyuma y'aho gitsindiwe n'Ubuifaransa ibitsindo bibiri kuri kimwe.
Rwari urukino rutari rworoshe kuko iminota 90 yose yagiye kurangira iyo mirwi inganije igitsindo kimwe kuri kimwe, bica biba ngombwa ko bongera ya minota 30.
Ku munota ugira 106, niho umukinyi Amandine Henri yadadanura ibintu, mu gutsinda igitsindo catumye Ubufaransa bubandanya iryo higanwa, Brezili nayo igasezererwa.
Mu nkino zitegekanijwe kuri uyu wa mbere, Espanye iza gutana mu mitwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, isaha cumi na zibiri (18h), Suwede nayo ihure na Kanada isaha zitatu z'ijoro, ni mu masaha y'Uburundi n'u Rwanda.










