North Korea: Kim Jong-un yiyemeje gukomeza guhingura ibirwanisho ruhonyanganda

Ahavuye isanamu, KNCA/Reuters
- Umwanditsi, Na Zubaidah Abdul Jalil & Frances Mao
- Igikorwa, BBC News
Mw'ijoro ry'ejo ku wa mbere, indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un yashikirije ijambo ry'ugusotorana kw'idefire y'igisirikare, aho yiyemeje kwongereza ibirwanisho ruhonyanganda vya nikleyeri.
Iyi defire yo guhimbaza isabukuru y'igisirikare yashize kandi ahabona ibisasu vya misire birasa kure (intercontinental ballistic missiles, ICBM), bisanzwe bibujijwe.
Mu kwa gatatu, Korea ya Ruguru yagerageje misire ya mbere nini ya ICBM, ubwa mbere kuva mu 2017.
Amakungu yariyamirije bikomeye igerageza ry'ico gisasu.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika kandi zarafatiye ibihano bitari bike ico gihugu inyuma yo kugerageza ico gisasu.
ICBM, igisasu kigenewe kwikorera ibirwanisho vya nikleyeri, catumye Koreya ya Ruguru igira ubushobozi bwo kurasa kure cane gushika ku butaka bwa Amerika.
Iyi defire kandi yerekanye misire zirasa kure zitererwa mu mazi, hampande ya za misire zinyaruka gusumba ijwi.
Hagati aho, Kim ntiyigera ajugumizwa n'abamwiyamiriza gushika ubu.
"Tuzobandanya dufata ingingo zo gukomeza no kwongereza inguvu za nikleyeri z'igihugu cacu", niko avuga, yongerako y'uko inguvu za nikleyeri "zitegerezwa kwama ziteguwe" kugira zikoreshwe umwanya n'umwanya, nk'uko biri mu nkuru y'ikinyamakuru ca reta, Korean Central News Agency (KCNA).

Ahavuye isanamu, KCNA/Reuters
Avuga ko ibirwanisho vya nikleyeyi vya Korea ya Ruguru mu bisanzwe ari igikoresho co kuzibira intambara, ariko ko bishobora gukoreshwa mu bundi buryo, aha agashaka gusubiramwo amajambo yahoze avuga, ko igihugu gishobora kwivuna mu gihe coramuka gitewe.
Amasanamu y'iyo defire yasohowe n'ibinyamakuru vya reta yerekana igisasu Hwasong-17 kiri mu bindi birwanisho vyerekanywe muri iyo defire. Korea ya Ruguru ivuga ko yagerageje ubwa mbere igisasu ca misire ICBM mu kwa gatatu.
Abahinga ba Korea y'Epfo bagumanye amakenga nimba iri gerageza ryagenze neza.
Mu bisanzwe, Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru) yama yerekana ibirwanisho vyayo bishasha ku madefire ya gisirikare aho kenshi aba agizwe n'imirongo miremire ya vya bimodoka ntamenwa, vya muzinga n'abasirikare.
Idefire ya gisirikare y'ejo ku wa mbere yarakurikiraniwe hagufi kuko uno mwaka Korea ya Ruguru imaze kugerageza ibisasu vya misire bitari bike, ivyatumye icuka kibi ciyongera kuri iki kirwa.
Itorwa riheruka rya Yoon Suk-yeol nk'umukuru w'igihugu mushasha wa Korea y'Epfo, na we nyene yiyamiriza bikomeye ibikorwa vya Korea ya Ruguru, na ryo ryaratosekaje imigenderanire.
Mu ntango z'uku kwezi, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Korea y'Epfo Suh Wook yavuze ko Korea y'Epfo ifise ubushobozi bwo gutera ibirindiro vya misire vya Korea ya Ruguru - ivyatumye Pyongyang iterwa n'uburakari.
Mu 2018 Kim Jong-un yashizeho ingingo ihagarika igeregeza rya misire zirasa kure n'ibirwanisho vya nikleyeri, inyuma y'ibiganiro hagati ya Donald Trump yari arongoye Amerika ico gihe.
Ariko mu 2020, Kim yavuze ko atari akigendera ku vyo yiyemeje.

Ahavuye isanamu, KCNA/Reuteres
Hagati aho, ubutegetsi bwa Biden bubandanya buvuga ko bwipfuza gusubira gutangura ibiganiro ataco burinze gusaba, ariko gushika ubu nta shaka bwerekana ryo kuvugana na Korea ya Ruguru isaba ko ibihano ruhasha yafatiwe bifutwa.
Ahubwo, Perezida Biden ashira imbere imigenderanire na Korea y'Epfo hamwe n'Ubuyapani, mbere akaba ashigikiye utwigoro tw'umukuru w'igihugu wa Korea y'Epfo, Moon Jae-In, two kworosha imigenderanire hagati y'ibi bihugu bibiri.
Hampande y'urukurikirane rw'ibikorwa vyo kugerageza za misire mu ntango z'uno mwaka, amasanamu y'ibigendajuru yarerekanye Korea ya Ruguru iri mu bikorwa vy'igerageza ry'ibirwanisho vya nikleyeri ku kigo ca Punggye-ri mu kwa gatatu, ivyatumye haba ubwoba ko ico gihugu gishobora gusubira gutangura kugerageza ibirwanisho vya nikleyeyi hamwe na misire zirasa kure.










