Umukuru wa Korea y'Uburaruko Kim Jong-un yiyemeje kurwiza ibirwanisho vy'ubumara

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru wa Koreya y'Uburaruko Kim Jong-un avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari wo "mwansi mukuru" w'igihugu ciwe kandi ko atizeye ko Washington ishobora guhindura politike yayo kuri Pyongyang - yaba uwo ari we wese azorongora ico gihugu.
Mw'ijambo yashikirije ikoraniro kaminuza ry'umugambwe wiwe, umugambwe w'Abakozi, Kim yemereye abanyagihugu ko agiye kwongereza ibirwanisho vy'ubumara vya Koreya y'Uburaruko hamwe n'inguvu za gisirikare.
Avuga ko integuro z'ugukora ubwato bw'ubumara zisa n'izarangiye.
Avuze aya majambo mu gihe umukuru w'igihugu wa Amerika aherutse gutorwa Joe Biden yitegurira gushikirizwa amabanga.
Abihweza ibintu n'ibindi babona ko amajambo ya Kim ari uburyo bwo gutera igitsure kuri reta yimirije, mu gihe Biden yitezwe kurahira ku wa 20 z'uku kwa mbere.
Kim yari asanzwe afitaniye imigenderanire myiza na Perezida Donald Trump agiye kuva ku butegetsi, n'aho ibiganiro ku mugambi wa Koreya y'Uburaruko wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara ata kinini vyashitseko.
Muri iryo jambo yashikirije iryo koraniro kaminuza rigize umunani, Kim yavuze ko Koreya y'Uburaruko ititeze gukoresha ibirwanisho vyayo vy'ubumara kiretse habaye "umwansi" atanguye kubikoresha kuri iki gihugu.
Itororokanirizo ry'amakuru rya reta KCNA ritangaza ko yavuze y'uko Amerika ari yo "ntambamyi nyamukuru kw'iterambere ry'igihugu ikongera ikaba umwansi wacu nyamukuru ... umuperezida uwo ari we wese, urwanko ifitiye Koreya y'Uburaruko ntiruzigera ruhinduka".
Mw'iryo jambo ryiwe, yashikirije urutonde rw'ibirwanisho yipfuza, harimwo na za misire zishobora kugera kure kandi zishobora gutererwa haba ku butaka canke mu mazi, hamwe rero n'ibibombe bikomeye.
Koreya y'Uburaruko yarashoboye kwongereza ibirwanisho vyayo n'aho isanzwe yarafatiwe ibihano vy'ubutunzi.
Mu ntango z'iyi ndwi, Kim yaremeje ko integuro yiwe yari afise mu vyo ubutunzi yananiwe no gushika ku ntego hafi "mu bisata nka vyose".
Koreya y'Uburaruko yarugaye imipaka mu mpera z'ukwa mbere kw'umwaka uheze kugira ngo izibire umugera wa Covid-19, ikabandanya ivuga ko gushika ubu ata muntu n'umwe arigera yandura uwu mugera.










