Intambara ya Ukraine: Uburusiya butumbereye 'gusambura' Donbas - Zelensky

Ahavuye isanamu, UKRAINIAN PRESIDENTIAL PRESS SERVICE
Umuhanuzi wa prezida wa Ukraine wo mu rwego rwo hejuru avuga ko intambara ibera mu bisagara vyo mu buseruko vya Severodonetsk na Lysychansk iteye "ku ndunduro".
Oleksiy Arestovych yavuze ko ingabo z'Uburusiya zishobora ubu vuba kuzunguruka ivyo bisagara bibiri vy'amahasa, zivyonkore kuri Ukraine.
Yagize ati: "Amayeri y'Uburusiya ariko arashika ku ntsinzi, ariko ntibarabishikako."
Ivyo abivuze mu gihe prezida Volodymyr Zelensky yagirije Uburusiya kugerageza "gusambura" akarere ka Donbas.
Muri video yasohoye mw'ijoro Volodymyr Zelensky yavuze ati:v" Hari ibitero vyinshi vy'indege na vya muzinga muri Donbas. Intumbero y'abaduteye ntiyahindutse, bashaka, buke buke, gusambura akarere ka Donbas."
Yongeye gutera akamo abategetsi ba Buraya kunyarutsa guha ibigwanisho vya rutura ingabo ziwe.
Yagize ati: "Turasubiye gusubiramwo gusaba kunyarutsa kuturungika ibigwanisho muri Ukraine. Igikenewe n'ukunganya inguvu ku rubuga rw'intambara kugira duhagarike abo bicanyi no kubasubiza inyuma y'imbibe za Ukraine."

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu makuru yo ku musi ku musi, ubushikiranganji bw'Ubwongereza bwo kwivuna abansi buvuga ko ingabo z'Uburusiya zimaze kwigira imbere ibirometero 5 uja mu bumanuko mu micungararo ya Lysychansk muri iyi ndwi.
Abategetsi ba UK bavuga bati: "Bamwe mu basirikare ba Ukraine baravuyeyo, nkeka batinya ko babazunguruka. Kuba abarusiya bamaze gutera intambwe muri ako karere n'ukubera ukwiyongera kw'ingabo muri ako karere hamwe no kukarasa cane."
Ku musi wa gatatu, Haidai yavuze ko ibitero vy'Uburusiya "vyasambuye cane inyubakwa n'amazu" i Lysychansk.
Yongeyeko ko Severodonetsk na yo nyene iraswa "buri musi", n'aho ingabo z'Uburusiya zamaze gufata igice kinini c'ico gisagara. Abasivile amajana n'amajana bagoswe n'iyo ntambara, mu gihe benshi bariko bararondera ubuhungiro mw'izine ya Azot.
Mu tundi turere, Uburusiya bwasubiriye kugira ibitero ku gisagara kigira kabiri ca Ukraine, Khakiv, ku musi wa gatatu mu gitondo.
Abasivile benshi bari batanguye kugaruka muri ico gisagara inyuma y'aho ingabo z'Uburusiya zisubirijwe inyuma, ariko ubu ubwoba buriko burongerekana ko Uburusiya bushobora kuba buriko burategura ibindi bitero bishasha muri ako karere.
Hagati aho, Uburusiya bwagiriza Ukraine gukoresha indege zitagira umudereva mu kugira ibitero kw'ihinguriro ry'ibitoro ryo mu karere ka Rostov, kegereye urubibe rwa Ukraine.













