Donald Trump aranegurwa inyuma yo gusohora videwo yerekana Perezida Joe Biden aboshwe amaguru n’amaboko

Trump Biden

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Na Vicky Wong
    • Igikorwa, BBC News

Donald Trump aranegurwa n’abajejwe imyiyamamazo ya Joe Biden kubona akwiragiza ku mbuga hwaniro videwo yerekana ikamyo ifise igicapo c’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika amaguru n’amaboko abohewe hamwe.

Abajejwe imyiyamamazo ya Biden bagiriza Trump “gukokeza imigumuko ya poritike buri mwanya” imbere y’amatora yo muri Munyonyo (11).

Umuvugizi w’umurwi ujejwe imyiyamamazo ya Trump avuga ko aba-Democrats babandanya bakokeza "imigumuko y’urwanko" yo kurwanya Trump.

Trump yacishije iyi shusho ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social hirya y’ejo ku wa gatanu.

Nk’uko amajambo ndondorasanamu avyerekana, aya mashusho yafatiwe ahitwa Long Island i New York ku wa kane, igihe uno yahoze ari umukuru w’igihugu yitabira ikigandaro c’umupolisi wo mu gisagara ca New York yishwe mu gihe hariko haba ibikorwa vyo kugenzura amamodoka.

Iyi videwo yerekana amakamyo abiri arengana kw’ibarabara, yose apfukishijwe amabendera ya Amerika hamwe n’amabendera avugwa ko ari ayo gushigikira igipolisi.

Ikamyo ya kabiri yari ifise ivyandiko bivuga ngo "Trump 2024", inyuma yayo naho hari isanamu ya Biden aboshwe amaguru n’amaboko.

Trump yaneguwe n’abajejwe imyiyamamazo ya Biden kubona akwiragiza iyi videwo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Buri gihe Trump yama ariko arakokeza imigumuko ya poritike, rero harageze ko abanyagihugu bafata uburemere bw’ivyo avuga – babaze gusa abapolisi bo kuri Capitol batewe bariko barwanira demokarasi yacu ku wa 6 Nzero”, bivugwa n’umuvugizi Michael Tyler, afatiye ku gitero cakozwe n’abanywanyi b’uno yahoze arongoye Amerika ku ngoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka (Capitol), inyuma yo gusakuza ko bamwivye amatora ya 2020.

Ariko Steven Cheung, umuvugizi w’umurwi ujejwe imyiyamamazo ya Trump yishuye ati: "Irya sanamu yari kw’ikamyo yariko irarengana mw’ibarabara. Aba-Democrats be n’abandi bantu badakomeye mu mutwe, hampande yo gukokeza imigumuko y’urwanko kuri Perezida Trump n’umuryango wiwe, ubu bariko bakoresha ubutungane nk’ikirwanisho mu kumurwanya".

Uno munyaporitike yagenywe kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu kw’izina ry’Abarepubulika yagirizwa ivyaha bine, aho bishoboka cane ko imbere y’amatora yo ku wa 5 Munyonyo ashobora kurengutswa ku caha co gutoba amatora hamwe n’ic’amafaranga yagirizwa ko yatanze mu kinyegero i New York.

Trump arahakana ivyo yagirizwa vyose, akavuga ko ariko aratotezwa ku mvo za poritike.

Icuka kibi gitewe n’iyi shusho ni kimwe mu biranga imishamirano hagati y’aba banyaporitike babiri bahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije.

Mu rugamba rwo kurondera gusubira kuba umukuru w’igihugu, Trump yongereje akariro mu majambo yiwe, akenshi ashaka kuvuga ko abapfunzwe kubera uruhara bagize mu migumuko yo kuri Capitol ku wa 6 Nzero 2021 bafashwe "bugwati".

Yaraneguwe kandi ku majambo yavugiye i Ohio mu ntango z’uku kwezi aho yagabisha ko “amaraso ashobora guseseka” ari nka hamwe atotorwa.

Abajejwe imyiyamamazo ya Biden bafashe nka nkama aya majambo, ariko Trump yabagirije, co kimwe n’ibinyamakuru, ko batahuye ibitari vyo.