Ukraine: Isoko ya Slovyansk yahiye bivuye ku mabombe yatewe n'Abarusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
Amabombe yatewe n'Uburusiya yaturiye isoko rikuru ryo mu gisagara ca Slovyansk kiri mu buseruko bwa Ukraine, abantu babiri bakaba bapfuye abandi indwi nabo barakomereka, nk’uko abategetsi babivuga.
Umukuru w'intara ya Donetsk Pavlo Kyrylenko avuga ati: "Iri ni iterabwoba ryeruye!"
Umukuru w’igisagara Vadym Lyakh avuga ko Slovyansk yatewe vya muzinga bikomeye vyaterewe ku birindiro vya hafi, mu gihe yabaye urubuga rw’intambara.
Yashize ku rubuga rwa Facebook amasanamu y’umuriro wadutse muri iyo soko ejo ku wa kabiri, avuga ko yatewe ibibombe, anasaba abanyagihugu kuguma mu mazu.
Uburusiya buriko burarondera kwigarurira akarere kose ka Donbas karangwamwo amahinguriro.
Aka karere kagizwe n’intara zibiri, Luhansk na Donetsk. Inyuma y’uko yemeye uturere turi mu minwe y’inyeshamba nk’ibihugu vyigenga, Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin yaciye ategeka igitero kuri Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2).

Ahavuye isanamu, AFP
Mu ndwi iheze, igisirikare ca Ukraine cavuze ko ko vyabaye ngombwa ko kiva mu gisagara ca Lysychansk, ikirindiro ca nyuma cari gisigaye muri Luhansk, cagumye gicucagirwa amabombe y’urutavanako.
Kivuga ko ingabo zaco ziriko ziratsimbataza ibirindiro vyazo kugira ngo zirwanire uturere gifise mu minwe muri Donetsk, harimwo Slovyansk.
Ejo ku wa kabiri, umukuru w’intara ya Luhansk, Serhiy Haidai, yavuze ko "intambara zikomeye zibandanya ku nkengera z’intara ya Luhansk hafi ya Lysychansk".
Avuga ati: "Umwansi yagomoye ingabo nyinshi". Yongerako y’uko Uburusiya buriko bugerageza kujabutsa uruzi ingabo zabwo mu kwubaka ibibaro bireremba.
Haidai avuga ko Abarusiya "bariko barahatakariza cane".
BBC ntirashobora guhinyuza ivy’ibi bitero vya vuba.










