Ihiganwa ry'umupira w'amaguru w'abagore kw'isi riratangura uyu munsi mu Bufaransa

Leta Zunze Ubumwe za Amerika nizo zatahukanye igikombe mw'ihiganwa riheruka ryo mu mwaka wa 2015 zitsinze Ubuyapani 5-2 mu rukino rwa nyuma

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Leta Zunze Ubumwe za Amerika nizo zatahukanye igikombe mw'ihiganwa riheruka mu 2015 zitsinze Ubuyapani 5-2 mu rukino rwa nyuma

Igihaganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru w'abagore kw'isi riratangura kuri uyu wa 07 z'uku kwezi kwa gatandatu mu gihugu c'Ubufaransa.

Rizomara ukwezi kwose, rikazorangira kw'igenekerezo rya 07 z'ukwezi kw'indwi.

Kameruni, Nijeria, na Afrika y'Epfo, nivyo vyaserukiye umugabane wa Afrika muri iryo higanwa rigiye guhuza ibihugu 24 biva mu migabane yose y'isi.

Umugabane w'Ubulayi niwo waserukiwe gusumba iyindi yose n'ibihugu icenda; Ubufaransa, Ubwongereza, Ubutaliyano, Ubudagi, Ubuholande, Suède, Ecosse, Norvège na Espanye.

Umugabane wa Amerika waserukiwe n'ibihugu vya Canada, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Argentine, Brezili, Shili, Jamaika.

Aziya nayo yaserukiwe n'Ubushinwa, Ubuyapani, Koreya y'Epfo hamwe na Tailande. Akarere ka Oceania kaserukiwe n'ibihugu vya Australia na Nouvelle-Zélande.

Amerika niyo isanzwe ifise igikombe inyuma y'aho utsindiye Ubuyapani mu rukino rwa nyuma mu mwaka wa 2015 kuri ya mipira itererwa ku metero 11 (penalties).

Amerika n'ubu iri mu bihabwa amahirwe menshi yo gutrwara iki gikombe, mu gihe imaze kugitahukana incuro zitatu, igakurikirwa n'Ubudagi incuro zibiri, Norvège n'Ubuyapani incuro imwe imwe.

Kameruni yatanguye kuja muri iryo higanwa mu mwaka wa 2015 aho ryabereye mu gihugu ca Canada.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kameruni yatanguye kuja muri iryo higanwa mu 2015 aho ryabereye mu gihugu ca Canada.

Kuva iryo higanwa ritanguye mu mwaka wa 1991, Nigeria niyo itigeze ihara na rimwe, ariko ikaba itarigera irenga igice ca kane gishira ica nyuma iheruka gukina mu mwaka wa 1999 itsindwa n'igihugu ca Brezili.

Mu mwaka wa 2015, Kameruni yageze mu gice c'umunani gishira ica nyuma itsindwa n'Ubushinwa igitsindo kimwe ku busa.

Muri iri higanwa ritangura uyu munsi, Nigeria iri mu murwi H kumwe n'ibihugu vy'Ubufaransa, Koreya y'Epfo na Norvège.

Afrika y'Epfo nayo iri mu murwi B n'ibihugu vy'Ubudagi, Ubushinwa, na Espanye. Naho Kameruni iri mu murwi E na Canada, Nouvelle-Zélande n'Ubuholande.