North Korea: Kim Jong-un yarahiye kwubaka 'igisirikare kidatsindwa'

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru wa Korea ya Ruguru yarahiye ko azokwubaka "igisirikare kidatsindwa" co guhangana n'imigambi iterekwa igihugu ciwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya reta.
Kim Jong-un yongeye avuga ko gukora ibigwanisho ari mu ntumebero yo kwikingira, atari ukurondera gutanguza intambara.
Kim ivyo yabivugiye mw'imurika ritaba kenshi ry'uburyo bwo kwivuna aho yari akikijwe n'ibisasu binini bitandukanye vya misire.
Muri iyi minsi Korea ya Ruguru yaragerageje ico ivuga ko ari ibisasu bishasha vya misire zinyaruka kurusha ijwi hamwe n'izo kurasa indege.
Korea y'Epfo nayo yagerageje ikigwanisho cayo kiraswa n'ubwato bugendera munsi y'amazi.
Mw'ijambo yashikirije muri iryo murika ryo kwivuna ry'uyu mwaka ryabereye ku murwa mukuru Pyongyang, aherekanywe ibigwanisho bitandukanye birimwo ibiduga ntamenwa, Kim yagize ico avuga ku bikorwa vyo gukomeza igisirikare muri Korea y'Epfo avuga ko igihugu ciwe kidashaka kurwanya igihugu kibanyi.
Yavuze ati: "Nta ntambara turimwo n'uwari we wese, ahubwo dushaka gukinga ko haba intambara kandi twongereze ibica intege zo gutera intambara kugira dukingire igihugu cacu".

Ahavuye isanamu, Reuters
Kim yagirije kandi Amerika gukokeza icuka kibi hagati ya Korea zompi.
Yongeye avuga ati nta "shingiro ry'inyifato rihari" ryotuma yibaza ko Amerika atari igihugu kiterekwa Korea ya Ruguru.
Amerika ku butegetsi bwa Prezida Joe Biden yagumye ivuga ko ifise ishaka ryo kuvugana na Korea ya Ruguru, ariko ko isaba ubutegetsi bw'ico gihugu kubanza guheba ibigwanisho vya nucleaire imbere y'uko ibihano bitezurwa. Gushika ubu Korea ya Ruguru yaravyanse.
Korea ya Ruguru ntiyemerewe na ONU kugerageza ibisasu vya misire "ballistic " hamwe n'ibigwanisho vya nucleaire. Ivyo yarabirenzeko gutyo nayo ica ifatirwa ibihano bikaze.
Mu kwezi guheze, urwego rwa ONU rugenzura ibigwanisho vya nucleaire rwavuze ko biboneka ko Korea ya Ruguru yasubiye kwatsa uruganda rwo guhingura plutonium yo gukora ibigwanisho vya nucleaire, ruvuga ko iyo ari intera "ihungabanya cane".
Korea ya Ruguru yagumye yemeza ko ikeneye gukora ibigwanisho kugira yivune.
Ariko abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko binakoreshwa mu kwiyegereza abanyagihugu bugarijwe n'ubukene. Korea ya Ruguru vyibazwa ko iri mu bukene bukabije kuva aho abategetsi bugariye imbibe mu kwirinda ikwirakwira rya Covid -19.
Ivya nkenerwa nk'ivyo kurya n'ibitoro ntibikiza bivuye mu Bushinwa, igihugu ca mbere mu gucudika na Korea ya Ruguru muri poritike no mu butunzi.










