Kubera iki abagabo n'abagore batokinana umupira w'amaguru?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Stephanie Labbe ni umukinyi azwi cane mu mupira w'amaguru kubera ubuhinga bwiwe nk'umunyegori.
Urukino rwo ku munsi wa mbere aho Canada yatsinda Kameruni igitsindo kimwe ku busa mw'ihiganwa ry'abagore ry'igikombe c'umupira w'amaguru uno mwaka wa 2019 rwagize urwa 30 amaze adatsinzwe mu nkino 62 akiniye igihugu ca Canada, hafi igice c'inkino amaze gukinira igihugu ciwe, ibintu bidasanzwe.
Ariko izina rya Labbe ryaravuzwe cane mu bimenyeshamakuru aho mu mwaka wa 2018 agerageje kwinjira mu murwi w'abagabo witwa Calgary Foothills, mw'ihiganwa USL riri mu cicaro ca kabiri muri Canada.
Uyo munyegori yarashoboye kwinjira muri uwo murwi, aranakina mbere no mu rukino rwa kivandimwe imbere y'uko ihiganwa ritangura, kandi ntiyigeze atsindwa igitsindo, imbere y'uko abajejwe ihiganwa bamubuza, ku mvo z'uko ihiganwa USL "rigenewe igitsina kanaka".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Labbe, ubu afise imyaka 32 y'amavuko, niwe mukinyi wundi yinuba ikumirwa rishingiye ku gitsinda muri urwo rukino ku rwego rwo hejuru.
N'aho abarongoye umupira w'amaguru bashizeho imyaka ntarengwa ku mirwi y'urwaruka igizwe n'abahungu n'abakobwa bari hamwe, umwuga w'ugukina umupira w'amaguru uguma ari akarere ntagendwa.
Ibijanye n'ikumira
Mu 2004, ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, ryatangaje ko "hategerezwa kuba itandukaniro hagati y'umupira w'amaguru w'abagabo n'abagore". Aho hari inyuma y'aho umurwi Celaya wo mu cicaro ca kabiri c'ihiganwa ryo muri Mexique wankiwe gukinisha umukinyi w'umugore yitwa Maribel Dominguez.
Fifa yafuse ingingo yari yafashwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Mexique yaha uburenganzira Dominguez gukinira uwo murwi. Fifa yashimangiye ko ugutandukanya ibitsina ari ingingo ngenderwako mu mupira w'amaguru.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iryo shirahamwe ryavuze riti: "Amategeko y'amahiganwa yo hagati mu bihugu na mpuzamakungu arasigura neza amahiganwa ashingiye ku butandukane bw'ibitsina, kandi amategeko y'uwo mukino hamwe n'aya FIFA ntategekanya ko ivyo vyorengwako".
Ivyo kandi niko n'abantu babibona, aho bavuga ko abagabo n'abagore batandukanye ku kuntu baremwe n'ubushobozi bwabo.
Impinduka mu mikino ya olympique
Mu nkizo zimwe zimwe, haribonekezamwo ubudasa hagati y'abagabo n'abagore: icigwa cakozwe mu mwaka wa 2010 gitangazwa n'ikinyamakuru Journal of Sports Science Medicine cerekanye ibiranga abagabo n'abagore hisunzwe ibipimo bifatiye ku nkino za none za Olympique, aho casanze abagabo bashobora gusumvya abagore ku rugero rugera ku bice 40 kw'ijana.
Hanyuma kandi, n'inkino zihuriyemwo abagabo n'abagore ntizikunda kubaho mu "nkino zikomeye" kw'isi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikiriho, mu mikino ya Olympic y'ici, barashobora guhiganwa mu mikino y'ukwiruka n'indogobwe canke y'ukugendesha ubwato. Eka hariho n'imikino ihuza abagabo n'abagore bavanganye, nka za tennis na badminton.
Mu mwaka wa 2017, komite mpuzamakungu y'inkino za Olympiques (Comite International Olympique) yaratangaje ko mu nkino zizobera i Tokyo mu Buyapani mu mwaka wa 2020, hariho inkino zizohuriramwo bose nk'izo mu kwinonora imitsi, kwoga, kugendesha amakinga n'ukwiruka ahantu harehare.
Ariko rero abahinga bavuga ko mu rukino rw'umupira w'amaguru ata tandukaniro rinini cane riri hagati y'abagabo n'abagore.
Paul Bradley, umuhinga mu vy'inkino kw'ishure kaminuza rya John Moore mu gisagara ca Liverpool, yakoze ivyigwa vyinshi ku bagore bakina umupira w'amaguru, harimwo n'ico yakoze mu mwaka wa 2013 aho yagereranya ingene abagabo n'abagore bakinye mu mahiganwa yahuza imirwi yabo yabaye iya mbere i Bulaya.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bradley n'umurwi wiwe yasanze harimwo ubudasa bukomeye mu nkino zisaba inguvu nyinshi - cane cane nko mu bijanye n'ukwiruka imetero nkeya.
Ariko rero, ico cigwa casanze hariho n'abagore basumvya kure n'iyo abagabo. Uyo muhinga akaba yasanze muri rusangi abagore bagerageza kwinanata kugira ngo bashikire urugego abagabo bashitseko.
Bradley yabwiye BBC ati: "Bivanye n'amahinduka akomeye mu mahiganwa y'abagore mu myaka mike iheze, turiteze ko hazoba iterambere mu bijanye n'ubukomezi bw'imibiri yabo".
"Cane cane dufatiye ku kungene ukwinonora imitsi, ibijanye n'ubukomezi, imfungurwa n'ivy'abamenyereza vyateye imbere".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu cigwa ciwe co mu mwaka wa 2013, vyabonetse ko abagabo basumbije abagore ibice bitanu kw'ijana uburebure birutse mu nkino zose, na 30 kw'ijana mu nkino zisaba inguvu nyinshi.
Ukwiyumvira n'inguvu
Abakinyi b'imbaga nto, basa n'abafise amagara make kandi batiruka cane bamye batangaza abantu. Ku bihweza ibintu n'ibindi, ubu biraboneka neza ko ikibuga gikinirwako abagabo gishobora no gukinirwako n'abagore.
Marta yabaye umukinyi wa mbere w'umwaka kw'isi incuro zitandatu niwe yoba akarorero: mu kwezi kw'icumi na kabiri guheze, uyo mukinyi w'igihugu ca Brezili yamenyesheje ko yari yiteguye gukina mu murwi w'abagabo mu gihe yobisabwa.
Avuga ati: "Narakinanye n'abagabo incuro nyinshi bamwe muri bo ari barebare cane kandi bakomeye cane kunsumvya.
"Ndazi ko bashobora kuntera ubwoba kubera inguvu zabo mu kibuga ariko ndazi ingene nshobora kubazunguruka nkoresheje ubwenge bwanje".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Avuga ku vyamushikiye mu murwi Calgary Foothills, Stephanie Labbe yaremeye ko abagabo nka bose bamusumvya imbaga.
Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Nk'umunyegori, nibaza ko ari vyiza kuko uterwa imipira inyaruka, ikomeye, kandi umukino ugasanga uranyaruka".
Ariko, iyo abategetsi batavyisukamwo, yari kwakirwa muri uwo murwi.
Labbe yavuze ati: "Biragoye kwumva bakubwira ko udashobora gukina kubera ibituma birengeye ubushobozi bwawe".

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Si ikintu nshobora kugira ngo ndagiye muhira ndacicarire canke ndagihindure. Igitsina canje ni igitsina canje".
Federico Luzzi, umwigisha w'icigwa ca Philosophie kuri kaminuza ya Aberdeen (Ecosse) avuga ko ikumirwa rifatiye ku gitsina rya Fifa ari "akaga mu mukino w'umupira w'amaguru kataboneka".
Yanditse ati: "N'aho vyoba ari vyo ko ata mukinyi w'umupira w'umugore akomeye nk'umukinyi uwo ari we wese w'umugabo, si amashirahamwe ajejwe umupira w'amaguru yategerezwa kubuza imirwi y'abagabo gukinisha abagore ku mvo z'uko ata bushobozi bukwiye bafise".
Abashigikiye iryo kumirwa bavuga kandi ko ari "ryiza" ku bagore, ngo kubera ko hari ivyigwa vyerekana ko abakinyi b'umupira b'abagore bokwandura imvune gusumba abagabo kubera ingene baremwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ariko, Jean Williams, umwigisha wo kuri kaminuza ya Wolverhampton avuga ko kubona ibihugu vy'Ubwongereza, Ubuholande, Ubutaliyano n'Ubudagi vyarongereje umwanya abana b'abahungu n'abakobwa bakinira umupira hamwe bakiri bato bizotuma hashika aho iryo kumirwa ritazoba rifise ikibanza.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Avuga ati: "Inkino z'umupira zihuriyemwo bose bizotuma biboneka ko abagabo n'abagore bashobora gukinira hamwe. Bizogorana muri kazoza ko abantu bihanganira ikumirwa".
"Turashobora kubona abagore benshi biyamiriza ikumirwa mu mupira w'amaguru. Ibintu vyinshi bizohinduka mu myaka cumi iri imbere".










