Russia yasubiye kwemerera North Korea incanco za Covid-19 mu gihe ibintu bimeze nabi

Kim Jong-un aherutse kwemera ku mugaragaro ko igihugu kiri mu ngorane z'ibifungurwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kim Jong-un aherutse kwemera ku mugaragaro ko igihugu kiri mu ngorane z'ibifungurwa

Uburusiya bwasubiye kwemerera Korea ya Ruguru incanco za Covid, mu gihe bivugwa ko ingingo zikomeye zo kuzibira coronavirus ziriko zituma abanyagihugu baterwa n'inzara ruhebwa.

Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru) yaranse incanco hamwe n'imfashanyo yari yemerewe n'ibihugu bitari bike.

Ahubwo yahisemwo kwugara imbibe zayo mu ntumbero yo kugerageza kuzibira uwu mugera ariko ibi vyagize ingaruka mbi ku bucuruzi yakorana n'Ubushinwa. Imfungurwa, ifumbire n'ibitoro vyari bisanzwe biva muri iki gihugu.

Kim Jong-un yaramaze kwemera ko igihugu ciwe gihanzwe n'ubukene bw'imfungurwa, akavuga ko ibintu "bimeze nabi".

Yavuze ibi mu kwezi guheze yongera abwira abanyagihugu kwitegurira "ibihe bibi cane" vyibutsa ikigoyi cihaye inkumbi mu myaka ya 1990.

Ibihano iki gihugu cafatiwe mu vyo ubutunzi na vyo bizwi ko vyunyuye ibintu ku bijanye n'ubukene bw'imfungurwa.

Uburusiya bwarabwiye Korea ya Ruguru ko "atari bose bashobora kwihanganira izi ngingo nk'izi zitari bwigere zibaho kandi zikomeye gutya ", hanyuma ejo ku wa gatatu umushikiranganji w'imigenderanire, Sergey Lavrov, akaba yavuze ko Moscou yemereye incuro zitari nke Pyongyang incanco.

Yasubiye kandi kwemera guha izo ncanco ico gihugu mu gihe cozikenera.

Korea ya Ruguru ivuga ko ata muntu n'umwe mu gihugu arandura Covid, ariko abahinga bafise amakenga.

Mu ndwi iheze, umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru yarabogojwe yagirizwa "ikosa rikomeye" ariko ritamenyeshejwe, bikikekwa ko ryoba rifitaniye isano n'ivy'uwu mugera.

Ibimenyeshamakuru vyo muri Korea ya Ruguru vyagiye kumenyesha mu nyuma ko uyo mutegetsi yari Ri Pyong Chol, umwe mu bategetsi bakuru ba gisirikare.

Kim Jong-un yaridogeye kandi abategetsi bakuru ku tunenge tujanye na Covid-19, nk'uko ikinyamakuru ca reta ya Korea ya Ruguru cabitangaje mu kwezi guheze.

Cari ikintu kidakunze kuboneka cerekana ko iki kiza giteye isibe muri Korea ya Ruguru.

Ubushinwa na Korea y'Epfo biri mu bihugu bitari bike biherutse kwemerera Pyongyang incanco.