Ukraine: Ivyaha 21.000 vyo mu ntambara biriko bigirwako amatohoza - Umushikirizamanza

Ahavuye isanamu, Reuters
Ukraine ivuga ko iriko iragira amatohoza ku vyaha bishobora kuba ari ivyo mu ntambara n'ivyo kuvogerwa vyakozwe n'Uburusiya kuva ico gihugu gitewe.
Umushikirizamanza mukuru Iryna Venediktova yabwiye BBC ko yaronse ivyegeranyo biri hagati y'ivyaha vyo mu ntambara 200 na 300 ku musi umwe.
Aremeza ko nyinshi muri izo manza zishobora kuzocibwa abagirizwa batahari, ariko amenyesha ko ari "ikibazo c'ubutungane" kubandanya guca izo manza.
Uburusiya bwateye Ukraine itariki 24 z'ukwezi kwa kabisi. Burahakana ivyaha vyose vyo mu ntambara bwagirizwa.
Avugana na BBC, Venediktova yagabishije abasirikare b'Uburusiya bishe, bagasinzikariza ubuzima abantu canke bagafata ku nguvu abasivile ko "bategerezwa kumenya ko ari ikibazo c'umwanya gusa kugira bose bashikirizwe ubutungane".
Yavuze ko n'aho umugwi arongoye uriko urakorera mu turere twose muri Ukraine, utashoboye kugira amatohoza ku vyaha vyose "neza kandi ata nzitizi" kubera kudashobora gushikira abantu bamwe bamwe n'uturere. Aha bigaragara ko yashaka kuvuga uturere twigaruriwe n'ingabo z'Uburusiya.
Mu kwezi kwa gatanu, Venediktova yavuze ko abantu bakekwako ivyaha 600 bamaze kumenyekana kandi ko imanza 80 zimaze gutangura.
Umusirikare wa mbere w'Umurusiya yaciriwe urubanza muri Ukraine ni Sgt Vadim Shishimarin, yaciriwe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose yagirizwa kwica umusivile mu kwezi kwa gatanu.
Ukraine ivuga ko imaze gutahura ibindi bibanza vyatawemwo abantu ikivunga i Bucha, Borodyanka hamwe no mu bindi bisagara vyegereye umugwa mukuru Kyiv hari higaruriwe n'ingabo z'Uburusiya umwanya muto.
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yavuze ko Ukraine ari "ikibanza c'ubwicanyi", inarungikayo igitigiri kinini c'abafasha mu matohoza kitari bwaboneke muri ico gihugu, gufasha.
Uburusiya bwagumye buhakana ko budatera abasivile.
Ku rubuga rw'intambara, abasirikare ba Ukraine bavuga ko ingabo z'Uburusiya ziriko zirategura ibitero ku karere ko mu buseruko ka Donetsk, mu gutera ibibombe ku bisagara vyinshi.
Uburusiya bwarigaruriye akarere ka Luhansk nka kose mu mpera z'indwi iheze, nk'imwe ntumbero yo kugerageza kwigarurira akarere ka Donbas kose.
Mu nkuru zishasha, igisirikare ca Ukraine kivuga ko ingabo zaco ziriko ziraterwa cane ariko ko gushika ubu bashoboye kuzihagarika.
Ababa i Slovyansk, igisagara nkenerwa kiri mu minwe ya Ukraine, basabwe kukivamwo bahungire mu burengero - umusi umwe inyuma y'igitero c'Uburusiya kw'isoko cahitanye abantu benshi.
Hagati aho, prezida wa Ukriane Volodymyr Zelensky, yavuze ati "ibigwanisho birasa kure vya bagenzi bacu b'i Buraya vyatanguye gukora n'inguvu, igitigiri c'abaduteye bahasiga ubuzima kizokwiyongera".










