Ukraine nayo yahavuye yemeza ko Lysychansk yafashwe n’ingabo za Russia

Intambara zatumye haduka umuriro ku ruganda rw'igitoro hafi ya Lysychansk

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Intambara zatumye haduka umuriro ku ruganda rw'igitoro hafi ya Lysychansk

Igisirikare ca Ukraine cahavuye cemeza ko igisagara ca Lysychansk kiri mu buseruko cafashwe n’ingabo z’Uburusiya.

Ibiro bikuru vy’igisirikare ca Ukraine vyatangaje biti: "Inyuma y’intambara zikomeye i Lysychansk, vyabaye ngombwa ko ingabo za Ukraine ziva ku birindiro vyazo”.

Imbere y’aha, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya Sergei Shoigu yari yamaze gutangaza ko ingabo ziwe zafashe Lysychansk kandi ko ubu zigaruriye intara yose ya Luhansk.

Ingabo za Ukraine zahavuye zirengerwa.

Ibiro bikuru vy’igisirikare bivuga ko "mu ntumbero yo kuzigama ubuzima bw’abarwanira Ukraine, hafashwe ingingo yo kuzivanayo”.

Bivuga ko Abarusiya babarushije inguvu mu nzira nyinshi harimwo ibirwanisho vya rutura, indege, abasirikare n’ibindi.

Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko ingabo za Ukraine zizotegerezwa gusubira muri Lysychansk kubera ubuhinga bwazo “n’ibindi birwanisho vya none biriko birongerezwa”.

Imbere y’aha, umukuru wa Repubulika ya Chechnya/ Tchétchénie, Ramzan Kadyrov, yari yasohoye ireresi isa n’iyerekana abarwanyi ba Chechnya bari hagati mu gisagara ca Lysychansk.

Hirya mu burengero, igisagara ca Slovyansk kiri mu minwe ya Ukraine cacucagiwe amabombe, aho abantu n’imiburiburi batandatu bahasize ubuzima.

Intara ya Donetsk, iri kumwe na Luhansk, igize akarere kagizwe n’amahinguriro ya Donbas.

Imbere gato y’uko atanguza intambara, Perezida Vladimir Putin yemeje Luhansk na Donetsk k’intara zigenga ziyonkoye kuri Ukraine. Ingabo zishigikiwe n’Uburusiya zatanguje intambara mu 2014.

Haraciye indwi irenga ingabo z’Uburusiya zigaruriye Severodonetsk, igisagara cacitse umunyota inyuma y’amayinga atari make camaze giterwa amabombe n’Uburusiya.

Slovyansk na Kramatorsk ni vyo bisagara bibiri mu ntara ya Donetsk bikiri mu minwe y’ingabo za Ukraine.

Aho Uburusiya bumaze kwigarurira

Ibibombe vyacucagiwe i Slovyansk ejo ku wa Mungu vyatumye haduka imiriro mu duce 15, nk’uko umukuru Vadym Lyakh abivuga, mbere videwo yerekana imyotsi myinshi hejuru y’ico gisagara. Avuga ko ari co gitero c’amabombe gikomeye giheruka.

Amashusho yacishijwe ku rubuga rwa Twitter yerekana ibiturika bikomeye biboneka kure - i Slovyansk nk’uko indondasanamu ibisigura. Yacishijweko na Iuliia Mendel yahoze ari umuvugizi wa Perezida Zelensky.

BBC ntiyashoboye guhinyuza ingene ibintu bimeze i Slovyansk.