Ukraine: Ibitero vya Russia vyashize abanyagihugu imiriyoni 4,5 mu kizime

umugore ari mu kizime

Ahavuye isanamu, EPA

Na Alys Davies

BBC News

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yagiriza Kremlin ko yahisemwo gukoresha “iterabwoba rishingiye ku gusambura amasoko ntanganguvu” mu gihe intambwe iterwa n’ingabo z’Uburusiya ari ntoya.

Perezida Zelensky avuga ko abanyagihugu imiriyoni 4.5 ata muyagankuba bafise inyuma y’ibitero vy’Uburusiya ku bigo vy’amasoko ntanganguvu.

Mu ndwi nkeya ziheze, Uburusiya bwakoze ibitero bikomeye vya misire na za ndege zitagira abadereva (drones) ku bigo vy’umuyagankuba.

Ibi bitero vyabaye mu gihe abategetsi bavuga ko ingabo z’Uburusiya zishobora kuva mu gisagara gikomeye ca Kherson kiri mu bumanuko bw’igihugu.

Inyuma yo gutakaza bikomeye ku rubuga rw’intambara, Uburusiya bwaciye bwongereza ibitero ku bigo vy’umuyagankuba mu bisagara biri kure y’urubuga rw’intambara.

Mu kwezi guheze kwonyene, ica gatatu c’ibigo vy’umuyagankuba bivugwa ko vyasambuwe, nk’uko Perezida Zelensky abitangaza.

Vyabaye ngombwa ko reta ya Ukraine isaba abanyagihugu kugerageza gukoresha umuyagankuba mukemuke kuri iyo mvo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nijoro ku wa kane mw’ijambo yama ashikiriza buri ijoro, Perezida Zelensky yavuze ati: "Muri iri joro, abanyagihugu bababa imiriyoni 4,5 nta muyagankuba bafise”.

Avuga ko kubona Uburusiya buhindukirira gutera ibigo ntanganguvu ari ikimenyetso “c’inguvu zabuheranye” mu gihe ingabo zabwo zananiwe no gutera intambwe ikomeye ku rubuga rw’intambara.

Ati: "Kuba Uburusiya bwahisemwo iterabwoba rishingiye ku masoko ntanganguvu vyerekana ko umwansi yatakaje inguvu.

"Ntibashobora gutsinda Ukraine ku rubuga rw’intambara, rero ni co gituma bagerageza guca intege abanyagihugu bacu muri ubu buryo”.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya bwemeje ko buriko buratera ibigo ntanganguvu vya Ukraine.

Ibirego vya Zelensky ku Burusiya bije mu gihe hari amakuru avuga ko ingabo z’Uburusiya ziriko zirava mu gisagara zari zarigaruriye ca Kherson, ikimenyetso c’uko Uburusiya buriko burasubira inyuma.

Umutegetsi yashizweho n’Uburusiya mu ntara ya Kherson, Kirill Stremousov, yabwiye ibinyamakuru vy’Uburusiya ko Moscou “ishobora” gukura ngabo zayo muri ako karere.

Hanyuma kandi nk’uko umutegetsi umwe wo mu Burengero, ariko atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, abivuga, intwazangabo hafi zose z’Uburusiya zirongoye urugamba zamaze kuva muri ico gisagara.

Hakugerageza kugumana iki gisagara, bavuga ko ingabo z’Uburusiya, mu buryo bwo kwivuna, ziriko ziriyegeranya hakurya y’uruzi Dnipro, mu gikorwa kinini co kwubaka ibirindiro vyo kwivuna umwansi neza mu bumanuko n’ubuseruko bwa Ukraine imbere y’umuzo w’urushana.

Biragoye kumenya neza na neza ibiriko birabera muri ico gisagara, ariko uyo mutegetsi avuga ko ingabo ziherutse kwinjizwa muri wa mugambi wo kwinjiza ngabo z’integabizoza mu gisirikare c’Uburusiya zarungitswe muri ico gisagara kugira ngo zihagararire igikorwa ca nyuma co kuva ku birindiro biramutse bishitse.

Hejuru y’ivyo, umunyamakuru wa BBC Paul Adams amenyesha ko amabanki avugwa ko yanyazwe urukombamazi co kimwe n’amazu ndangamurage.

Abategetsi bashizweho n’Uburusiya nabo bamaze amayinga atari make bahungisha abasivire ibihumbi n’ibihumbi muri ako karere.

Umunyamabanga wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin avuga ko ingabo za Ukraine zifise “ubushobozi” bwo kubohoza ico gisagara co mu bumanuko.

Ariko Ukraine ivuga ko ibandanya irwana muri ako karere kandi ko ibandanya yicungereye yibaza ko Uburusiya buriko butega umutego ingabo za Ukraine.

Igihe Uburusiya bwigarurira Kherson – igisagara gikomeye – mu kwa gatatu, vyabonetse ko ari imwe mu ntambwe zikomeye Moscou yari iteye muri iyo ntambara.

Ariko igitero co kwivuna muri ako karere kimaze ukwezi kurenga cerekana ko Uburusiya ari ngombwa ko bwihweza gushasha intumbero z’urugamba.