Tim Walz: Ni nde uwo Kamala Harris yahisemwo ngo bitoze hamwe azomubere icegera?

- Umwanditsi, Sam Cabral
- Igikorwa, BBC News, Washington
Kamala Harris muri iyi ndwi niho yahitamwo Tim Walz ngo amubere uwo bazokwitoza hamwe mu matora y’umukuru w’igihugu.
Uwo asanzwe ari umukuru w’intara ya Minnesota yanahoze ari umwigisha niwe azoca aba icegera c’umukuru w’igihugu hamwe Kamala Harris yotsinda Donald Trump mu kwezi kwa ncumi na rimwe.
Walz yamenyekanye cane mu gihugu igihe yita Trump na JD Vance ''weird (bizarre mu gifaransa), umuntu yogereranya no kuvuga ngo [abo bantu] ''sinzi ingene bateye'', akajambo Harris yaciye afata none asigaye akoresha iyo ashaka kuvuga aho bahiganwa.
Abatunganya imyiyamamazo ya Harris bizeye ko uwo mugabo Walz atarya umunwa akomoka mu gisagara kibayabaye azobafasha gukwegakwega abatora bigenga n’abagendera ku vyiyumviro vy’imico ya kera.
Abatunganya imyiyamamazo ya Trump na Vance basohoye itangazo bavuga ko Walz ari ''umuntu akunda ibihinduka mu buryo bubangamye''.
Uwo mugabo w'imyaka 60 yahora ari umwigisha mu mashure ya reta, araba umumenyereza w'umupira w'amagaru w'Abanyamerika, araba n'umusikirikare mu gisata ca Guards imbere y'uko aja muri poritike.
Ubunararibonye bwiwe muri poritike, ahagarariye mu nama nshingamateka akarere ubundi gahengamire ku ba Republicains hanyuma mu nyuma agatoza amategeko y'abagendera ku vyiyumviro vy'abashaka impinduka nk'umukuru w'intara ya Minesota, ashobora kwumvirwa n'abantu bo ku mpande zose mu gihe poritike ya Amerika muri iki gihe ishingiye cane ku mpande zibiri zidacana uwaka.
Umwigisha, umumenyereza w'umupira w'amaguru, n'umushingamateka
Walz, avuka muri Nebraska, yararima agahiga mu gihe c'ici hanyuma yiyandikisha mu gisirikare, ishami rya National Guard, afise imyaka 17. Yamaze imyaka 24 muri izo ngabo z'abakorerabushake.
Se wiwe, nawe yakora mu mashure ya reta, yaramuhimirije kuja mu gisirikare imbere y'uko apfa ahitanywe n'indwara ya cancer y'amahaha igihe Walz yari afise imyaka 19.
Uwo mugabo w'impapuro z'umutsindo nyinshi mu kwigisha yarafashe akazi ko kwigisha ikiringo c'umwaka mu Bushinwa mu gihe c'ubwicanyi bwamenyekanye nk'ubwa Tiananmen Square mu 1989.
Mu nyuma yarasubiyeyo mu rugendo rw'ubugeni n'umugore wiwe Gwen Whipple hanyuma aratunganya n'ingendo z'ivyigwa mu Bushinwa ku banyeshure b'abanyamerika.
Agarutse mu mavukiro muri Nebraska, Walz yabaye umwigisha aba n'umumenyereza w'umupira w'amaguru w'ikinyamerika gushika umugore wiwe -nawe yari asanzwe ari umwigisha kuri iryo shure - amujanye mu mavukiro yiwe muri Minnesota. Ubu bafise abana babiri.
Nk'umumenyereza kw'ishure ryisumbuye rya West High, Walz yarafashije mu gushiraho integuro y'umupira w'amaguru yatumye ishure rishika ubwa mbere mu mahiganwa ku rugero rw'intara yose.
Yarahayagijwe mu kwemera kuba umujenama w'ishirahamwe ryo gushigikira abanyeshure bafise inyifato yo kwiyumva mu gitsina kitari ico bavukanye mu gihe vyari bikiri ibintu abantu bumva bakaraba hirya.
Yitoje ubwa mbere mu karere ahanini k'uburimyi ko mu bumanuko bwa Minnesota ku bisanzwe gahengamiye ku ba-Republicain.
Ariko Walz yitoje nk'umuntu wo mu ruhande rworoshe yitaho gukorera abanyagihugu akaba n'uwahoze mu ngabo bituma umugambwe wari witeze gutsinda utsindwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uko abona ibintu n'ivyo yemera
Mu myaka 12 yamaze mu nama nshingamateka, vyari bigoye kumenya ivyiyumviro agenderako.
Yaratoye itegeko rishira imbere inyungu z'amashirahamwe y'abakozi harimwo n'ingingo yo kuduza umushahara w'ifatiro, hanyuma arashigikira utwigoro tutigeze tugira ico tuvamwo two kugabanya imyuka ihumanya ikirere.
Ariko hari aho yahuza n'aba-Republicain.
Yaratoye ingingo zo gusohora amafaranga yo kubandanya intambara muri Iraq no muri Afghanistan, arashigikira ingingo zikomeye gusumba zo kurobanura impunzi zinjira muri Amerika, hanyuma aragerageza kuzibira ku gihe ca Obama ingingo zo kuramira amabanki n'amakompanyi mu gihe c'ihindimuka ry'amasoko y'amafaranga mu 2008.
N'ubwo ishirahamwe ry'abashigikiye gutunga inkoho ryigeze kumuterera amafaranga yo gukora imyiyamamazo, Walz mu nyuma yarashigikiye ko zimwe mu nkoho zibuzwa inyuma y'aho habereye ukurasa kw'ishure rya Parkland, gutyo aca atakaza ivyo kumushigikira.
Walz yatsinze amatora yo kuba umukuru w'intara mu 2018 ari imbere n'amanota 11 ariko ikiringo ciwe ca mbere cahuriranye n'ibibazo vy'ikiza ca Covid hamwe n'iyicwa rya George Floyd n'umuporisi i Minneapolis.
Aba-Republicain baraneguye cane Walz mu gukwega ibirenge mu kugomora ingabo za National Guard n'ubwo imyiyerekano yariko irahindukamwo intureka.
Ariko Walz yarongeye gutsinda amatora hanyuma ikiringo ciwe ca kabiri kirangwa n'ibihe vy'ibikorwa vyinshi aho aba Democrat ari bo bagenzura inama nshingamateka y'intara ku bwiganze bw'ijwi rimwe gusa.
Aba Democrat barashize mu mategeko ingingo zijanye no gukorora inda, baremeza akaruhuko umuntu ahemberwa iyo arwaye canke yavyaye, bakomeza amategeko agenga gutunga inkoho, batanga amafaranga yo kugaburira abana bose kw'ishure, bashira n'imitahe mu buraro buciriritse.
Abonye ivyo bikorwa vyiwe, uwahoze ari umukuru w'igihugu Barack Obama yanditse ati: ''Niba ukeneye ikikwibutsa ko amatora afise inkurikizi, genda urabe ibiriko biraba muri Minnesota.''

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Aba bantu sinzi ingene bateye''
Umuntu ahanini yari asanzwe atazwi ku rugero rw'igihugu, Walz yaramenyekanye vuba na vuba muri aya mayinga aheze kubera ingene avuga yeruye aba-Republicain.
''Hari aba bantu ntazi uko bateye ku rundi ruhande,'' niko yabwiye ubu vuba MSNBC, amajambo kuva ico gihe amaze gusubirwamwo kenshi. ''Bashaka kubuza ibitabo. Bashaka kuba bari mu cumba usuzumirwamwo [n'umuganga wawe].''
Ariko aba-Republicain nabo bihuse kuvuga ko ivyo yakoze muri Minnesota bikarishe cane ku banya-Amerika basanzwe.
Ariko abamushigikiye, barimwo n'indongozi z'amashirahamwe y'abakozi (sendika), bibaza ko Walz azofasha gushikana kure ijwi rya Harris ryo gukwegakwega abatora mu turere two mu gihugu hagati no mu bakozi bato bato.










