Intambara ya Ukraine: ibiraro vyose vyinjira muri Severodonetsk vyarabomowe

Ahavuye isanamu, AFP
Ibiraro vyose vyinjira mu gisagara ca Severodonetsk muri Ukraine vyarabomowe, nk’uko bivugwa na buramatari.
Mu gihe iki gisagara ubu cazibiwe burundu, Serhiy Haidai avuga ko ivyo gufasha no guhungisha abasivire ubu ari ibinti bitagishoboka.
Intambara zikomeye ziriko zibera muri ico gisagara aho abategetsi ba Ukraine bavuga ko amabombe y’Uburusiya yomoye ingabo za Ukraine hagati muri ico gisagara.
Haraciye indwi zitari nke igisirikare c’Uburusiya kigerageza gufata Severodonetsk.
Kwigarurira Severodonetsk hamwe n’ikindi gisagara vyegeranye ca Lysychansk bishobora gutuma Uburusiya bugenzura intara yose ya Luhansk, mu gihe ubu igice kinini cayo kiri mu minwe y’inyeshamba zishaka kwiyonkora kuri Ukraine zishigikiwe n’Uburusiya.
Haidai yanditse ku rubuga rwa Instagram ko ibiraro vyose vyinjira muri Severodonetsk vyabomowe.
Yongerako y’uko abanyagihugu basigaye muri iki gisagara babayeho mu “buzima bubi cane”.
Jordan Gatley yahoze ari mu ngabo z‘Ubwongereza ni umwe mu bahasize ubuzima bariko bagerageza kurwanira iki gisagara, nk’uko umuryango wiwe wavyemeje ku wa Mungu.
Umukuru w’igihugu ca Ukraine, Volodomyr Zelensky, avuga ko igiciro c’abantu bamaze kuhasiga ubuzima barwanira Severodonetsk “giteye ubwoba”. Avuga ko ingabo za Ukraine zatanye mu mitwe n’iz’Uburusiya “hafi imetero ku yindi”.
Amakuru avuga ko ibice hafi 70% ubu biri mu minwe y’Uburusiya.
Ingabo za Ukraine zikiri mu gisagara zitegerezwa “kwishikana canke gupfa”, nk’uko bivugwa n’intumwa ya gisirikare yo mu ntara ya Donetsk iherutse gutangaza ko yikukiye ikitwa Donetsk People's Republic ishigikiwe n’Uburusiya.
Avugana n’abanyamakuru i Donesk, Eduard Basurin yavuze ati: “Ingabo za Ukraine ziri hariya [ i in Severodonetsk] ziriyo ubutakivayo.

Umutegetsi mukuru w’Uburusiya avuga ko intumbero ya Moscou yari iyo gukingira Donetsk na Luhansk ziherutse gutangaza ko ari repubulika zigenga.
Umuvugizi wa Kremlin, Dmitry Peskov, yasubiwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru RIA Novosti avuga ati: “Muri rusangi, gukingira izi repubulika niyo ntumbero nyamukuru y’igikorwa kidasanzwe ca gisirikare”.
Igihe Perezida Vladimir Putin atanguza intambara ku wa 24 Ruhuhuma (2), yavuga ko intumbero y’Uburusiya yari iyo “gusambura igisirikare no gukuraho ivyiyumviro vy’iki-Nazi muri Ukraine”. Mu nyuma hiyongeyeko iyindi ntumbero: gukora ibishoboka vyose kugira ngo Ukraine ntigire uruhande na rumwe yegamira.
Ejo ku wa mbere, abategetsi ba Ukraine bongeye kuvuga ko ibirwanisho bitangwa n’Uburengero bitariko birashika ningoga nk’uko vyategerezwa.
Umuhanuzi mukuru wa Perezida Zelensky yavuze ko kugira ngo bashobore guhagarika intambara ari uko igisirikare ca Ukraine “kironswa ibirwanisho bikomeye”, anashira ahabona urutonde rw’ibirwansiho rutura Kyiv ikeneye.
Avuga mu kiganiro ca BBC, Newshour, umuhanuzi wo mu bushikiranganji bwa Ukraine bujejwe kwivuna abansi yavuze ko ingabo zirwanira Severodonetsk zari kuba zarihagazeko iyo zironswa ibirwanisho bikomeye imbere y’igihe.
Yury Sak yavuze ko ingabo ziriko zirwanira iki gisagara “zikoresheje uburyo bushoboka zifise” ariko ko zishobora kuba zaravyifashemwo “neza gusumba mu kwirukana umwansi no kubohoza ubutaka bwa Ukraine iyo turonswa ibindi birwanisho bikomeye gushika ubu”.
Yongerako y’uko inguvu z’Uburusiya ziteye ubwoba – aho ingabo zabwo zitera ibisasu 50.000 ku musi, zikubaka “uruhome rwa vya muzinga, ibitero vy’indege, hamwe n’ibisasu vya misire” kuri Ukraine.
Mu ndwi nke ziheze, ibihugu vy’Uburengero vyariyemeje kurungikira Kyiv ibirwanisho birasa kure, harimwo n’Ubwongereza bwatangaje ku ncuro ya mbere ko bwari kurungika ibikoho birasa ica rimwe bibisasu vya roketi vyinshi mu ntumbero yo gufasha Ukraine kwivuna.










