Ukraine: Putin yategetse ingabo kubandanya zisatira inyuma yo gufata Lysychansk

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yategetse umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi kubandanya basatira Ukraine inyuma y’aho ingabo z’ico gihugu zigaruriye igisagara ca Lysychansk.
Perezida Putin yerekanywe ku mboneshakure y’Uburusiya atera akamo ingabo ziri hakurya kubandanya intumbero yazo nk’uko biri “mu nteguro zamaze kwemezwa”.
Ifatwa rya Lysychansk risigura ko ubu intara ya Luhansk yose iri mu minwe y’Uburusiya.
Mu ntango buramatari w’umunya-Ukraine yavuze ko iki gisagara bakivuyemwo kugira ngo Abarusiya ntibagisambure bibereye kure.
Abasirikare ubu bagiye ku bindi birindiro bishasha vyakomejwe, nk’uko buramatari Serhiy Haidai yabibwiye BBC.
Avuga ko guhebera Abarusiya iki gisagara n’intara ya Luhansk cabaye ikintu kibabaje, ariko akongerako ati: “Iyi ni intambara imwe gusa dutakaje, nti dutakaje urugamba”.
Yasavye ibindi birwanisho biva mu Burengero kugira ngo bashobore guhangana n’inguvu z’Uburusiya.
Perezida Volodymyr Zelensky arizeza ko ingabo za Ukraine zizosubirayo kugira zisubize Lysychansk "kubera ibirwanisho bigezweho biriko birongerezwa”.
Uburusiya bwarongereje inguvu mu bitero vy’amabombe mu bisagara vyegereye akarere ka Donbas, aho uduce turi mu micungararo ya Sloviansk n’ibarabara riri hagati ya Lysychansk na Bakhmut ari two twiziziwe, nk’uko ingabo za Ukraine zibivuga.
Intara za Donetsk na Luhansk zose hamwe nizo zigize akarere k’amahinguriro ka Donbas.
Perezida Putin yabonetse abwira umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergei Shoigu ko ingabo zagize uruhara mw’ifatwa rya Luhansk zikwiye “kuruhuka kugira ngo zitegurire urundi rugamba”.
Avuga ati: "Iyindi mirwi y’ingabo, harimwo umurwi wo mu Buseruko n’umurwi wo mu Burengero, itegerezwa kurangura imirimo yayo hakurikijwe integuro zamaze kwemezwa”.
Yizeye kandi ko no kuri izo mpande zindi bazoshika ku ntambwe nk’iyatewe mu ntara ya Luhansk.

Imbere gato y’uko atanguza igitero kuri Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2), Putin yari yemeje Luhansk na Donetsk nk’ibihugu vyigenga. Inyeshamba zegamiye Uburusiya zatanguje intambara muri ako karere mu 2014 - umwaka nyene Uburusiya bwigarurira akarere ka Crimea.
Haraciye indwi irenga ingabo z’Uburusiya zigaruriye Severodonetsk – igisagara cabaye umunyota kubera ibibombe vy’Uburusiya.
Avuga ku ngingo yo kuva muri Lysychansk, Haidai yavuze ati: "Igisirikare cacu kiba caragumije iki gisagara igihe kirekire, ariko ingabo z’Uburusiya ubu zifise amahirwe menshi ku birwanisho vya rutura n’amasasu. Zari gusambura iki gisagara zibereye kure, rero ntaco vyari bimaze kugumayo”.
Haidai avuga ko ubu ingabo zimukiye ku birindiro biri mu ntara ya Donetsk ihana urubibe na Luhansk, ariko ko abantu 10.000 bakiri muri iki gisagara.










