Ibintu bitanu umuntu yokura mw’ijambo ryashikirijwe na Trump mw’ikoraniro kaminuza
- Umwanditsi, Mike Wendling
- Igikorwa, Kw'ikoraniro kaminuza ry'Abarepubulika i Milwaukee
Inyuma y’amayinga yaranzwe n’icuka kibi cibonekeje muri poritike ya Amerika, Donald Trump yatanze ubutumwa bukomeye bw’ubumwe, mw’ijambo ryo kwemera igenwa ryiwe kugira ngo aserukire umugambwe w’Abarepubulika ku ncuro ya gatatu mw’ijoro ryakeye.
Inyuma y’ibirori bikomeye vyo kumwakira mu buryo buteye igomwe, uno yahoze arongoye Amerika yaboneka atekanye igihe yashikiriza ijambo – kenshi adasoma n’ivyanditse – abanywanyi b’umugambwe w’Abarepubulika ryamaze iminota irenga 90.
Yasiguriye isinzi ryari rimuteze amatwi mu buryo buramvuye ibijanye n’ivyo guhakwa kugandagurwa kwiwe, avuga ko Imana ari yo yahamukuye.
Ariko nubwo yashimangira ku butumwa bwiwe bw’ubumwe bw’igihugu ntiyashobora kwirengagiza ugushinyaguriza abategetsi b’umugambwe w’Aba-Democrates.
Ng’ibi bitanu nyamukuru umuntu yokuramwo:
'Amaraso menshi' - Trump avuga ku kungene yahatswe kugandagurwa
Trump yatanguye ijambo ryiwe avuga ivyamubayeko mu gitero co ku wa gatandatu.
Yabwiye izi ntumwa z’Abarepubulika ati: "Nk’uko musanzwe mubizi, uru rusasu rw’urya mwicanyi habuze akantu gato cane ngo rumpitane”.
Avuga ko yakijijwe n’uko yari ahindukije umutwe gatoya araba ikarata yerekana ibijanye n’abimukira.
"Kugira ngo mbone iyo karata, natanguye – nk’uku – mpindukira i ubryo, kandi nagomba mpindukire cane, ku gihamana ciza ntavyo nagize, niho naza numva ikintu caje gihurira cane nza numva kirankubise, cane koko, ku gutwi kwanje kw’I buryo.
"Niho nibaza nti 'ico ni igiki – nta kindi atari urusasu'".
Trump avuga ko ingabo z’igisata zijejwe gucungera abategetsi n’abahoze ari abategetsi baciye bamushwarako babaye “intwari zikomeye”.
Ati: "Mpagaze ng’aha imbere yanyu muri iyi ngoro ku bw’Imana yonyene. Abantu benshi bavuga ko cari igihe Imana yashaka kwiyerekana. Kumbure ni uko nyene”.
Yashimiye isinzi ryari rikoraniye mu myiyamamazo i Butler mu ntara ya Pennsylvania ko batacitse ivutu ngo bateze akajagari.
Ati: "Ntibashatse kunta jenyene, kandi urashobora kubona uru rukundo rwanditse mu maso yabo bose”.
Yavuze rimwe gusa Joe Biden
Nubwo ijambo ryiwe ryarimwo amajambo akomeye yo kunegura ingingo za Joe Biden mu bisata bitandukanye, Trump yamuvuzemwo rimwe gusa, avuga ko ari mu bategetsi babi cane batwaye ico gihugu kuva muri kahise, nk’uko akunze kubivuga kenshi mu myiyamamazo yiwe.
Ati: "Ubwononyi yakoreye iki gihugu buragoye gutahura, n’ukuri buragoye gutahura”.
Ibijanye n’ukwiyamamaza kwa Biden ntibiratomoka neza. Ku wa gatatu, yatowe Covid -19 ubu akaba arwariye muriha iwe i Delaware.
Biden ararahira akarengwa ko atarota ava mw’ihiganwa, nubwo hari amakuru y’uko abanyaporitike bakuru bakuru mu mugambwe w’aba-Dempocrats harimwo Barack Obama, ubu bafise impungenge ku ngingo yiwe, mbere n’igitigiri c’abashingamateka n’abakenguzamateka bamusaba gukinjura hagatorwa uwundi kigenda ciyongera.
Amajambo atari yo no gushikuza
Trump yavuze ko azokwubaka igice gisigaye c’uruzitiro rwo ku rubibe rwo mu bumanuko, “hafi rwose nsa n’uwahejeje kurwubaka”. Ibi si vyo, kuko mu kiringo ca mbere c’ubutegetsi bwiwe hubatswe ibirometero bidashika 800.
Aravuga kandi ko ifaranga ryataye agaciro ibiciro navyo bikaduga, mu kuvuga ko "ibiciro vy’imfungurwa vyaduze gushika kuri 50%, igitoro kuva kuri 60 gushika ku 70%, ibiciro vy’ingwati ku ngurane navyo bikikuba incuro kane”.
Ikibazo c’iduga ry’ibiciro ni ikibazo gikomeye ku Banyamerika batora, ariko kuva Biden ashitse ku butegetsi muri Nzero (1) 2021, ibiciro vyaduze kugeza kuri 20%.
Trump yavuze kandi incuro nyinshi ivyo yama avuga bitagira ishingiro ko ubusuma bw’amatora my 2020 bwatumye atakaza ikiringo ciwe kigira kabiri.
Umuryango wa Trump

Ahavuye isanamu, Reuters
Iri koraniro ryarangijwe nk’uko bisanzwe umuryango wiyegeranije ukaduga hejuru kugira bawubone. Ariko ku bari kumwe na Trump si ibirori gusa. Ubu baboneka nk'abagera bakageranura ububasha mu mugambwe w'Abarepubulika, aho bahakwa kuzoba nk'umuryango utanga umwami.
Abahungu ba Trump, Eric na Don Jr, bahawe umwanya ukomeye w’ijambo, kandi nka Don Jr avugwa ko yagize uruhara rudasanzwe mw’igenwa ry’icegera ca se wiwe.
Imbere y’aha muri ino ndwi nyene, umugore wa Eric, Lara Trump, yarafashe iya mbere. Nk’umwe mu barongoye komite nkuru y’umugambwe w’Abarepubulika, azogira uruhara rudasanzwe mu myiyamamazo y’amatora.
Iri koraniro kandi ryumvise abanyamuryango batazwi cane, nk’umwuzukuru wiwe, Kai Trump, akunda cane gukina golf. Ku myaka 17, ntazoshobora gutora muri Munyonyo.
Abandi bo mu muryango wa Trump ntibari bakunze kwiyerekana. Melania Trump ntiyari akunze kwiyerekana, akaba yagiye kuboneka muri iri joro, gusa ntiyafashe ijambo nk’uko abagore b’abitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu ca Amerika basanzwe babigira mu bihe nk’ibi.
Eka n’umukobwa wa Trump Ivanka - ari kumwe n’umugabo wiwe Jared Kushner – yitavye iri koraniro rimwe gusa, kuri uno musi. Nk’uwigeze kuba umuhanuzi wa hafi cane wa se wiwe, yavuye muri poritike igihe se wiwe ava muri Maison Blanche/White House.

Ahavuye isanamu, EPA
Ubutumwa bw’ugufatana mu nda ntibugera kure
Muri rusangi Trump yaragerageje kubandanya avuga ku kibazo c’ubumwe bw’igihugu cabandanije kiza imbere muri ino ndwi mw’ikoraniro ry’uno mugambwe – ariko ku ncuro zitari nke, yagiye yifatira mu gahanga aba-Democrats na poritike yabo.
Agitangura ijambo riwe, yabwiye abari bahari ati: "Twese hamwe, tugiye kwubaka igihe c’ituze, iterambere n’ubwigenge bw’abanyagihugu ata kuraba ubwoko, idini, ibara ry’urukoba, n’ivyo umuntu yemera”.
"Ndiko nditoza kugira ngo nzobe umukuru w’igihugu w’Abanyamerika bose, atari inusu ya Amerika, kubera nta ntsinzi y’inusu ya Amerika yohaba”.
Icakora, ntiyashobora kugenda atavuze amajambo yo kunegura aba-Democrats n’uburongozi bwa United Auto Workers, imwe mu masendika y’abakozi manini mu gihugu. Hampande yo kunegura Perezida Biden, yise Nancy Pelosi – yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka - "umusazi".
Avuga ku bijanye n’igihe yaburanywa, yavuze ati: "Bategerezwa kubihagarika kuko bariko basambura igihugu cacu".
Trump yasavye kandi “umugambwe w’aba-Democrats kureka vuba bwango gukoresha ubutungane nk’ikirwanisho”.
Nk’uko vyamye mu gihe cose c’ibikorwa vyiwe vya poritike, ikibazo c’abimukira ni co cari hejuru y’ibindi.
Avuga ko ikibazo c’abimukira batagira ivya ngombwa ari "igitero kiriko kirica ibihumbi amajana n’amajana vy’abanyagihugu buri mwaka" akaba yiyemeje “igikorwa kinini co kubirukana, igikorwa ca mbere kinini muri kahise k’igihugu cacu – mbere kinini gusumba ica Perezida Dwight D Eisenhower haraciye imyaka myinshi ".
Mu 1954, abimukira ba Mexique barenga umuriyoni barirukanywe muri Amerika.
Mu gace kamwe karekare ka rimwe mu majambo maremare kuva muri kahise k’iri koraniro, yagirije abimukira ubukozi bw’ikibi, hanyuma avuga ati: "Twabaye nk’iyarara kw’isi, bariko bara baradutwenga, bibaza ko turi ibijuju”.
With reporting by Rachel Looker














