IKIBIRIRAHO, Israel yagabye ibitero bishya kuri Iran mu gihe Amerika yatangaje imyirondoro y'abasirikare bayo ba mbere bishwe

Israel iravuga ko irimo kugaba ibitero bishya muri Iran, nyuma y'uko icyo gihugu gitangaje ko cyagabye ibitero ku "kigo cy'ubuyobozi" cya Iran ku wa kabiri.

Amakuru y'ikibiriraho

Chancard Abimana, Samba Cyuzuzo & Dinah Gahamanyi

  1. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.

  2. Ibiro vya CIA muri Arabie Saoudite vyatewe na 'drone' bikekwa ko ari iya Iran

    Inyubako y'uwuserukira Amerika i Riyadh, iruhande rwayo hari ibiti

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ambasade ya Amerika i Riyadh

    Ibiro vy'ikigo c'igendereza c'Amerika (CIA) muri Arabie Saoudite ku musi wa mbere vyatewe n'indege itajamo umudereva (drone) bikekwa ko ari iya Irani, nk'uko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ribivuga, risubiramo ivyo ryabwiwe n'umuntu ubizi.

    Uwo muntu yabwiye Reuters ko ata kimenyetso cerekana ko ivyo biro ari vyo vyari bigenderewe.

    CIA yanze kugira ico ibitangazako.

    Ubuserukizi (ambasade) bwa Amerika, buri mu murwa mukuru Riyadh wa Arabie Saoudite, ni bumwe mu bigo vya Amerika bimaze kuraswaho muri iyi ntambara y'Amerika-Israel na Irani.

    Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Arabie Saoudite bwatangaje ko iyo ambasade yarashweho na 'drone' zibiri, biteza umuriro muke n'ibikoresho bimwe birononekara.

    Mu nyuma, ambasade ya Amerika muri Arabie Saoudite yahavuye iburira Abanyamerika kwirinda kuja kuri iyo ambasade kugeza hatanzwe ayandi mabwiriza "kubera igitero" kuri iyo ambasade.

    Ku wa kabiri, iyo ambasade yahagaritse ibikorwa bisanzwe n'ivyihutirwa ku Banyamerika bari bafise gahunda yo kujayo.

    Ayandi makuru: