Amatora ya Amerika mu 2024: Kubera iki isi yose iyakurikiranira hagufi?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Katty Kay
- Igikorwa, Umunyamakuru muri Amerika
Amatora y’ibanze yo guhiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu cw Reta Zunze Ubumwe za Amerika azoba ku wa mbere mu ntara ya Iowa aho Abarepubulika bazotora uwo bipfuza ko abaserukira kugira azohangane n’Umu-Democrat, Perezida Joe Biden. Ni amatora adakurikiranwa muri Amerika gusa, ahubwo kw’isi yose.
Inyuma y’amayinga makeya namaze i Bulaya, ikibazo c’amatora yo muri Amerika ni ikintu cagumye kigaruka, ubona neza ko giteye impungenge abantu naganiriye nabo. Kandi ntibitangaje.
Amerika ubu ifise uruhara mu ntambara zikaze cane, Ukraine na Gaza. Hagati aho, imigenderanire hagati ya Amerika n’Ubushinwa yaratitutse, kandi n’icuka kibi mu karere ka Aziya na Pasifike cariyongereye.
Hafi y’iwacu, ibihugu vyo muri Amerika yo hagati bishingishijwe ijisho mu gihe ibitigiri vy’abimukira babandanya bagerageza kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bameneye ku rubibe ruboneka ko rwuguruye gushika uno musi.
Hanyuma kandi muri ino ndwi, havugwa ibitero vyo mu kirere birongowe na Amerika ku barwanyi b’aba Houthi muri Yemen.
Nta karere na kamwe kw’isi katarajwe ishinga n’ubutegetsi bwa Amerika.
Kubona kandi Umurepubulika Donald Trump ashobora kugaruka ku butegetsi, agarukane ya poritike y’iwe ya Amerika imbere ya vyose (Amerika First), ni ikindi kintu ciyongera ku mpungenge bafise kw’ishusho ya Amerika yari isanzwe irimwo igipfungu.
Ibihugu bimwe bimwe birindiriye igaruka ryiwe. Ariko incuti nyinshi za Amerika zifise ubwoba bwinshi kw’igaruka ry’umukuru w’igihugu afise kamere itandukanye n’iyimenyerewe kandi atoroshe guhuza n’abandi.
Umukenguzamateka w’umu-Democrat Chris Coons ari muri komite ijejwe imigenderanire akaba kandi ari mu barongoye imyiyamamazo ya Perezida Biden, yambwiye ko mu nama yose yagiranye n’abajejwe imigenderanire, hageze igihe bakibaza nimba koko Abanyamerika boshobora gusubira gutora Perezida Donald Trump.
Rero, mu gihe ano ashobora kuba amatora ya Amerika, ibindi bihugu navyo birarajwe ishinga n’ibizoyavamwo.
Nta mugwa mukuru n’umwe kw’isi ukurikiranira hagufi iyi myiyamamazo nk’uko bimeze i Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine). Amaherezo y’ino ntambara nta nkeka ko azovana n’ibizova mu matora ya Amerika.
Perezida Volodymr Zelensky aherutse kuvuga ati: "Niimba poritike y’umukuru w’igihugu azoza – uwo ari we wese – izoba itandukanye n’iyihari kuri Ukraine, idatomoye canke ari iyo kwikwegerako…nibaza rero ko ibi bimenyetso bizogira ingaruka ku ntambara”.
Nta mazina yadomyeko urutoke ariko Trump yarivugiye ko ashobora kuzorangiza intambara “mu masaha 24” amaze gutorwa, n’aho adasigura ingene yobigira. Abanya-Ukraine bafise amakenga ko azotegeka ko haba ibiganiro bitazobazanira inyungu.
Ibi vyokwakirwa neza mu Burusiya aho ibinyamakuru bishigikiye cane Trump, mbere bimwe bikaba binegura intara 16 ziriko zigerageza kumuvana mw’ihiganwa.
Imboneshakure NTV iri mu minwe ya Kremlin ntirya umunwa mu kunegura. "Iyi ni ingendo yo kwivanga mu matora hamwe no gutoba demokarasi bikorwa n’Abanyamerika bo nyene ubwabo. Nta Murusiya canke Umushinwa yonarota nk’ibi”, niko umunyamakuru wa NTV Anton Ponomaryov yabwiye ashimitse abariko bamukurikirana.
Uretse muri Ukraine, ingaruka z’ihinduka rya poritike ya Amerika zokwibonekeza no mu bindi bihugu kandi zotera impungenge cane cane ibihugu vya Bulaya bihana urubibe n’Uburusiya.
Mu tundi turere twa kure, izindi ncuti za Amerika zishobora gufata ko Amerika atari incuti yo Kwizera mu vyo umutekano.
Umukenguzamateka umwe wa Amerika abona ko Ubuyapani bushobora guca bufata ingingo yo guhingura ibirwanisho vyabwo ruhonyanganda vy’ubumara ari nka hamwe Amerika yoheba gufasha Ukraine kubera bushobora guca bubona ko amasezerano yo kubukingira ibitero vya nikleyeri arimwo utunenge twinshi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hari kandi ababona ko ari nka hamwe Perezida Trump yosubira gutorwa yoca akorera ku cipfuzo ciwe co kuvana Amerika muri OTAN/NATO, ingingo yobangamira bikomeye iri huriro rya gisirikare ryo kwivunira umwansi hamwe rihurikiyemwo ibihugu vy’Uburengero. Abantu babiri bafitaniye isano n’abajejwe imyiyamamazo ya Trump bambwiye ko ico ari ikintu yipfuza gukora.
Bivumvikana ko ari ngombwa ko, nk’uko umukenguzamateka Coons yabimbwiye, Abanyabulaya bagira umwikomo.
"Amerika n’incuti zayo za Bulaya bifise ibibazo bikomeye bihuriyeko. Twese hamwe dutegerezwa kwereka amakungu ko Putin adashobora kutunesha kandi ko intwaro y’agahotoro ya Perezida Xi [w’Ubushinwa] atari yo nziza kw’isi”.
Iyindi ntambara ikomeye, iyo mu Buseruko bwo Hagati, irahungabanije poritike ya Amerika mu buryo butandukanye – Abanyamerika bakiri bato hamwe n’Abanyamerika b’abarabu bararwanya cane ubufasha Amerika iha Israel ku buryo Joe Biden ashobora gutakaza intara kanaka mu matora kubera iki kibazo.
Ariko ingene abanya-Israel babona poritike ya Amerika ni vyo kumbure bishobora gutangaza cane. Abanya-Israel bari bashigikiye Trump gusumba Biden ku rugero runini cane, ariko ibihariro vyo muri Kigarama (12) 2023 vyegeranijwe n’ikigo Midgam, vyerekana ko ubu abenshi basigaye bashigikiye Perezida Biden.
Umwihwezo w’ibinyamakuru vya Israel werekana ko hashobora kuba ikintu gitangaje aho urukundo basigaye bafitiye Joe Biden rushobora kumwima amahirwe yo gusubira gutorwa. Ikinyamakuru Calcalist candika inkuru ifise umutwe ngo “Ubufasha bwa Biden kuri Israel buriko buha inguvu Trump imbere y’amatora”.
Hagati aho, ibindi bihugu vyo mu Buseruko bwo Hagati bishobora kwakiriza yompi impinduka zoba mu butegetsi bwa Amerika.
Mu myiyamamazo ya 2020, nk’akarorero, Joe Biden yavuze ko Arabia Sawudite ari igihugu cataramuwe. Hanyuma amezi cumi amaze gushika ku butegetsi, ingingo yiwe yateje akaga yo kuvana ingabo muri Afghanistan yatumye aba-Taliban bafata ubutegetsi.
"Nibaza ko incuti zacu zose zo mu Buseruko bwo Hagati bwipfuza umukuru w’igihugu w’Umurepubulika gusumba Biden," bivugwa na Matthew Kroenig yahoze ari umutegetsi wo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, ubu akaba akora mu kigo Atlantic Council c’abahinga mu bijanye n’imigenderanire.
Ku bakuru b’ibihugu bamwe bamwe mu Buseruko bwo Hagati, ari nka hamwe zohindura imirisho muri Amerika Biden akava ku butegetsi, vyotuma Amerika itivanga cane mu bibazo vyavyo kandi ntibinegurwe cane.
Kroenig avuga ko umukuru w’igihugu w’Umurepubulika ashobora kutitaho cane ivyo kunegura Israel ku ntambara yayo muri Gaza canke kunegura Arabia Sawudite ku bijanye n’agateka ka muntu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukenguzamateka yigenga Angus King yari avuye mu rugendo mu karere ari kumwe n’abandi bakenguzamateka yambwiye ko intege nke za poritike ya Amerika ziriko ziribonekeza no hanze.
"Hamas na Putin bafise imikenyuro imwe ubu – kurindira ko Uburengero butakaza ishaka ryabwo hamwe no kurindira ko Amerika imugazwa n’indyane za poritike yayo iyicanishamwo”.
Kuva i Pékin/Beijing (umugwa mukuru ‘Ubushinwa) gushika i Buenos Aires (umugwa mukuru wa Brezili), abantu barakurikirana ingene abahiganwa bahagaze kandi barakurikirana cane ibiva mu matora. Arakurikiranwa kw’isi yose gusumba ayandi matora yose. Kubera Amerika iracafise ijambo gusumba ikindi gihugu ico ari co cose.
Ariko ano matora, agira gatandatu y’umukuru w’igihugu kuri jewe, asa nk’aho araje ishinga isi yose gusumba ayandi yose yabayeho.
Kimwe ni ukubera Amerika ifise uruhara mu bisata vyinshi cane kw’isi, ariko kandi kubera ivyabaye inyuma y’amatora aheruka. Ivyabaye ku wa 6 Nzero (1) 2021 vyarerekanye ko hari igihengeri muri demokarasi ya Amerika.
Ubu rero amakungu ashaka kumenya ingene iki gihugu kizovyifatamwo muri ano matora azoba ari ikigeragezo kinini kuri demokarasi yaco.
Hampande y’ibibazo indiri n’indiri Amerika isanzwe ihanganye navyo, umukuru w’igihugu yimirije azotegerezwa kwitega guhangana n’ikindi atari yiteze.
2023 yabaye umwaka wa mbere waranzwe n’ubushuhe burenze urugero gusumba iyindi yose. 2022 yaranzwe n’intambara ku mugabane wa Bulaya. 2020 yaranzwe n’ikiza karanda kw’isi yose ata n’umwe yari yiteze.
Amerika ntishobora gutorera umuti ikibazo na kimwe muri ibi idakoranye cane n’izindi ncuti kw’isi – ari naco gituma uko amakungu yakira ano matora atari ikintu kiraje ishinga ibindi bihugu gusa.
Ni amatora araje ishinga na Amerika nyene.










