Korea ya Ruguru yagiriza Joe Biden kubandanya poritike y'urwanko ku mugambi wayo wa nikleyeri

Mu mpera za 2013, Joe Biden yarashitse mu karere katagiramwo abasirikare kagabura Korea zompi igihe yari icegera c'umukuru w'igihugu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu mpera za 2013, Joe Biden yarashitse mu karere katagiramwo abasirikare kagabura Korea zompi igihe yari icegera c'umukuru w'igihugu

Korea ya Ruguru yifatiye mu gahanga ubutegetsi bwa Biden mu gihe buriko bwitegura gushira ahabona ingamba zabwo zo guhangana na Pyongyang n'umugambi wayo wa nucléaire.

Umushikiranganji w'imigenderanire avuga ko amajambo Joe Biden aherutse gushikiriza yerekana ko afise intego yo gutsimbataza "poritike y'urwanko".

Mu ntango z'ino ndwi, Perezida biden yavuze ko umugambi wa nucléaire wa Korea ya Ruguru ari "akaga gakomeye" ku mutekano w'isi yose.

Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika) ivuga ko Perezida Biden ategura gufata inzira "itomoye kandi yizwe neza" kuri koreya ya Ruguru.

Ku wa gatanu, umuvugizi wa Maison Blanche, umupfasoni Jen Psaki yavuze ko isuzuma rya poritike ya Amerika ryaheze kandi ko Perezida Biden yigiye vyinshi ku kungene ubutegetsi bw'imbere yiwe bwagiye bugerageza, ariko bukananirwa, guhagarika umugambi wa nucléaire wa Korea ya Ruguru.

Amerika yiteze gukoranya abahanuzi mu vyo umutekano b'Ubuyapani na Korea y'Epfo kugira bahanahane ivyiyumviro kuri iki kibazo.

Mw'itangazo ryacishijwe mu binyamamakuru vya reta ku wa Mungu, umushikiranganji w'imigenderanire wa Korea ya Ruguru yavuze ko amajambo ya Perezida Biden ku mugambi wayo wa nucléaire - aho hari mw'ijambo yashikirije imbere y'inama nshingamateka na nkenguzamateka muri iyi ndwi - "adashobora kwihanganirwa" kandi ko ari "ukwihenda bikomeye cane".

Kwon Jong-gun wo mu gisata kijejwe ibibazo vya Amerika y'uburaruko mu bushikiranganji bw'imigenderanire avuga ati: "Ijambo ryiwe ryerekana neza ko afise intego yo gukomeza poritike y'urwanko kuri DPRK [Korea ya Ruguru] nk'uko vyamye bikorwa na Amerika mu kiringo c'imyaka 50 irenga".

Itangazo rindi ry'ubushikiranganji bw'imigenderanire rivuga ko amajambo yagiye avugwa yo kunegura ingene agateka ka zina muntu kifashe muri Korea y'Epfo yari ayo gutuka no gucafuza indongozi yayo Kim Jong-un akerekana kandi ko Amerika "yiteguriye guhangana vyeruye".

Igihe yibuka imisi 100 yari amaze ku butegetsi, Perezida Biden yabwiye inama nshingamateka na nkenguzamateka ko umugambi wa nucléaire wa Korea ya Ruguru, hamwe n'uwa Iran, ari "akaga gakomeye ku mutekano wa Amerika n'isi".

Ati: "Tugiye gukorana cane n'ibihugu ducuditse kugira ngo dutorere umuti izi ngorane zitewe n'ibi bihugu bibiri, tubicishije mu kuganira hamwe n'ingingo zikomeye mu ntumbero yo guhagarika iyi migambi yavyo".

Washington ivuga ko kuva hagati mu kwa kabiri iriko iragerageza kuvugana na Korea ya Ruguru.

Yafashe minenerwe igerageza rya misire zirasa hafi ryakozwe na Korea ya Ruguru mu kwezi guheze, ivuga ko ari "ibikorwa bisanzwe vya gisirikare" kandi ko ari "ibintu bisanzwe".

Gushika ubu, Korea ya Ruguru ntiremera ku mugaragaro Joe Biden nk'umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu gihe c'imyiyamamazo, Biden yita Kim ko ari "inkozi y'ikibi" kandi ko umugambi wa nucléaire wa Korea ya Ruguru utegerezwa kubanza guhagarara imbere y'uko Pyongyang itezurirwa ibihano vy'ubutunzi yafatiwe na Amerika hamwe na ONU.

Hasigaye akanya gato ngo Biden ashike ku butegetsi, Kim yashikirije ijambo aho yavuze ko Amerika ari we "mwansi rutura" w'igihugu ciwe, aca atangaza n'umugambi wiwe wo kwongereza ubutare bw'ubumara. Gusa, yongeyeko y'uko "atibagiye n'inzira y'ibiganiro".

Uwasubiriwe na Perezida Biden, Donald Trump, niwe yabaye umukuru w'igihugu wa Amerika wa mbere yabonanye amaso mu yandi na Kim - incuro zitatu zose. Hagati aho, vyaranse ko bashika ku masezerano ayo ari yo yose ku bijanye no guhagarika umugambi wa Korea ya Ruguru yo guhingura ibirwanisho vy'ubumara canke kuyikurako ibihano.