Korea ya Ruguru yarashe za misire ruhonyanganda, nk'uko bivugwa n'igisirikare ca Korea y'Epfo

Indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un

Korea ya ruguru yarashe ibisasu bibiri ruhonyanganda vyo mu bwoko bwa ballistic (missiles ballistiques/ballistic missiles) ku nkengera yayo, nk'uko vyemezwa n'abategetsi ba gisirikare ba Korea y'Epfo ihana urubibe nayo.

Eka n'Ubuyapani butangaza ko bwabonye ikintu catewe, kandi ko gishobora kuba ari igisasu ruhonyanganda.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Yoshihide Suga avuga ko iterwa ry'ibi bisasu ari "akaga" kabangamiye amahoro n'umutekano mu karere kose.

Iri ni igerageza rigize kabiri ry'ibirwanisho rikozwe na Korea ya Ruguru muri ino ndwi yonyene.

Ntibizwi neza aho izo misire zatumberejwe canke intera yazo, ariko ihuriro ry'abakuru ba gisirikare ba Korea y'Epfo rivuga ko igisirikare c'iki gihugu cari kimeze magabo gifadikanije na Amerika.

Kugerageza misire ruhonyanganda zo mu bwoko kwa ballistic biteye kubiri n'amasezerano ya ONU afise intumbero yo guhagarika ibikorwa vya nikleyeri vya Korea ya Ruguru.

Ku wa mbere, Korea ya Ruguru yaragerageje misire irasa kure (cruise missile/missile de croisière) ishobora gukubita igice kinini c'Ubuyapani.

Hari haciye imisi mike Korea ya Ruguru igerageje misire irasa kure (cruise missile/missile de croisière)

Ahavuye isanamu, KCNA

Insiguro y'isanamu, Hari haciye imisi mike Korea ya Ruguru igerageje misire irasa kure (cruise missile/missile de croisière)

Abahinga bavuga ko iyi misire irasa kure ishobora kuba yari itwaye ibindi bisasu vy'ubumara.

Inama ya ONU ijejwe umutekano kw'isi ntibuza igerageza ry'ubu bwoko bwa misire.

Ariko ifata ko ballistic missiles/missiles ballistiques ziteye ubwoba gusumba kubera zishobora gutwara ibisasu vy'ubumara vyinshi kandi bikomeye cane, bigashika kure kandi ku muvuduko udasanzwe.

Korea ya Ruguru ihanganye n'ubukene bw'imfungurwa n'ubutunzi bugeze ahatemba - ibi bikaba bituma abantu bibaza ingene ishobora kuba igifise ubushobozi bwo guhingura ibirwanisho.

Igihugu kimaze umwaka urenga ciyugaranye. Carahagaritse urudandaza n'incuti yaco ya hafi cane, Ubushinwa, mu ntumbero yo kuzibira coronavirus.

Kuri uyu wa gatatu, vyitezwe ko umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubushinwa abonana na mugenziwe wa Korea y'Epfo i Séoul.

Bimwe mu vyo bashobora kuvuganako, harimwo umugambi wa Korea ya Ruguru wo guhingura ibirwanisho hamwe n'ibiganiro vyahagaze vyari bifise intumbero yo guhagarika umugambi wa Korea ya Ruguru wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara.

Mu kwa gatatu kw'uno mwaka, Pyongyang yararenze ku bihano yafatiwe maze igerageza misire ruhonyanganda za ballistic, ingendo yiyamirijwe bikomeye na Amerika, Ubuyapani hamwe na Korea y'Epfo.

Hanyuma mu kwezi guheze, ishami rya ONU rijejwe kurwanya ibirwanisho vy'ubumara ryatangaje ko Korea ya Ruguru isa n'iyatanguye umugambi wo kwimbura ubutare bwa Plutonium bukoreshwa mu guhingura ibirwanisho vy'ubumara, aho ryavuze ko ari ikibazo "giteje impungenge zikomeye".