Intambara ya Ukraine: kubera iki Russia vyanse ko igumana izinga Snake Island?

Uburusiya buvuga ko bwavuye kuri iri zinga kubera agatima keza ariko Ukraine yoyo ivuga ko yirukanye ingabo zabwo

Ahavuye isanamu, PLANET LABS PBC

Insiguro y'isanamu, Uburusiya buvuga ko bwavuye kuri iri zinga kubera agatima keza ariko Ukraine yoyo ivuga ko yirukanye ingabo zabwo

Ukraine irishimira intsinzi ikomeye inyuma y’aho Uburusiya bukuriye ingabo zabwo mw’izinga ryitwa Snake Island (Izinga ry’Inzoka), zari zigaruriye ku musi wa mbere nyene zitangura igitero.

Rishobora kuba ari akantu gato, ariko iri zinga ry’urutare rifise uruhara rukomeye muri ino ntambara y’Uburusiya muri Ukraine – aha wokwibuka inkuru y’ingabo za Ukraine kuri rino zinga zibwira n’agasuzuguro ubwato bw’intambara bw’Uburusiya ngo “vaho” – igihe bwazisaba kwishikana.

Ubu, inyuma y’amezi arenga ane Ukraine itera amabombe y’urutavanako, ingabo z’Uburusiya zahevye iri zinga Snake Island, rizwi nk’izinga rya Zmiinyi muri Ukraine.

Iri zinga ry’urutare riri ku birometero 35 uvuye ku nkengera y’inyanja muri Ukraine – intera ntoya ishobora gushikirwa n’ibisasu vya misire, vya muzinga n’ibitero vya za ndege zitagira abadereva (drones) bivuye ku butaka. Ingabo za Ukraine niko zakora, ibitero bikomeye kuri iri zinga hamwe no ku bwato ubwo ari bwo bwose buhirahiriye ngo bwegere.

Uburusiya bwobwo buvuga ko bwavuye kuri ico kirindiro “ku gatima keza” kugira ngo bwerekane ko ata ntumbero bufise yo kuzibira ishorwa ry’intete, ariko Ukraine yoyo iriyamiriza ibi, na rirya Moscou ibandanya icucagira ibisasu ububiko bw’intete.

Iri zinga Snake Island ni akarere kari ahantu ngirakamaro, hakaba hari haciye amezi atari make harangwa intambara.

Iri zinga ry’urutare rito cane riri mu buraruko bushira uburengero bw’Inyanja Yirabura (Mer Noire/Black Sea) ryari ryafashwe n’Uburusiya ku musi wa mbere w’igitero cabwo kuri Ukraine, kandi ryagize uruhara rudasanzwe muri ino ntambra kuva ico gihe.

Kubera iki vyanse ko Uburusiya bugumya iri zinga?

Iri zinga riroroshe guterwa uciye ku mpande zose, mu kirere no mu mazi, mu gihe ikirindiro gito cari kiricungereye – ubwa mbere cari ic’abanya-Ukraine hanyuma ic’Abarusiya – abahinga ba gisirikare bakaba barifata nk’akarere kirebanga, kadashobora gukingirwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kwa kane, inguvu z’Uburusiya zo kwivuna ibitero vy’indege mu buraruko bushira uburengero bw’inyanja Yirabura zaragabanutse cane igihe bwa bwato bw’intambara Moskva butwarwa.

Kremlin yagumye igerageza kuraba ingene yogarukana ibirwanisho vyo guhangana n’ibitero vy’indege n’ibindi vyo kurwana intambara za elektroniki kuri iri zinga. Ariko vyabaye ivy’ubusa ku Burusiya, kuricungera biranka kubera ryari kure y’ibirindiro bikuru bikuru vyo mu Nyanja yirabura.

Mu bitero vyose vyayo, Ukraine nta mato menshi ifise, ari co gituma itashoboye gutwara ingabo zayo kuri iri zinga.

Umuhinga wa gisirikare w’umunya-Ukraine Oleh Zhdanov avuga ko gushinga ikirindiro c’ingabo kuri iri zinga ataco bimaze ku mpande zompi kuko vyoroshe guterwa. Zhdanov abona ko ahubwo igikenewe ari ukugira ubushobozi bwo gutera ikintu ico ri co cose cokwegera iri zinga.

Ibi bishobora guha ubushobozi Ukraine bwo gukingira ikivuko cayo kinini gusumba ibindi vyose ku Nyanja Yirabura, hamwe no mu gace kose k’uburaruko bushira uburengero bw’inyanja Yirabura.

Urutare ngirakamaro

Snake Island

Uburusiya ubu buragenzura akarere katari gato ka Ukraine ku nkengera y’Inyanja Yirabura, hamwe n’ikigwa ca Crimea be n’inyanja yose ya Azov. Mu kwigarurira iri zinga vyatumye Odesa yugaranwa burundu, ibisigura ko bitashoboka ko Ukraine ishora intete zayo hanze.

Vyasigura kandi ko inkengera y’Inyanja Yirabura yashobora guterwa, abahinga ba gisirikare i Kyiv bakaba berekanye ubwoba bari bafise ko Uburusiya bushobora kuhashinga ikirindiro c’ibirwanisho birasa kure, nk’ibitera za misire zo mu bwoko bwa S-400.

Uravye kw’isanamu, biboneka kandi ko Uburusiya kwigarurira iri zinga vyari bibangamiye umutekano wa Roumanie, umunywanyi wa OTAN/NATO – haba ku kivuko cayo ca Constanta canke mu ngendo zo mu mazi y’uruzi Danube.

Uretse ko iri zinga riri ahantu hakomeye cane, ni akarere gatunze igitoro hamwe na gaze.

Rishobora gutuma ibintu bihinduka?

Iyi si intsinzi ikomeye kuri Ukraine, ariko ni intambwe ikomeye. Ku Burusiya, ni uruhombo ku rugamba rwabwo kandi ni ugutsindwa mu buryo buteye isoni.

Ariko ibi ntibishobora gutuma intambara ihindura isura. Uburusiya ubu burajwe ishinga no kwigarurira akarere kose ka Donbas kari mu buseruko bwa Ukraine be no kugumana uturere bwigaruriye igihe butangura intambara.

Izinga Snake Island rishobora kuba ari ikibanza gikomye cane mu Nyanja yirabura kandi hakaba n’ahantu heza ho gushinga ibirwanisho bikomeye birasa ibisasu vya misire, ariko ni akarere gato cane k’urutare.

N’aho Abarusiya bahirukanywe, ikibazo nyamukuru ni ukumenya nimba Ukraine ishobora gusubira gushora intete hanze kugira ngo inagure ubutunzi bwayo bwishwe n’intambara. Ata mato afise ubushobozi ifise, hari igihamana gito, na rirya amato y’intambara y’Uburusiya ari yo yiganje mu Nyanja Yirabura.

Andrew Wilson, umwigisha kw’ishure kaminuza rya Londres ku bijanye n’ibibazo vya Ukraine, avuga ati: "Mu bisanzwe hari ibintu cumi bikenewe kugira ngo ushobore gushora hanze izi ntete ata ngorane, hamaze kuba iki kimwe gusa”.

Ukraine yamiriye kure ibisabwa n’Uburusiya ko bwoherekeza amato y’intete avuye i Odesa kuko bisaba ko ibisasu vya mine hanze y’ikivuko bibanza gutegurwa.

Turukiya iriko irakora uko ishoboye mu guhuza impande zompi kugira bashike ku masezerano ariko ibi bisa n’ibikiri kure nk’ukwezi.

Indwi nkeya ziri imbere zifatwa ko ari ikiringo gikomeye cane ku rudandazwa rwo hanze rwa Ukraine – kubera isarura ryimirije ritangura muri kuno kw’indwi.