Icuka kibi mu matora ya Amerika: Donald Trump yahatswe kugandagurwa ariko yarusimvye
- Umwanditsi, Gary O'Donoghue & Bernd Debusmann i Butler, Pennsylvania & Matt Murphy i Londres
- Igikorwa, BBC News
Donald Trump yahoze arongoye Reta Zunze Ubumwe za Amerika yanyarukanywe kwa muganga akuwe mu myiyamamazo yariko akorera i Pennsylvania inyuma y'aho arasiwe ku gutwi mu gisa n'umugambi wo kumugandagura.
Amashusho amwerekana ariko ashikiriza ijambo, hanyuma ashira ikiganza ku gutwi kw'i buryo, imbere yo kwunama mu gihe amasasu yariko aravuga.
Yaciye atabarwa n'abo mu gisata kijejwe igendereza rya Amerika aca yurizwa imodoka. Igihe yariko yurira yazamuye ikipfunsi mu gusezera abanywanyi.
Mu butumwa yacishije ku rubuga hwaniro rwiwe, Trump yanditse ko urusasu rwamugemye hejuru ku gutwi kw'i buryo. Imbere y'aha, umuvugizi wiwe yavuze ko ameze neza kandi ko yariko aravurirwa ku kigo c'ubuvuzi c'akarere.
Trump yanditse ati: "Ubwo nyene naciye menya ko hari ibitari bimeze neza maze kwumva urusaku rw'amajwi, amasasu, hanyuma ubwo nyene nca numva urusasu rurangemye.
"Naciye mva amaraso menshi, ari naho naca menya ivyariko biraba".
Amaraso yaboneka neza ku gutwi no mu maso kwa Trump igihe abajejwe umutekano wiwe bamukura aho hantu.
Uwikekwa ko yakoze iki gitero yaciye araswa aricwa n'abo mu rwego rwa Amerika rujejwe igendereza, nk'uko bivugwa n'umuvugizi warwo Anthony Guglielmi. Avuga kandi ko umunyagihugu yari ari ng'aho yishwe mu gihe haba ukurasana, abandi babiri nabo barakomereka.
Amasoko yo mu nzego zijejwe umutekano yabwiye ikinyamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika ko uno mugabo yakoze iki gitero yari afise inkoho, akaba yarashe ahagaze hejuru ku nyubakwa iri ku metero ziharurwa mu majana uvuye aho vyabereye. Bavuga kandi ko iki gitero gifatwa nk'umugambi wo gushaka kumugandagura.
Guglielmi avuga ko Trump ameze neza kandi ko ingingo z'umutekano wiwe zakomejwe. Yongerako y'uko amatohoza akomeye abandanya, akaba ariko akorwa
Iki gitero cabaye uno mu Repubulika ariko yiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu amaze akanya gato atanguye ijambo ryiwe imbere y'abanywanyi biwe ahitwa Butler, Pennsylvania, intara mahindagu ikomeye cane.
Amasasu yatanguye kuvuga inyuma y'uko yari atanguye kuvuga ibijanye n'uwamusubiriye, Perezida Joe Biden, n'ubutegetsi bwiwe.
Abanywanyi biwe batari bake bari bafise ivyapa bahagaze inyuma ya Trump baboneka bakwepa igihe amasasu yariko aravuga.
Abari hafi y'aho vyabereye bashoboye kuvugana na BBC bavuga ko aya masasu ashobora kuba yava ku nzu y'igorofa imwe yari i buryo bw'aho Trump yariko aravugira.
Umwe mu babibonye - Greg - yabwiye BBC ko yari yabonye umuntu ateye amakenga "agenda yavura" ku gisenge c'iyo nzu inyuma y'iminota hafi itanu Trump atanguye kuvuga. Avuga ko yeretse abapolisi uyo muntu.
Ati: "Yari afise inkoho, twamubona neza afise inkoho. Twamutumye urutoke, igipolisi cari ng'aho ciruka irya n'ino - natwe tuti 'eh, raba hariya, hari umuntu ari ku gisenge, afise inkoho', vyaboneka ko igipolisi kitari kizi ivyariko biraba".
Tim , na we nyene yari muri iyi myiyamamazo, yabwiye BBC ko yumvise "urusaku" rw'amasasu.
Ati: "Twabonye Perezida Trump aryama hasi hanyuma bose baca batangura kuryama hasi kubera kari akajagari".
Warren na Debbie na bo nyene bari muri iyo myiyamamazo babwiye BBC ko bumvise amasasu nibura ane.
Bavuga ko bompi baciye baryama hasi igihe abo mu nzego z'igendereza banyura hagati mu bantu, baterera akamo hejuru babategeka kuryama hasi.
Warren ati: "Ntitwashobora kwumva ivyariko biraba".
Debbie avuga ko akana k'agakobwa kari iruhande yiwe kariko kararira kitabariza ko katashaka gupfa, hanyuma yumva kavuga kati: "Kubera iki ibi bibaye kuri twebwe?".
Debbie ati: "Ibi vyambabaje umutima".
Mw'ijambo yashikirije ari mu ntara yiwe y'amavuko i Delaware, Perezida Biden yababajwe n'iki gitero, avuga ko ari "akarwara".
Ati: "Ikintu nk'iki nta kibanza gifise muri Amerika. Buri muntu wese ategerezwa kuciyamiriza".
Mu nyuma, ibiro vy'umukuru w'igihugu (Maison Blanche/White House) vyavuze ko Perezida Biden yavuganye na Trump imbere y'uko asubira i Washington DC.
Trump aracahanganye bikomeye na Perezida Biden - ari na we yiteze guserukira umugambwe w'aba-Democrats mu matora yimirije - aho abatari bake biteze urukino rusa n'urwo mu matora ya 2020.
Abanyaporitike bo ku mpande zompi bifatanije na Biden mu kwiyamiriza iki gitero.
Barack Obama yahoze ari umukuru w'ico gihugu avuga ko "ubukozi bw'ikibi nk'ubu nta kibanza bufise muri demokarasi yacu", agashima ko Trump atababaye cane.
Mike Pence yahoze ari icegera ca Trump avuga ko we n'umugore wiwe bariko barasengera uwari somambike wiwe, kandi ko asaba "Abanyamerika bose kwifatanya natwe".
Mw'itangazo ryiwe, umukuru w'inkehwa mu nama nshingamateka Hakeem Jeffries, avuga ati: “Ndifatanije n'uwahoze ari umukuru w'igihugu Trump, mu vyiyumviro no mu masengesho. Ndashimira ku kungene abajejwe umutekano babangutse gutabara. Ubukozi bw'ikibi ubwo ari bwo bwose bushingiye kuri poritike ntibushobora kwihanganirwa na gato".
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer yafashe iya mbere mu bategetsi mpuzamakungu kwiyamiriza iki gitero, avuga ko ababajwe cane "n'amakuba ababaje yashitse mu myiyamamazo ya Perezida Trump".
Mw'itangazo yasohoye, avuga ati: "Ubukozi bw'ikibi bwa poritike ubwo ari bwo bwose nta kibanza bufise mu bihugu vyacu kandi ndifatanije n'abo bose bakozweko n'iki gitero".
Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Fumio Kishida, atera akamo abanyagihugu kurwanya ubukozi bw'ikibi "bubangamira demokarasi".
Eka n'umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau avuga ko ababajwe "cane n'iraswa rya Trump yahoze arongoye Amerika".
Ni mu gihe vyari vyitezwe ko ejo ku wa mbere Trump yemezwa n'umugambwe wiwe ko ari we azowuserukira mu matora yimirije, mw'ikoraniro ryari ritegekanijwe kubera i Milwaukee.
Hari bamwe bari biteze ko muri iyi myiyamamazo yariko ibera i Butler ari ho yari gutangariza uwuzomubera icegera ciwe.
Hari Abarepubulika bamwe bamwe baciye bihutira kwegeka iki gitero kuri Perezida Biden, bakamwagiriza ko akokeza ubwoba kuri Trump mu gihe yosubira kuba umukuru w'igihugu.
Umukenguzamateka JD Vance, azwi ko ari ku rutonde rw'abo Trump ashobora gutoramwo uwuzomubera icegera ciwe, avuga ko amajambo avugwa mu myiyamamazo ya Biden ari yo yateje iki gitero.
Mike Collins - umushingamateka w'Umurepubulika - yagirije umukuru w'igihugu "gukokeza ubwicanyi".
Hagati aho, James Comer, umukuru w'umurwi w'inama nshingamateka ujejwe kugenzura ibikorwa vya reta, avuga ko azorengutsa umukuru w'igisata kijejwe igendereza.











