Isi ihanzwe n'akaga katari bwigere kabaho kuva ku ntambara ya kabiri y’isi yose - Putin

Putin

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Vladimir Putin abandanya agabisha ko Uburusiya buzokoresha “uburyo bwose bufise” mu kwikingira,

Na Yaroslav Lukov

BBC News

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya agabisha ko isi ishobora kuba ihanzwe "n'akaga katari bwigere kabaho" kuva intambara ya kibiri y’isi yose irangiye.

Mw’ijambo rirerire yashikirije ku wa kane, yagerageje gusigura igitero c’Uburusiya kuri Ukraine, ingingo yatumye amakungu abukumira.

Putin kandi yagiriza ibihugu vy’Uburengero gutera ubwoba Uburusiya vyihishije inyuma y’ibirwanisho ruhonyanganda vya nikleyeri mu ntumbero yo kubwonkora ku ncuti zabwo.

Uburengero buriyamiriza amajambo y’iterabwoba rya nikleyeri aherutse gushikirizwa na Kremlin (Ibiro vy’umukuru w’igihugu w’Uburusiya).

Mu ntango z’ino ndwi, ishirahamwe ryo kwivunira umwanshi hamwe OTAN/NATO ryariyamirije ibirego bitagira ishingiro vy’’Uburusiya bivuga ko Ukraine ishobora gukoresha “ibombe y’umwanda” - amabombe yemewe gukoreshwa ariko avanze n’ubumara.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg avuga ko ibihugu bihurikiye muri uru runani vyiyamiriza ibi birego, kandi ko “Uburusiya butohirahira ngo bugikoreshe nk’icitwazo co kugira ibintu vyunyuke”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Perezida Putin yavuze ibi mw’ijambo yashikirije ikoraniro ry’umwaka rya Valdai inyuma y’imisi ingabo ziwe zimaze zitsindwa ku rugamba muri Ukraine n’ishavu ribandanya ryiyongera mu banyagihugu ritewe n’ingingo yo kwinjiza mu gisirikare Abarusiya bandi 300.000 mu twigoro tw’iyi ntambara.

Umusi umwe imbere y’ijambo ryiwe i Moscou, yari yagaharikiye imyimenyerezo ya buri mwaka y’ingabo z’igisata ca nikleyeri mu gisirikare c’Uburusiya, yarimwo ukwimenyereza gukora igitero ca nikleyeri mu gihe umwansi yoramuka akoze igitero ca nikleyeri ku gihugu ciwe.

Yabwiye abari aho ati: "Ntabwo twigeze tuvuga ikintu kijanye n’uko Uburusiya bushobora gukoresha ibirwanisho vya nikleyeri busotowe. Twishuye gusa ku majambo yavuzwe n’abarongoye ibihugu vy’Uburengero”.

Perezida Putin yahagaze ku wahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Liz Truss ku majambo yavuze ari mu myiyamamazo mu kw’umunani ko yari yiteguye gutera ibisasu vya nikleyeri mu gihe vyoba ngombwa ko akora gutyo.

Avuga ko yatangajwe n’ingene incuti z’Ubwongereza zitavyiyamirije: "None twari kugira gute? Kunuma? Kwigira nk’uko ataco twumvise”?

Hagati aho, abandanya agabisha ko Uburusiya buzokoresha “uburyo bwose bufise” mu kwikingira, amajambo afatwa nk’iterabwoba rya nikleyeri ryeruye.

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yagiriza umukuru w’igihugu c’Uburusiya gukinisha amajambo “mabi cane” kw’ikoreshwa ry’ibirwanisho vya nikleyeri.

Mu kiganiro n’abanyamakuru ba Amerika, Biden yabajije ati: "Kubera iki aririmba ivy’ubushobozi bwo gukoresha ibirwanisho vy’ubumara? Nimba ata mugambi afise, kubera iki yama ariko arabivuga?”.

Yasubiyemwo amajambo yo kwifatira mu gahanga Uburengero, n’ico yita “umukino wiwe mubi, ucafuye kandi wo gusesa amaraso” wo kwaka ibihugu ubusugire n’ubwigenge bwavyo.

Ico gihe, Putin yari yavuze ko “ukwiganza kutagira urugero” kw’Uburengero mu buzima bw’isi ubu kuriko kurarangira.

"Turi ku musozo mu mateka y’isi. Igihe kiri imbere kumbure nico gihe c’akaga gakomeye, kidatomoye kandi aho nyene gikomeye cane kuva intambara ya kabiri y’isi yose irangiye”.

"Uburengero nta bushobozi bugifise bwo kwiganzira isi – ariko 'buriko bwita ku rutare ngo bufate ibintu mu minwe'”.

Avuga ko “iyindi ntumbero ya kazoza k’isi iriko irategurwa turorera”, aca yagiriza Uburengero burongowe na Amerika ko buriko bugerageza gusambura Uburusiya, ariko akaba atatanze ivyemezo.

Ijambo ryiwe ryerekana isi uko Vladimir Putin ayibona, isi aho Uburusiya butagira akanenge, akagiriza Uburengero ko ari bwo ntandaro ya vyose, kuva ku ntambara yo muri Ukraine gushika ku ngorane z’imfungurwa zihanze isi, nk’uko umunyamakuru Steve Rosenberg, umwanditsi mukuru ku Burusiya abivuga.

Mw’iryo jambo, Putin ntiyigeze yicuza ku ntambara yatanguje muri Ukraine.