Putin yigereranije na Pierre le Grand, umu Tsar rurangiranwa wa Russia mu kinjana ca 18

Pierre le Grand

Ahavuye isanamu, UNIVERSAL HISTORY ARCHIVE/GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yigereranije n'umu Star yabaye rurangiranwa to Pierre le Grand/Peter the Great

Bisanzwe bizwi ko Vladimir Putin akunda cane Pierre le Grand/Peter the Great, ariko ubu nawe asa n’uwibona ko na we ari nka we.

Yigereranije ku mugaragaro n’uyu mu Tsar w’Umurusiya, aho agereranya igitero kuri Ukraine n’intambara za Pierre le Grand zo kwiyagurira uturere, haraciye ibinjana vyababa bitatu, akaba yaboneyeho n’akaryo ko kwerekana n’inguvu nyinshi ko intambara yiwe ari ukwigarurira ubutaka.

Intumbero za Putin zisa no kwubaka ingoma (Empire) zateje umutima uhagaze Ukraine zongera ziteza uburakari ibihugu bibanyi, harimwo na Estonia ivuga ko amajambo yiwe “adashobora kwihanganirwa na gato”.

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya yavuze aya majambo igihe yariko abonana n’urwaruka rw’abahinga n’aba “entrepreneurs”.

Imbere y’uko aja ku bijanye n’ubuhinga, yabanje kuvuga ivyerekeye poritike n’ubutegetsi: intambara nshasha afata ko ari ukwiha ikibanza mu makungu. Hano abwira abamwumviriza ko Pierre le Grand/Peter the Great ari icitegererezo.

"Kumbure wohava wibaza ko yarwana na Suwede ngo yigarurire ubutaka bwabo”, niko Putin avuga, afatiye ku ntambara zo mu Buraruko (Guerres du nord/Northern Wars) zatangujwe na Pierre mu ntango z’ikinjana ca 18 igihe yariko yubaka ingoma nshasha y’Uburusiya.

 "Ariko nta kintu na kimwe yigaruriye; yarisubije”! niko avuga, asigura ko aba Slaves bari babaye muri ako karere imyaka ibinjana.

"Na twebwe rero ibintu bisa n’uko, kwisubira no kwiyubaka”, niko asozera avuga, n’akamwenyuro nyene kerekana ata nkeka ko yariko avuga kuri Ukraine n’intumbero yiwe muri iki gihugu.

Abona ko ukwiyagurira Uburusiya kwatumye ubutegetsi bwa Pierre bukomera.

Muyi iro nama yariko agirisha, Putin yavuze ko Pierre le Grand/Peter the Great ari icitegererezo

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Muyi iro nama yariko agirisha, Putin yavuze ko Pierre le Grand ari icitegererezo
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Putin yafashe ingendo yo gufatira kuri kahise k’Uburusiya muri kino gihe, ariko buri gihe akabikorana ubwenge bwinshi kugira ngo bijane n’intumbero yiwe muri kino gihe. Amezi atari make imbere y’uko atera Ukraine, yasohoye urwandiko rukomeye ayo yiyamiriza uburenganzira bwa Ukraine bwo kubaho nk’igihugu ufatiye kuri kahise.

 Igihe Uburusiya butera iki gihugu kibanyi ku wa 24 Ruhuhuma (2), Putin yavuga ko cari “igikorwa kidasanzwe ca gisirikare” cariko kibera gusa mu karere ka Donbas mu buseruko, mu ntumbero yo “kurwanya ivyiyumviro vy’iki Nazi” muri Ukraine no kugabanya ibishobora kubangamira ubusugire bw’Uburusiya.

Ariko, mu gihe gusa yariko avuga aya majambo, ingabo ziwe zariko zirasatira umugwa mukuru Kyiv, zicucagira n’amabombe irya n’ino gushika no mu burengero. Inyuma y’imisi irenga 100, ica gatanu c’ubutaka bwa Ukraine buri mu minwe y’igisirikare c’Uburusiya, cashinze mbere n’ubutegetsi bugendera ku mategeko ya Moscou ata kindi bushira imbere atari amatora ya kamarampaka yo kwinjira mu Burusiya.

Hanyuma ubu, Putin yumva afise inguvu zihagije zo kwemeza ko “igikorwa” ciwe mu bisanzwe ari ukwigarurira ubutaka.

Asa kandi n’uwudakekeranya ko impera n’imperuka ibihugu vy’Uburengero bizoruhira kwemera ukuri ingabo ziwe ziriko zirarwanira.

Putin avuga ko ico gihe ata “gihugu na kimwe c’Ubulaya” caha nirwere Uburusiya ku ntambara yo kwigarurira ubutaka Pierre yahavuye ashingamwo St Petersburg nk’umugwa mukuru mushasha w’Uburusiya. Ariko ubu vyose biremera.

Amajambo yiwe kandi yashavuje ibihugu vyo mu karere ka Baltique. Umushikiranganji w’imigenderanire wa Estonia yaciye atumako uwuserukira Uburusiya kugira ngo yiyamirize uku gufata ko igitero ca Pierre le Grand kuri Narva, ubu iri muri Estonia, cari “ukwisubiza no gukomeza” ubutaka bw’Uburusiya

Pierre le Grand yazungurutse Ubulaya yiyoberanije kugira yige ingene ashobora kwubaga Uburusiya bugezweho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Pierre le Grand yazungurutse Ubulaya yiyoberanije kugira yige ingene ashobora kwubaga Uburusiya bugezweho

Ariko Putin aritondera ivyo afatirako kuri kahise.

Pierre le Grand, n’aho yatwaza umukazo, yari umuntu yashima cane ivyiyumviro, ubuhinga n’imico vy’Uburengero, ivyamutumye yubaka St Petersburg “nk’idirisha riganisha i Bulaya” kandi azunguruka uyu mugabane n’inyota nyinshi ko kwiga kugira ngo bimufashe kwubaka Uburusiya bugezweho.

Ubutegetsi bwa Putin bugenda buba ubw’agahotoro bwarugaye iri dirisha ku Burengerazuba; intambara ya Ukraine ikaba yaje irangiza vyose. Iciyumviro c’uyu mutegetsi co kugendera Ubuholande na Greenwich arondera ivyiyumviro bishasha nk’uko urya mu Tsar yabikoze, ubu bisa n’ibidashoboka.

 Igihe Putin yariko yigisha uru rwaruka kuri uyu mu Tsar wo mu kinjana ca 18, hari amajambo yaguma agaruka: ‘kazoza’, ‘ukwiyemera’, ‘intsinzi’.

Uburusiya bwariyemeje kwihoza Uburengero ku bihano bwamufatiye mbere bukanamunegura, mbere Putin we nyene ubwiwe yaboneka ko atekanye hakuboneka ko atorohewe.

Kumbure gusa hari ikindi cigwa umuntu ashobora gukura mu bitabo ndondakahise.

Pierre le Grand/Peter the Great yagiye kwigarurira ubutaka kuva mu karere ka Baltique gushika ku Nyanja yirabura (Mer Noirblack Sea). Ariko ico gihe Uburusiya bwariko burwana Intambara nkuru y’Uburaruko (Grande guerre du Nord/Great Northern War) mu kiringo c’imyaka 21.