Ivyo tuzi ku mugambi wa Korea y’Uburaruko w’ibirwanisho vy’ubumara

Ahavuye isanamu, KCNA
Koreya y'Uburaruko imaze gutera intambwe nini mu mugambi wayo wo guhingura ibirwanisho, ivuga ko ikeneye mu ntumbero yo kwikingira, kuko ishobora guterwa na Amerika.
Koreya y'Uburaruko yinjiye mu 2021 n'ibombora ryinshi, yerekana ico iradiyo y'igihugu yise ''ikirwanisho ca mbere kw'isi gikomeye''.
Misire rutura itererwa mu mazi bita missile ballistique yerekanywe mu birori vya gisirikare vyabereye imbere y'indongozi Kim Jong - Un, hasigaye imisi mike ngo Joe Biden arahire mu mabanga y'umukuru w'igihugu.
Ububasha bw'ico kirwanisho gushika ubu ntibuzwi kubera bitazwi ko cageragejwe.
Kim yiyemeje kwongereza ubutare bw'ubumara n'ubushobozi bwa gisirikare, aca amenyesha n'ubwoko bw'ibirwanisho akeneye.
Ng'ibi ivyo tuzi ku mugambi wa Koreya y'Uburaruko wo guhingura ibisasu vya misire n'uguhingura ubutare bw'ubumara hamwe n'igisirikare cayo.
Misire zishobora gushikira Amerika
Mu mwaka w'i 2017 wose, Koreya y'Uburaruko yagerageje ibisasu vyinshi vya misire, ivyerekanye intambwe ikomeye ya gisirikare.
Igisasu ca Hwasong -12 kizwi ko gishobora kugera ku birometero 4500, ivyotuma gishika ku birindiro vy'inteko za gisirikare za Amerika biri mw'izinga rya Guam mw'ibahari Pacifique.
Inyuma yaho, igisasu ca Hwasong-14 cerekanye ubushobozi burengeye, kuko ivyigwa vyerekana ko gishobora kugenda gushika ku birometero ibihumbi cumi (10.000km) kirashwe ku muvuduko wo hejuru.
Ibi vyerekanye ko Koreya y'Uburaruko ifise ibisasu bigera kure cane, bigashobora no gushikira mu gisagara ca New York muri Amerika.
Igisasu ca Hwasong-15 coba carageragejwe kirashika ku burebure bw'ibirometero 4500 mu maduga - busumba incuro 10 ahari ikirindiro mpuzamakungu kijejwe ibirere (International Space Station).
Kirinze kiraswa mu makika, ico gisasu gishobora gushika ku birometero hafi 13.000, ni ukuvuga ko gishobora gushika aho ari ho hose ku butaka bwa Amerika.
Mu kwezi kwa 10 mu 2020, Koreya y'Uburaruko yarasubiye yerekana iyindi misire irasa kure.

Ahavuye isanamu, Inpho
Ntikiramenyekana izina canke ngo kigeragezwe. Nk'uko bimeze kuri misire ya Hwasong-15, ico gisasu gishobora no gutwara ibindi bisasu vyinshi.
Ico gisasu kinini kizwi ko gishobora kurekura ibisasu birimwo ubumara gushika ahariho hose muri Amerika, catangaje abantu kinatera amakenga abahinga igihe cageragezwa mu mwaka uheze.
Mu mezi aheze, mu kwa mbere mu 2021, Koreya y'Uburaruko yerekanye iyindi misire irasirwa mu bwato, hari mu myimenyerezo ya gisirikare, aho yavuze ko ari igisasu ca mbere kw'isi gikomeye.

Ahavuye isanamu, KCNA
Abahinga bavuga ko ukwo kwerekana ibisasu birasa kure vyasa n'ubutumwa buhawe ubutegetsi bwa Biden, mu kumwereka ubushobozi bwa gisirikare bw'ico gihugu.
Mu kwa gatatu, ico gihugu catanguje igikorwa cise "ubuhinga bushasha bwo kurasa".
Koreya y'Uburaruko yamenyesheje ko ico gisasu kirasa kure coshobora kwikorera amatoni 2.5, bikaba vyotuma gishobora gutwara ibisasu ruhonyanganda vy'ubumara.
Iyo misire ntiraboneka neza ariko abahinga bo ku kigo ''James Martin Centre for Nonproliferation" babariye ikinyamakuru Reuters ko bisa n'ukwo kiri mu bwoko bwahoraho bita KN - 23 congererejwe ububasha.
Kim aherutse kuvuga ko Amerika ari yo mwansi akomeye, igihe yerekana urutonde rw'ibirwanisho akeneye harimwo za misire zirasa kure zishobora kurasirwa ku butaka canke mu mazi zikoreye ibisasu bikomeye.
Koreya y'Uburaruko yaragerageje guteza imbere ibikoresho vy'intambara naho iri mu bihano vy'ubutunzi.
Ibibombe vya Hydrogen
Kuva k uwa 03 z'ukw'icenda 2017, Koreya y'Uburaruko yagerageje ikirwanisho c'ubumara itari bwigere igira, mu kigo cayo cigeragerezwamwo ivyo bigwanisho ca Punggye-ri.
Kivugwa ko cari gifise urugero rw'ibiturika ruri hagati ya kilotone 100-370. Ikibombe gifise inguvu z'ibiturika bipima kilotone 100 gusa, gishobora gusumvya inguvu ca kibombe caterwa Hiroshima mu 1945 incuro zitandatu zose.
Koreya y'Uburaruko yemeza ko iryo geragezwa ryabaye irya mbere ry'ikibombe ruhonyanganda c'ubumara gikozwe muri hydrogene.
Inzego z'igendereza mu gisirikare ca Amerika zemeza ko Koreya y'Uburaruko yashoboye gukora ibisasu bitoya vy'ubumara bishobora gutwarwa na misire.
Mu kwezi kwa 4 mu 2018 Koreya y'Uburaruko yamenyesheje ko ishobora kubangira igerageza ry'ibirwanisho vy'ubumara kuko yamaze kubona ubushobozi bwayo.
Koreya y'Uburaruko yaremeye ko yari gusambura ikigo ca Punggye-ri cageragerezwamwo ibirwanisho vya rutura, mu kwezi kwa 5 ica isambura bimwe mu binogo vyaco imbere y'abanyamakuru ariko ata bahinga mvamakungu bahari.
Pyongyang kandi yemeye ko yari gusambura ibibanza vyose ihinguriramwo ubutare bw'ubumara.
Abasirikare baharurwa mu mamiriyoni
Koreya y'Uburaruko iri mu bihugu bifise ibitigiri binini vy'abasirikare kw'isi - aho abarenga umuriyoni bakiri ku kazi, hamwe n'abandi hafi imiriyoni 5 bahamagagwa bikenewe (reservists).
Vyinshi mu bikoresho vyayo birashaje kandi ntibigikora, ariko ingabo zayo zishobora gukora ibara kuri Koreya y'Ubumanuko mugihe hoba ingwano.
Koreya y'Uburaruko ifise inteko zidasanzwe z'abasirikare hafi ibihumbi 200 zishobora gucengetera mu bumanuko mu gihe horinda haba amatati.
Bashobora gukoresha n'inzira zo mu kinyegero zo mu kuzimu hagati ya 20 na 25 biri mu karere katagiramwo inteko gatandukanya Koreya y'Ubumanuko na Koreya y'Uburaruko, ahatumbereye inteko za Amerika.
Iyindi ntambamyi ni ibigwanisho rututa na vya bikoho bitera za roketi Koreya y'Uburaruko yakwiragije ku rubibe rw'ico gihugu. Ivyo bisasu bishobora gutabagura Koreya y'ubumanuko, harimwo umugwa mukuru wayo Seoul, uri ku bilometero bidashika 60.
Ibirwanisho vy'ubumara bishobora kandi gukoreshwa. Mu 2012 leta ya Koreya y'Ubumanuko yasanze Koreya y'Uburaruko ishobora kuba ifise amatoni y'ubumara angana na toni 2055 na 5000, bugashobora n'ukuba aribwo bubiko bwa mbere bw'ubumara kw'isi.
Inteko za Amerika muri Koreya y'Ubumanuko no mu karere
Amerika ifise inteko za gisirikare mw'igimbakirwa rya Koreya (Korean Peninsula) kuva habaye intambara ya Koreya.
Uyu musi, Koreya y'Ubumanuko nico gihugu kigira gatatu kirimwo abasirikare ba Amerika benshi kw'isi aho abasirikare 28.500 bakwiragijwe hirya no hino mu gihugu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amerika yarashize muri Koreya y'Ubumanuko ikigo co gukinga ibitero vya misire (Terminal High Altitude Area Defense, THAAD), gishobora no gukoreshwa mu guhwamika Koreya y'Uburaruko no gukorora misire, zaba izirasa hafi canke kure, mu gihe hokwaduka intambara.
Mu karere hose, Ubuyapani bufise inteko za Amerika ziruta iziri ahandi hose mu bindi bihugu, aho iziriyo zishika ibihumbi 50, nyinshi muri zo zigizwe n'abarwanira mu mazi. Amerika irafise kandi ubwato butwara indege z'intambara mu Buyapani.
Mw'izinga rya Guam mw'ibahari Pacifique hariyo inteko za Amerika nyinshi, kenshi hanafatwa nk'ahatuye indege z'ingwano n'ibindi bikoresho.
Koreya y'Uburaruko iherutse kugabisha ko ishobora gutera za misire mu mazi akikuje izinga rya Guam.










